2 Timoteyo1

1Jewe Pawulo, intumwa ya Yesu Kristo, natoranijwe mu kugomba kw’Imana, ndabihawe n’isezerano ry’ubuzima riri muri Kristo Yesu,
2Ndakwandikiye mwana wanje nkunda Timoteyo:
Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.

Pawulo ashima Imana

3Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenze ijoro n’umutaga.4Nama nibuka amarira yawe igihe twatandukana, bikantera kwipfuza gusubira kukubona kugira ngo nuzure umunezero.5Nama nibuka ukwizera kwawe kwabanje kuba muri nyokuru wawe Lowisi no muri nyoko Ewunise, ubu naho kukaba kubandanya kuba muri wewe.

Pawulo ahanura Timoteyo

6Ni co gituma ndakwibutsa kwongera kwatsa ingabire Imana yaguhaye igihe nakurambikako ibiganza.7Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.8Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza.9Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,10ariko buhishurwa mu kuza kw’umukiza wacu Kristo Yesu, uwasambuye rwose ububasha bw’urupfu, agashira ahabona ubuzima n’ukudapfa biciye mu Butumwa Bwiza.11Kandi Imana yantoranirije kuba umuvuzi w’ubwo Butumwa Bwiza, nk’intumwa n’umwigisha.12Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.
13Wame ufatira akarorero ku nyigisho z’ukuri wanyumvanye, uhagarare mu kwizera, no mu rukundo dufise muri Kristo Yesu.14Uzigame ingabire nziza wabikijwe, ufashijwe n’ububasha bwa Mpwemu Yera aba muri twebwe.

Abataye Pawulo n’abamugumyeko

15Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni.
16Ariko Imana igirire ubuntu abo mu nzu kwa Onesiforo, kuko yangendeye kenshi akandemesha. Ntiyigeze aterwa isoni n’uko ndi mw’ibohero.17Igihe yaza i Roma, yarandondeye hose gushika antoye.18Umwami Imana amuhe kuzobona ubuntu buva kuri Kristo ku musi azogarukirako. Murazi ingene yamfashije mu buryo bwinshi igihe nari muri Efeso.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e