1 Timoteyo6
1Abari mu buja bamenye ko ba shebuja bakwiye icubahiro cose, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho zacu ntibitukwe.2Kandi abafise ba shebuja bizera Imana, nta mvo n’imwe yo kutabubaha kubera ko ari bene Data. Ahubwo bakwiye kurushirizaho kubakorera neza nka bene Data, kuko na bo bitaho ineza y’abo bari mu buja. Ivy’abigisha b’ibinyoma n’abakunda amahera
Ivyo bibe ari vyo uzohimiriza abantu.3Abigisha inyigisho zidahuye n’ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yigishije ari vyo bizana ukugororoka,4baba buzuye ubwibone n’ukwishira hejuru n’ukubura ugutahura. Bafise impwemu yo kuvuga no guharira ku majambo. Ivyo nta kindi bizana atari ishari, ibihari, ibitutsi, ukwikekana,5hamwe n’uguterana amajambo bikunda kuba hagati y’abantu bazimiye mu bwenge, bataye ukuri, kandi bigira abagororotsi kugira ngo bashike ku nyungu zabo mbi.6Ariko ukugororoka n’uguhazwa n’ivyo umuntu afise bigira ikimazi kinini cane.7Kukaba nka ko, nta co twazanye kw’isi kandi nta co tuzojana tuyivuyeko.8Iyo turonse ivyo turya n’ivyo twambara, biba bidukwiye.9Abafise inyota nyinshi yo gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu kandi bibabaza, bibatwara mu kwononekara no guhona.10Kuko ugukunda amahera ni wo muzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuyaronka, maze bazimirira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.
Ubuntu bubane namwe mwese.

Impanuro ya nyuma
11Ariko wewe muntu w’Imana, hunga ivyo vyose, ukurikirane ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubugwaneza.12Ugwane intambara y’ukwizera. Uzigame cane ubugingo budashira wahamagariwe, igihe wagira ukwatura kwiza imbere y’ivyabona vyinshi.13Kandi ndakwinginze imbere y’Imana, yo itanga ubuzima kuri bose, n’imbere ya Kristo Yesu yashinze intahe nziza imbere ya Pontiyo Pilato,14ngo ukurikize ivyo ndakugeze, utagira umugayo gushika aho Umwami wacu Yesu Kristo azohishurirwa.15Kuko igihe gikwiye kigeze, Kristo azohishurwa avuye mw’ijuru, ahishuwe n’Imana nyaguhezagirwa, Imana nyene inganji, Umwami w’abami kandi Uwuganza abatware.16Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kuwegera, iyo ata muntu n’umwe arayibona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen.17Wigishe abafise ubutunzi bwo muri iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo bitunezereze.18Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi.19Nibakora uko, bazoba bariko bariziganiriza ubutunzi ngo bubabere urufatiro rwiza rwa kazoza aho bazogira ubuzima nyakuri.20Ewe Timoteyo, uzigame neza ico wahawe. Wirinde ibiyago birimwo kutubaha Imana, n’impari zirimwo ubupfu hagati yawe n’abakurwanya biyita abanyabwenge kuko bidahwanye n’ukwizera.21Bamwe barataye ukwizera bakurikira ubwo bupfu.Ubuntu bubane namwe mwese.
Biblica, Inc.