2 Tesalonike2
Kudahagarikwa imitima no kugaruka kwa Yesu
1Bene Data, ku vyerekeye ukugaruka kw’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’ingene tuzomusanganira tukabana na we,2turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe, vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete, bibabwira ko umusi w’Umwami wacu wamaze gushika.3Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka.4Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.5Mbega ntimwibuka ko nkiri kumwe namwe ibi nahora ndabibabwira?6Kandi murazi ko igitumye ataraza ubu, ari kugira ngo azohishurwe igihe gikwiye kigeze.7Kuko ubushobozi bw’umugararizo n’ubu buriko burakorera mw’ibanga, kandi buzoguma gutyo gushika ikimutangira kivuye mu nzira.8Aho ni ho wa muntu w’umugarariji azoca amenyekana, uwo Umwami Yesu azokwicisha impwemu zo mu kanwa kiwe, agasangangurwa n’ugukayangana kw’ukuza kwiwe.9Kuza kw’uwo mugarariji, kuzogaragazwa n’ibikorwa vya Satani, n’ubushobozi bwo gukora ibimyenyetso n’ibitangaza kugira ngo azimize abantu.10Azokoresha uruhendo rw’uburyo bwose kugira ngo azimize abariko baja mu mahonero, kuko banse gukunda no kwemera ukuri ari kwo kwari kubakiza.11Ni co gituma Imana ibarungikira ububasha bw’ubuzimire kugira ngo bemere ivyo binyoma,12hanyuma kubera yuko banse kwizera ukuri, ariko bakanezerererwa ikibi bazocirirwe urubanza.Guhagarara dushikamye
13Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data mukundwa n’Imana, kuko Imana yabatoranije ngo mube mu bantu ba mbere bakijijwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri.14Yabahamagariye agakiza biciye mu Butumwa Bwiza twababwiye, kugira ngo muzosangire ubwiza n’Umwami wacu Yesu Kristo.15None rero bene Data, mushikame, mwumire ku vyo twabigishije, haba mu majambo twababwiye canke mw’ikete twabandikiye.16Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, hamwe n’Imana Data wa twese batweretse urukundo ruhebuje, kandi ku bw’ubuntu baduha ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza.17Babaremeshe mu mitima yanyu bongere babahe inkomezi zo kwama mukora ivyiza mu bikorwa no mu majambo muvuga.Biblica, Inc.