1 Abami9
Uhoraho yiyereka Salomo
1Salomo ahejeje kwubaka Ingoro y’Uhoraho n’ikirimba c’umwami, agashika no ku vyo yari yaripfuje gukora,2Uhoraho amwiyereka ubugira kabiri, nka kumwe yari yaramwiyerekeye i Gibeyoni.3Uhoraho aramubwira ati:“Numvise ugusenga n’ukwinginga kwawe, maze ndobanura iyi Ngoro wubatse, ngo yitirirwe izina ryanje ibihe bidashira. Amaso yanje n’umutima wanje bizokwama kuri yo.4Nawe niwagendera imbere yanje mu bwizigirwa n’umutima utunganye no mu bugororotsi nk’uko so Dawidi yabigira, ugakora ivyo nagutegetse vyose, ugakurikiza amategeko n’amabwirizwa yanje;5nzokomeza intebe yawe y’ubwami mu Bisirayeli ibihe vyose, nk’uko nasezeraniye so Dawidi aho navuga nti: ‘Mu ruvyaro rwawe ntihazokwigera habura uwuganza ku ngoma y’Abisirayeli.’6Ariko wewe n’uruvyaro rwawe nimwamvako, mugata amategeko n’amabwirizwa nabahaye, mukaja gukorera izindi mana mukazisenga;7nanje nzorandura Abisirayeli mu gihugu nabahaye, n’iyi Ngoro neguriye izina ryanje nzoyishibura imve mu maso. Ihanga rya Isirayeli nzorigira iciro ry’imigani mu yandi mahanga.8Kandi naho iyi Ngoro yari iteye igomwe, abazoyica i ruhande bazogira ubwoba batangare, hanyuma bitwengere bavuga bati: ‘Ni igiki catumye Uhoraho agirira atya iki gihugu n’iyi Ngoro?’9Abantu bazobishura bati: ‘Ni ukubera bataye Uhoraho Imana ya ba sekuruza yabakuye muri Egiputa, bagahindukirira izindi mana, bakazisenga kandi bakazikorera; ni co gituma Uhoraho yabateje ivyo vyago vyose.’ ”
Ibindi bikorwa Salomo yakoze
10Haheze imyaka mirongo ibiri, iyo Salomo yubatsemwo izo nyubakwa zibiri ari zo Ngoro y’Uhoraho n’ikirimba c’umwami,11umwami Salomo aca aha Hiramu umwami w’i Tiro ibisagara mirongo ibiri vy’i Galilaya, kuko Hiramu ari we yamuhaye amasederi n’ubujwari hamwe n’inzahabu yari akeneye.12Ariko Hiramu avuye i Tiro akaja kuraba ivyo bisagara Salomo yamuhaye, ntivyamuhimbara.13Aramubaza ati: “Ibi ni ibisagara nyabaki umpaye ga mugenzi?” Aca avyita intara ya Kabuli, ni ko hitwa gushika n’ubu.14Hiramu yari yahaye umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu.15Ibi bikurikira ni vyo vyerekana ibikorwa biruhisha umwami Salomo yategekanije kugira ngo ashobore kwubaka Ingoro y’Uhoraho, ikirimba ciwe, impome zishigikira inkombe, inzitiro za Yerusalemu, hamwe n’ibisagara Hazori Megido na Gezeri.16Farawo umwami wa Egiputa yari yarateye igisagara ca Gezeri, aragifata, aragiturira. Yica Abanyakanani bakibamwo, maze agiha umukobwa wiwe nk’ingabire yo ku bukwe bwiwe igihe yarongorwa na Salomo.17Salomo aca asubiramwo kwubaka Gezeri, yubaka n’ibisagara vy’epfo ya Beti-Horoni,18Bayalati na Tadumori mu ntara iri mu gihugu ciwe mu bugaragwa,19hamwe n’ibisagara vyose vy’ububiko, n’ivy’imikogote n’amafarasi yiwe; ivyo yipfuje vyose kwubaka i Yerusalemu, i Libani no mu gihugu cose aho yaganza.20Hari hakiriho amasigarira y’Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi. Abo bo ntibari Abisirayeli.21Yari amoko Abisirayeli batashoboye kurandura, yakomoka ku mahanga yahora aba muri ico gihugu. Nuko Salomo aca afata abo bantu bose abagira abagurano, abashingira ibikebere ngo bakore ibikorwa vy’agahato, nk’uko biri kugeza n’uwu musi.22Ariko Salomo nta Mwisirayeli n’umwe yagize umugurano, ahubwo yabagize abo kugwana: abatware, intwazangabo, abasoda bakurubakuru, abagwanira ku mikogote n’abarongozi babo.23Abo batware bari bajejwe ibikorwa vya Salomo, kandi amajana atanu na mirongo itanu bo muri bo bagakurikirana abantu bari ku bikorwa vy’umwami.24Umukobwa wa Farawo amaze kuva mu Gisagara ca Dawidi akaja mu ngoro Salomo yamwubakiye, Salomo yaciye yubaka impome zikingira inyubakwa.25Salomo yama atanga gatatu ku mwaka ibimazi bituriwe n’ibimazi vy’ishimwe, akabitangira ku gicaniro yubakiye Uhoraho, akabiturirana n’ibimota neza imbere y’Uhoraho. Uko ni ko yatunganije ibikorwa vyo muri iyo Ngoro.26Umwami Salomo yongera akora amato, ayakorera ahitwa Eziyoni Geberi, ikivuko co hafi ya Elati muri Edomu, ku nkengera y’Ikiyaga Gitukura.27Maze Hiramu arungika abahinga bo gutwara ubwato ngo bakorane n’abakozi ba Salomo.28Nuko barasoza bashika muri Ofiru, bagaruka bazanye italanto amajana ane na mirongo ibiri z’inzahabu bazishikiriza umwami Salomo.Biblica, Inc.