1 Abami6
Salomo yubaka Ingoro
1Mu mwaka ugira amajana ane na mirongo umunani Abisirayeli bavuye muri Egiputa, mu mwaka ugira kane Salomo agiye ku ngoma muri Isirayeli, mu kwezi kwa kabiri ari kwo kwitwa Zivu, Salomo atangura kwubakira Uhoraho Ingoro.2Ingoro umwami Salomo yubakiye Uhoraho yari ifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itandatu z’uburebure, ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu z’igihagararo .3Ibaraza ry’amaja imbere ry’inyubakwa nkuru y’Ingoro ryari rifise uburebure bungana n’ingero z’igice c’ukuboko cumi n’ubwaguke bungana n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri , co kimwe n’inyubakwa nkuru y’Ingoro.4Ku mpome z’iyo Ngoro Salomo yashizeko amadirisha matomato ariko ivyuma.5Ku mpande zayo na ho bahubatse utwumba tugerekeranye, tuyikikuje yose uhereye Ahera cane.6Utwumba two hasi twari dufise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’ubwaguke, utwo hagati na two twari dufise ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’ubwaguke, utwo hejuru na two twari dufise ingero z’igice c’ukuboko indwi . Baza barasigaza aho imbaho zishikira ku ruhome, kugira ngo ntizinjizwe mu ruhome rw’imbere mu Ngoro.7Amabuye yo kwubaka iyo Ngoro bayabazira iyo bayimvye. Nta nyundo, incabiti canke ikindi cuma na kimwe cumvikana mu gihe co kuyubaka.8Ubwinjiriro bw’utwumba two hasi bwari ku ruhande rwo hepfo, hakaba n’ingazi zidugana ku twumba two hagati, hakaba n’iyava ku two hagati iduga ku two hejuru.9Ahejeje kwubaka iyo Ngoro, ayiha igisenge kigizwe n’inkingi hamwe n’imbaho vy’amasederi.10Yubaka n’utwumba dukikuje iyo Ngoro. Kamwekamwe kose kari gafise uburebure bw’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’amaduga, kagafatanywa n’ingoro hakoreshejwe inkingi z’amasederi.11Ijambo ry’Uhoraho riza kuri Salomo,12riti: “Ku bw’iyi Ngoro wubatse, niwakurikiza ivyo nashinze ugashitsa amabwirizwa yanje, ukitondera ivyo nihanikiririje, hanyuma ugakurikiza ivyagezwe vyanje, nanje nzoshitsa ivyo nasezeraniye so Dawidi.13Nzobana n’Abisirayeli, kandi sinzokwigera mpeba ubwoko bwanje bwa Isirayeli.”14Nuko Salomo yubaka iyo Ngoro arayiheraheza neza.15Impome zose z’imbere azomekako imbaho z’amasederi, uhereye hasi ugashitsa ku gisenge, hasi na ho ahasasa imbaho z’akajwari.16Ayiha icumba c’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure, na co nyene acomekamwo imbaho z’amasederi, uhereye hasi ugashitsa ku gisenge; maze ico cumba kirategurwa kugira ngo kibe Ahera Cane h’iyo Ngoro.17Ahasigaye h’iyo Ngoro ari co cumba c’imbere y’Ahera cane hari hafise uburebure bw’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ine uhereye ku cumba c’Ahera cane.18Impome zaho zari zometseko imbaho z’amasederi zishushanijeko uturende hamwe n’udushurwe dusambuye. Ahantu hose hari hapfutswe n’imbaho, nta buye ryaboneka.19Salomo ategura icumba c’imbere mu Ngoro aho gutereka Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho.20Ico cumba carangana impande zose: cari gifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure bw’amakika, ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure bw’amaduga. Acomekamwo inzahabu ihinguwe neza, igicaniro na co acomekako imbaho z’amasederi.21Ahasigaye hose ho muri iyo ngoro ahomekako inzahabu ihinguwe neza, atambika n’iminyororo y’inzahabu ku bwinjiriro bw’Ahera cane.22Nuko imbere mu Ngoro hose ahomeka inzahabu, ayomeka no ku gicaniro c’Ahera cane.23Mu cumba co haruguru ashirayo abakerubi babiri babajwe mu giti c’umwelayo. Umwe wese yari afise ingero z’igice c’ukuboko icumi z’uburebure bw’amaduga.24Ibaba rimwerimwe ry’umukerubi ryari rifise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’amakika; kuva kw’isunwa rimwe ry’ibaba ugashika ku ry’irindi hari ingero z’igice c’ukuboko icumi .25Umukerubi wa kabiri na we nyene yari afise ingero z’igice c’ukuboko icumi. Abo bakerubi barangana kandi bagasa hose.26Uburebure bw’amaduga bwabo bwari ingero z’igice c’ukuboko icumi.27Ashira abo bakerubi Ahera Cane, amababa yabo aramvuye, iry’umwe rikora ku ruhome rumwe rw’ico cumba, irindi rikora ku rundi, ayandi na yo agahurira hagati na hagati y’ico cumba.28Abo bakerubi na bo nyene abomekako inzahabu.29Ku mpome zose, iz’icumba c’imbere n’iz’icumba c’amaja hanze ahakorogoshoramwo udushushanyo tw’abakerubi, ibigazi n’amashurwe asambuye.30Hasi muri ivyo vyumba bibiri na ho nyene ahomeka inzahabu.31Mu bwinjiriro buja mu cumba c’imbere yahashize imiryango ibajwe mu biti vy’imyelayo vyo mw’ishamba kandi ibishimaryango n’umwaro wavyo mu bwaguke vyangana n’ica gatanu c’uruhome rwose.32Kuri izo mbaho zibiri z’imyelayo akorogoshoramwo uduhushanyo tw’abakerubi, ibigazi n’amashurwe asambuye, abo bakerubi n’ibigazi aca avyomekako inzahabu.33Yongera akora n’umuryango mu mbaho z’imyelayo wo kwugara ku bwinjiriro bw’Ingoro.34Akora n’inzugi zibiri mu bujwari, zihurira hagati, rumwe barwuguruye rukaja i bubamfu urundi rukaja i buryo.35Aca akorogoshora kuri izo nzugi udushushanyo tw’abakerubi, ibigazi hamwe n’amashurwe asambuye, yongera azomekako inzahabu.36Urugo rw’iyo nyubakwa rwari rwubatswe n’imirongo itatu y’amabuye maninimanini, hamwe n’umurongo umwe w’ibiti vy’amasederi bibajwe.37Umushinge w’Ingoro y’Uhoraho wubatswe mu mwaka ugira kane, mu kwezi kwa Zivu.38Mu mwaka ugira cumi na kabiri, mu kwezi kwawo kwa Buli ari kwo kw’umunani, iyo Ngoro yari ihejeje kwubakwa neza, isozerewe nk’uko vyari vyarategekanijwe. Yubatswe mu myaka indwi.Biblica, Inc.