1 Abami8

Isandugu y’Isezerano yinjizwa mu Ngoro

1Nuko umwami Salomo aca atumako abakuru b’Abisirayeli, abatware b’imiryango bose n’abaserukira amazu y’Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu kugira ngo bazane Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho, bayikure aho yari iri i Siyoni mu Gisagara ca Dawidi, bayijane mu kibanza gishasha kiri muri iyo Ngoro.2Abisirayeli bose bakoranira imbere y’umwami Salomo ku musi mukuru w’insago, hari mu kwezi kw’indwi ari kwo Etanimu.
3Abakuru bose b’Abisirayeli bamaze gushika, abaherezi baterura ya sandugu barayidugana,4badugana Isandugu y’Uhoraho n’Ihema ry’Ibonaniro, badugana n’ibikoresho vyose vyakoreshwa muri ryo.5Umwami Salomo n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bari bakoraniye hamwe na we bari imbere y’iyo sandugu, batanga ibimazi vyinshi vy’intama n’inka bitashoboye kwandikwa canke ngo biharurwe.
6Abo baherezi baca bajana iyo Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho aho yateguriwe mu gice c’imbere mu Ngoro, ari ho hitwa Ahera Cane, baca bayishira musi y’amababa ya ba bakerubi.7Abo bakerubi bari bashanje amababa hejuru y’aho iyo sandugu yari iri, agapfuka isandugu hamwe n’imyamba bayireruza.8Iyo myamba yari miremire ku buryo umuntu ari Ahera yashobora kubona aho igarukira. Ariko umuntu atarashika Ahera, ntivyashoboka ko ayibona; kandi iracariho gushika n’uwu musi.9Nta kindi kintu cari muri iyo sandugu kiretse vya bisate vy’amabuye Mose yashiramwo ari i Horebu, aho Uhoraho yagiraniye isezerano n’Abisirayeli bamaze kuva muri Egiputa.
10Abaherezi bamaze gusohoka bakava muri ico cumba c’Ahera, igicu cakaka kiraza cuzura mu Ngoro y’Uhoraho.11Abaherezi ntibaba bagishobora gukora igikorwa cabo kubera ico gicu, kuko ubwiza bw’Uhoraho bwari bwuzuye Ingoro y’Uhoraho.
12Maze Salomo avuga ati: “Ewe Uhoraho, wavuze ko uba mu gicu c’umwijima w’umuzitanya.13Ariko jewe nakwubakiye vy’ukuri Ingoro y’igitangaza, ikibanza uzokwiberamwo ibihe vyose.”
14Ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rigihagaze ngaho, umwami arahindukira arabahezagira.15Maze avuga ati:
“Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ahimbazwe, we ashikije n’amaboko yiwe ivyo yari yarasezeraniye data Dawidi n’akanwa kiwe, aho yavuga ati:
16‘Uhereye umusi nakuriye ubwoko bwanje bw’Abisirayeli muri Egiputa, sinigeze ntoranya igisagara na kimwe co mu miryango ya Isirayeli ngo cubakwemwo Ingoro yitirirwa izina ryanje, ariko natoranije Dawidi kugira ngo abe ari we aganza abantu banje b’Abisirayeli.’
17Data Dawidi yari afise ku mutima umugambi wo kwubakira Ingoro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli.18Ariko Uhoraho amubwira ati: ‘Wagize neza kwiyumvira kwubakira Ingoro izina ryanje,19ariko si wewe uzoyubaka. Umuhungu wawe, uwo wivyariye, ni we azokwubakira Ingoro izina ryanje.’
20Uhoraho yazigamye isezerano ryiwe. Yansubije mu gishingo ca data Dawidi; none ubu nicaye ku ntebe y’ubwami bwa Isirayeli, nk’uko Uhoraho yabisezeranye, kandi nanje nubatse Ingoro yo guhesha icubahiro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli.21Nateguye ikibanza muri yo co kubikamwo ya sandugu, irimwo rya sezerano Uhoraho yagiranye na ba sogokuruza igihe yabakura muri Egiputa.”

Isengesho rya Salomo

22Maze Salomo ahagarara imbere y’igicaniro c’Uhoraho n’imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli agorora amaboko ayerekeje mw’ijuru.23Nuko aravuga ati:
“Ewe Uhoraho Mana ya Isirayeli, nta yindi Mana ihwanye nawe mw’ijuru hejuru no mw’isi hasi, wewe uzigama isezerano wagiriye abasavyi bawe, bagukurikira n’imitima yabo yose.
24Wazigamye isezerano wagiriye data Dawidi umusavyi wawe, urisezeranishije akanwa kawe, none uwu musi urishikishije amaboko yawe.
25None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, zigamira umusavyi wawe Dawidi ari we data, isezerano wamugiriye, aho wavuga uti: ‘Mu ruvyaro rwawe, ntihazokwigera habura uwuba ku ngoma ya Isirayeli, nirwagendera mu Vyagezwe vyanje nk’uko wabigendeyemwo.’26None rero Mana ya Isirayeli, shitsa amasezerano wasezeraniye data Dawidi umusavyi wawe.
27Ariko none vy’ukuri Imana izoba kw’isi? Ko amajuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, udashobora kuyakwirwamwo, mbe ndareka iyi Ngoro nubatse!28Ariko wumvirize ugusenga n’ukwinginga kwanje, Uhoraho Mana yanje. Wumve ugutakamba n’ugusenga kw’umusavyi wawe ari imbere yawe uwu musi.29Inyonga zawe zize zame ziri kuri iyi Ngoro ijoro n’umurango, aha hantu wavuzeko uti: ‘Izina ryanje rizokwama aha.’ Uzokwame wumva amasengesho umusavyi wawe azosengera hano hantu.30Uze wumvirize ukwinginga kw’umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli nibasenga batumbereye iyi ngoro. Uze ubumvirize uri mw’ijuru, aho uba, kandi niwabumva, ubaharire.
31Umuntu niyagirira nabi mugenziwe maze bigasabwa ko bamurahiza ko atabikoze, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe kiri muri iyi Ngoro,32uze uvyumve uri mw’ijuru ucire urubanza abantu bawe. Uwakoze ikibi atsindwe, ivyo yakoze bimusubire ku mutwe kandi hatsinde uwutacumuye, umwerekane kandi bimenyekane ko ata kimwagira.
33Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kuko bagucumuyeko maze bagahindukira bagahimbaza izina ryawe, bagasenga binginga imbere yawe bari muri iyi Ngoro,34uzobumve uri mw’ijuru, uharire icaha c’abantu bawe b’Abisirayeli, ubagarukane mu gihugu wahaye ba sekuruza.
35Ijuru niryugarwa imvura ntigwe kuko abantu bawe bagucumuyeko, maze bagasenga batumbereye aha hantu bagahimbaza izina ryawe, bagahindukira bakava mu caha cabo, umaze kubateza ivyago,36uze ubumve uri mw’ijuru, uharire icaha c’abasavyi bawe, ari bo bwoko bwawe bw’Abisirayeli. Uze ubigishe inzira zawe, maze urekurire imvura mu gihugu wahaye abantu bawe nk’umugabane.
37Ikigoyi canke ikiza nivyatera mu gihugu, canke akaranda canke ururyi, inzige canke ibihori, canke umwansi wabo akabugariza mu gisagara kimwe mu vyo babamwo, ikiza ico ari co cose canke ingwara iyo ari yo yose nivyabashikako,38maze hakagira na bamwe bo mu Bisirayeli basenga ku bw’imibabaro yo mu mitima yabo, bakarabisha ibiganza vyabo kuri iyi Ngoro,39nawe uze wumve uri mw’ijuru, aho wibera. Uze ubaharire kandi ugire ico ukoze, ugirire umuntu wese ibihwanye n’ivyo yakoze, kuko uzi imitima yabo: ni wewe wenyene uzi imitima y’abana b’abantu bose.40Ni ho bazogutinya imisi yose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza.
41Mbere n’aho yoba umunyamahanga atari uwo mu bwoko bwawe bw’Abisirayeli, ariko akaza avuye mu gihugu ca kure ku bw’izina ryawe,42kuko bazokwumva ivy’izina ryawe rihambaye n’ukuboko kwawe kw’inkomezi kandi kugoroye; niyaza akagusenga atumbereye iyi Ngoro,43uze umwumve uri mw’ijuru, aho uba, ukorere uwo munyamahanga ico azoba agusavye cose, kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye izina ryawe akwubahe, nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bakora, kandi bamenye ko iyi Ngoro nubatse yitirirwa izina ryawe.
44Abantu bawe nibaja mu ntambara kugwanya abansi babo, aho uzobarungika hose, maze bagasenga Uhoraho batumbereye iki gisagara watoranije n’iyi Ngoro nubakiye izina ryawe;45nuko uze wumve ugusenga kwabo no kwinginga kwabo uri mw’ijuru, ubatabare.
46Nibaramuka bagucumuyeko, kuko ata muntu adacumura, hanyuma uburake bwawe bukabaziriringira, maze ukabarekurira mu maboko y’abansi babo bakabatwara nk’inyagano mu bihugu vyabo, vyaba ivya hafi canke ivya kure;47maze nibahindukira mu mitima yabo bari mu gihugu bajanywemwo nk’inyagano, bakihana bakagusaba imbabazi bari muri ico gihugu c’ababanyaze bakavuga bati: ‘twaracumuye, twakoze nabi, twakoze ivyo kwankwa urunuka,’48maze bakagaruka kuri wewe n’imitima yabo yose n’imishaha yabo yose, bari mu gihugu c’abansi babo babagize inyagano, hanyuma bagasenga baraba mu gihugu wahaye ba sekuruza babo, no ku gisagara watoranije hamwe no kuri iyi Ngoro nubakiye izina ryawe,49nuko uri mw’ijuru, aho uba, uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo, uheze ubagwanirire.50Uheze uharire abantu bawe, bagucumuyeko, ubaharire ibibi vyose bazoba bakoze, maze utume ababatwaye babagirira impuhwe,51kuko ari ubwoko bwawe, inyegu yawe, abo wakuye muri Egiputa, rya tanure rivugutira ivyuma bigashonga.
52Niwumve ugusenga kwanje jewe umusavyi wawe, n’ukwinginga kw’ubwoko bwawe bwa Isirayeli, kandi uzokwame ubumva igihe cose bazoba bagutakambiye.53Kuko wabatoranije mu mahanga yose yo kw’isi ukabagira inyegu yawe, nk’uko wabivugiye mu kanwa k’umusavyi wawe Mose igihe wakura ba sogokuruza bacu muri Egiputa, ewe Uhoraho Nyeninganji.”
54Salomo ahejeje gusenga no kwinginga Uhoraho gutyo, aca arahaguruka ava imbere y’igicaniro aho yari apfukamye, ashanje amaboko ayarabishije kw’ijuru.55Ahezagira ikoraniro ryose rya Isirayeli, avuga n’ijwi rirenga ati:
56“Uhoraho nashimwe, we yahaye akaruhuko ubwoko bwiwe bwa Isirayeli nk’uko yari yarabisezeranye. Nta sezerano na rimwe yasezeranye aciye ku musavyi wiwe Mose ritashitse.57Uhoraho Imana yacu azobana natwe nk’uko yabanye na ba sogokuruza bacu, ntazokwigera aduta, ntazokwigera aduheba.58Niyigarurire imitima yacu, kugira ngo dushobore kugendera mu mabwirizwa, amategeko n’ivyo yihanikiririje ba sogokuruza bacu.59Kandi aya majambo yanje y’amasengesho nasengeye imbere y’Uhoraho, aze yame imbere y’Uhoraho Imana yacu ijoro n’umurango, kugira ngo aze yishure umusavyi wiwe n’ubwoko bwiwe bwa Isirayeli ibihwanye n’ivyo bazoba bakeneye ku musi ku musi,60kugira ngo abo kw’isi bose bamenye ko Uhoraho ari Imana, kandi ko ata yindi Mana iriho.61Imitima yanyu na yo niyegurirwe rwose Uhoraho Imana yacu, muzokwame mugendera mu mategeko no mu mabwirizwa yayo, nk’uko mubigenderamwo uno musi.”

Ingoro yegurirwa Uhoraho

62Nuko umwami n’Abisirayeli bose bashikanira ibimazi Uhoraho.63Salomo ashikanira Uhoraho amashikanwa y’ishimwe agizwe n’impfizi ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’intama ibihumbi ijana na mirongo ibiri. Nuko umwami n’Abisirayeli bose bashikiriza Uhoraho iyo Ngoro.
64Uwo musi nyene, umwami ashikiriza Uhoraho ikibanza kiri imbere y’Ingoro, ahatangira n’ibimazi vyo guturirwa, ivy’ifu hamwe n’ivy’ishimwe, kuko igicaniro c’umwakaka cari imbere y’Uhoraho cari gito cane, kitashobora gukwirwako ibimazi vyo guturirwa, ivy’ifu n’ivy’ishimwe.
65Nuko umwami Salomo ari kumwe n’Abisirayeli bose bahimbaza uwo musi mukuru. Hari hakoraniye abantu isinzi bari baje bava kure cane mu buraruko i Lebo-Hamati gushika epfo kure mu bumanuko ku kagezi ka Egiputa. Bamara imisi indwi bahimbaza uwo musi mukuru w’Uhoraho Imana yacu, biyongera iyindi misi indwi, yose hamwe iba cumi n’ine.66Ku musi ugira umunani umwami Salomo asezera abantu, basubira iwabo. Na bo bahezagira umwami, bataha banezerewe cane, imitima yabo inezerejwe n’ivyo Uhoraho yakoreye umusavyi wayo Dawidi n’abantu biwe b’Abisirayeli.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e