1 Abami5

Integuro zo kwubaka Ingoro

1Hiramu umwami w’i Tiro yumvise ko Salomo yimitswe ngo asubirire se Dawidi, amurungikira intumwa zo kumukeza, kuko yamye akundana na Dawidi.2Salomo na we arungikira ubutumwa Hiramu, buvuga buti:
3“Urazi ko kubera intambara data Dawidi yamye agwana hirya no hino, atigeze ashobora kwubakira Ingoro izina ry’Uhoraho Imana yiwe, gushika Uhoraho ashize abansi biwe musi y’ibirenge vyiwe.4Ariko ubu Uhoraho Imana yanje yampaye kuruhuka intambara ku mpande zose, nta mwansi nsigaranye, canke icago na kimwe.5None rero nagomba kwubakira Ingoro Izina ry’Uhoraho Imana yanje, nk’uko Uhoraho yabibwiye data Dawidi aho yavuga ati: ‘Umuhungu wawe nzogusubiriza ku ngoma ni we azokwubakira Ingoro izina ryanje.’
6Nagomba rero ko wotanga itegeko kugira ngo bancire amasederi y’i Libani. Abantu bawe bazokorane n’abanje, kandi abantu bawe nzobahemba impembo yose wombwira. Urazi ko ata bandi bantu na bamwe bafise ubuhinga bwo kubaza ibiti nk’ubw’Abanyesidoni.”
7Hiramu aronse ubutumwa bwa Salomo, aranezerwa cane avuga ati: “Uhoraho nashimwe kuko uwu musi yahaye Dawidi umuhungu w’ubwenge ngo abe umwami w’ihanga rikomeye rya Isirayeli.”
8Hiramu yishura Salomo ati:
“Ubutumwa bwawe bwanshikiriye, kandi nzokora ivyo unsavye vyose, ndaguhe amasederi n’ubujwari ukeneye.
9Abakozi banje bazobikura mu mitumba ya Libani babishikane ku kiyaga Mediterane, babitekere hamwe mu migwi, bimanuke vyoga gushika ku kibanza uzogena, hanyuma babitekurure kugira ngo ushobore kuvyikorera ubitware. Nawe uzoheza unyishure mu kumpa imfungurwa z’abantu bo ku kirimba canje.”
10Nuko Hiramu aha Salomo ibiti vy’amasederi n’ubujwari yari akeneye vyose.11Salomo na we aca arungikira Hiramu ingero koru ibihumbi mirongo ibiri z’ingano zo gutunga abo mu rugo rwiwe, n’ingero batu ibihumbi mirongo ibiri z’amavuta meza cane ya Elayo. Uko ni ko Salomo yama abikorera Hiramu ku mwaka ku mwaka.12Uhoraho aha ubwenge Salomo, nk’uko yari yarabimusezeraniye. Hiramu na Salomo bagiriranira imigenderanire myiza, bagiranira n’amasezerano y’amahoro.
13Umwami Salomo aca arondera abakozi ibihumbi mirongo itatu mu basanzwe baca ingero mu Bisirayeli.14Nuko arabarungika i Libani, bagenda barakuranwa ari ibihumbi cumicumi ku kwezi kugira ngo umuntu amare ukwezi kumwe i Libani, ayandi abiri na yo ayamare i muhira. Adoniramu ni we yari ajejwe abo bakozi.15Salomo yari afise abakozi ibihumbi mirongo indwi b’abikorezi, hamwe n’abandi ibihumbi mirongo umunani babaza amabuye ku misozi,16hamwe n’abandi ibihumbi bitatu n’amajana atatu bakoresha abandi, bagacungera ingene ibikorwa biriko biragenda.17Nuko Umwami ategeka ko bimba amabuye maninimanini ameze neza, ngo bayabaze kugira ngo abe umushinge bazodugirizako mu kwubaka iyo Ngoro.18Abahinga b’abubatsi ba Salomo n’aba Hiramu bategura imbaho n’amabuye yo kwubaka Ingoro, bafadikanije n’abo mu gisagara ca Gebali.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e