2 Korinto2
1Ni co gituma nafashe ingingo yo kudasubira kubagendera kugira ngo sinongere kubazanira umubabaro.2Kuko nimba narabateye umubabaro, none ni ba nde bandi basigaye bo kuntera umunezero atari mwebwe nababaje?3Nabandikiye kurya kugira ngo ninaza sinzobabazwe n’abari kuntera umunezero. Ndizera neza ko iyo nezerewe munezeranwa nanje.4Nabandikiye mfise agahinda n’umubabaro mwinshi bivanze n’amarira, atari kugira ngo ndabatere imibabaro, ariko nipfuza ko mumenya urukundo rwinshi ndabakunda.
Muharire ababagirira nabi
5Nimba hariho uwabateye umubabaro, si jewe yabikoreye, ni mwebwe mwese yabikoreye, canke bamwe muri mwebwe, kandi aha sindengeje urugero.6Abenshi muri mwebwe mwaramugwanije kandi ico gihano yahawe kiramaze.7Ni co gituma ubu hageze ko mumuharira, mukamwirura, ahandi ho umubabaro womuca intege.8Ndabinginga rero ngo musubire mumwereke urukundo.9Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose.10Uwo muntu mumuhariye, nanje nzoba ndamuhariye. Kandi igihe cose bikenewe ko ntanga imbabazi, ndabikora ku bwanyu ndi imbere ya Kristo,11kugira ngo Satani ntaronke aho adufatira, kuko tutayobewe urwenge rwiwe.Umwitwarariko n’ukuremeshwa vya Pawulo
12Igihe naja i Tirowa kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo, nasanze Imana yanyugururiyeyo imiryango.13Ariko nagumanye umutima uhagaze kuko ntasanzeyo mwene Data Tito. Ni co gituma naciye ndabasezera nkaja i Makedoniya.14Ariko Imana ishimwe, yo yatugize imbohe zayo, ikaguma iturongora ubudasiba mu rugendo rwo kwigina intsinzi ya Yesu, kandi ikaduha gukwiza hose ubumote bwiza bwa Kristo, n’ukuvuga kumumenyekanisha ahantu hose.15Kuko ku Mana turi ubumote bwiza bwa Kristo, buduga kuri Yo, bumotera abariko barakizwa n’abariko barahona.16Ku bariko baja mu mahonero turi umunuko w’urupfu no gutikizwa. Ariko ku bariko barakizwa turi akamoto keza k’ubuzima. Mbega ni nde abereye gukora igikorwa nk’iki?17Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.Biblica, Inc.