2 Tesalonike3

Gusaba amasengesho

1Mu kurangiza, bene Data, mudusengere kugira ngo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami bwamamare ningoga kandi ijambo ryiwe ryubahwe nk’uko ryubashwe muri mwebwe.2Mudusengere kandi kugira ngo Imana idukize abanyakibi, kuko abantu bose si abizera.3Ariko Umwami ni umwizigirwa, azobakomeza yongere abarinde wa mubi.4Dufise ukwizera mu Mwami ko mukora kandi ko muzoshishikara mukora ivyo tubahanura.5Umwami arongorere imitima yanyu mu rukundo rw’Imana no mu kwihangana kuva kuri Kristo.

Kugwanya ubunebwe

6Bene Data, turabageze mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo mwirinde uwitwa mwene Data wese mugabo w’ikinebwe, atagendera mu nyigisho twabahaye.7Kuko mwebwe nyene murazi ingene mubwirizwa gukurikira akarorero twabahaye. Ntitwigeze tuba ibinebwe igihe twari kumwe namwe,8kandi nta we twigeze turira ivyokurya tutabimuguriye. Ahubwo twakora ijoro n’umurango, tukaruha, tukabira icuya kugira ngo ntihagire uwo turemera muri mwebwe.9Twari dufise uburenganzira bwo gufashwa namwe, ariko ntitwabikoze kuko twashaka kubabera akarorero mwokurikiza.10N’igihe twari kumwe namwe twamye tubaha icagezwe kivuga ngo: “Uwudashaka gukora no kurya ntakarye.”
11Twarumvise ko bamwe muri mwebwe ari ibinebwe. Bareka gukora ariko bakita mu bitabaraba.12Abo bantu turabategetse tubinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo ngo bame bakora kugira ngo babone kwibeshaho.13Namwe bene Data, ntimukadendebukirwe gukora ineza.
14Mwitegereze neza uwo wese atumvira ivyo tubabwiye muri rino kete. Mwen’abo mubigire kure kugira ngo bitume bamaramara.15Ntimuze mubafate nk’abansi banyu, ariko mubaburire nk’abavukanyi.

Gusezera

16Umwami w’amahoro we ubwiwe abahe amahoro ibihe vyose no mu buryo bwose. Umwami abane namwe.
17Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje, ni co kimenyetso cerekana ko amakete ari ayanje. Uku ni ko nandika.
18Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e