2 Korinto3

1Mbega ubu dusubiriye gutangura kwimenyekanisha? Canke dukeneye amakete yo kutumenyekanisha mwandikirwa nk’uko biba ku bandi canke bakabasaba ngo muyandike Ku bwabo?2Ni mwebwe nyene makete yacu yanditswe mu mitima yacu, ayo bose basoma bagatahura.3Muragaragaza ko muri ikete ryanditswe na Kristo, ryavuye mu gikorwa cacu, ritanditswe n’irangi ry’ikaramu, ariko ryanditswe na Mpwemu w’Imana nzima, atari ku bisate vy’amabuye ariko ku bisate vy’imitima y’abantu.
4Ivyo turabizi neza kubera ukwizigira Imana guhambaye dufise muri Kristo.5Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.6Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.

Ubwiza butangaje bw’isezerano rishasha

7Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, vyandikanywe ubwiza bw’Imana, ku buryo Abisirayeli batashobora kuraba mu maso ha Mose kubera ukwo gukayangana, n’aho kwari ukw’akanya gato,8mbega igikorwa ca Mpwemu Yera ntikizorushiriza kugira ubwiza burengeje?9Nimba igikorwa catuma dutsindwa cari cisakaye ubwiza nk’ubwo, mbega igikorwa kituzanira ukugororoka ntikizorushiriza kwambara ubwiza buhebuje?10Mbere twovuga n’uko ubwo bwiza bwa mbere atari n’ubwiza ubugereranije n’ubw’ino nzira nshasha.11Kandi nimba ivyo vya kera bihera vyari vyuzuye ubwiza, mbega ibishasha bizohoraho ntibizorushiriza kugira ubwiza burengeje?
12Ko dufise ivyo vyizigiro, dufise ugushira amanga.13Ntitumeze nka Mose yahisha mu maso hiwe n’igitambara kugira ngo Abisirayeli ntibabone ukwo gukayangana, kandi kwari ukw’akanya gato.14Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwijima, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’Isezerano rya Kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.15No gushika uno musi, iyo basomye ivyanditswe na Mose, ico gitambara kiguma gipfutse imitima yabo, bigatuma badatahura.16Ariko iyo umuntu ahindukiriye Umwami Yesu, ca gitambara gica kimuvako.17Umwami ni we Mpwemu, kandi aho Mpwemu w’Imana ari haba umwidegemvyo.18Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari Mpwemu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e