1 Ngoma24
Imice y’Abaherezi
1Iyi ni yo mice y’uruvyaro rwa Aroni:Bene Aroni bari Nadabu, Abihu, Eliyazeri na Itamari.2Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa, kandi nta bahungu basize. Nuko Eliyazeri na Itamari baciye bakora nk’abaherezi.3Dawidi abashira mu migwi yisunze ivyo bazokora n’urutonde bari bakwiye gukorerako, afashijwe na Sadoki akomoka kuri Eliyazeri na Ahimeleki akomoka kuri Itamari.4Abarongozi benshi bavuye mu ruvyaro rwa Eliyazeri kuruta abavuye mu rwa Itamari, maze bashirwa mu migwi bisunze ico nyene: abakuru b’amazu bava mu bakomoka kuri Eliyazeri bari cumi na batandatu, hanyuma abakuru b’amazu bava ku bakomoka kuri Itamari bari umunani.5Babagabuye mu migwi y’ibikorwa batarenganije n’umwe kuko bakoresheje ubupfindo. Ivyo vyatumwe n’uko hariho benshi bari babereye gukora mu Ingoro y’Imana bava mu bakomoka kuri Eliyazeri na Itamari bompi.6Umwanditsi Shemaya mwene Netaneli Umulewi, yanditse amazina yabo ari imbere y’umwami n’abakuru bose: Sadoki umuherezi, Ahimeleki mwene Abiyatari n’abakuru b’amazu y’abaherezi n’Abalewi, bagafata umwe wo mu nzu kwa Eliyazeri hanyuma uwundi wo mu nzu kwa Itamari.7Ubupfindo bwa mbere bwerekanye Yehoyaribu, ubwa kabiri bwerekanye Yedayiya,8ubwa gatatu bwerekanye Harimu, ubwa kane bwerekanye Seyorimu,9ubwa gatanu bwerekanye Malikiya, ubwa gatandatu bwerekanye Miyamini,10ubw’indwi bwerekanye Hakozi, ubw’umunani bwerekanye Abiya,11ubw’icenda bwerekanye Yesuwa, ubw’icumi bwerekanye Shekaniya,12ubw’icumi na rimwe bwerekanye Eliyashibu, ubw’icumi na kabiri bwerekanye Yakimu,13Ubw’icumi na gatatu bwerekanye Hupa, ubw’icumi na kane bwerekanye Yeshebeyabu,14ubw’icumi na gatanu bwerekanye Biluga, ubw’icumi na gatandatu bwerekanye Imeri,15ubw’icumi n’indwi bwerekanye Heziri, ubw’icumi n’umunani bwerekanye Hapizezi,16ubw’icumi n’icenda bwerekanye Petahiya, ubwa mirongo ibiri bwerekanye Yehezikeli,17ubwa mirongo ibiri na rimwe bwerekanye Yakini, ubwa mirongo ibiri na kabiri bwerekanye Gamuli,18ubwa mirongo ibiri na gatatu bwerekanye Delaya, ubwa mirongo ibiri na kane bwerekanye Mayaziya.19Urwo ni rwo rutonde bakurikiza mu gukora igikorwa c’Imana iyo baramukiwe kwinjira mu ngoro y’Uhoraho, bisunze amategeko yabagenga yashizweho na sekuru wabo Aroni kandi nk’uko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yari yaramutegetse.
Abakuru b’imiryango y’Abalewi
20Aba ni bo bandi bakuru b’imiryango yakomoka kuri Lewi:Mu bakomoka kuri Amuramu: umukuru wabo yari Shubayeli; mu bakomoka kuri Shubayeli: umukuru wabo yari Yehudeya.21Mu bakomoka kuri Rehabiya, abavuye ku bahungu biwe: umukuru wabo yari Isihiya.22Mu bakomoka kuri Izihari: umukuru wabo yari Shelomoti; mu bakomoka kuri Shelomoti: umukuru wabo yari Yahati.23Mu bakomoka kuri Heburoni: Yeriya ni we yari mukuru, uwa kabiri ni Amariya, uwa gatatu ni Yahaziyeli, uwa kane na we ni Yekamiyami.24Mu bakomoka kuri Uziyeli: umukuru wabo yari Mika; mu bakomoka kuri Mika: umukuru wabo yari Shamiri.25Umuvukanyi wa Mika: yari Isihiya. Mu bamukomokako, Zakariya ni we yari mukuru.26Mu bakomoka kuri Merari: abakuru babo bari Mahuli na Mushi. Mu bakomoka kuri Yayaziya: umukuru wabo yari Beno.27Mu bakomoka kuri Merari: Kuva kuri Yayaziya: abakuru babo bari Beno, Shohamu, Zakuri na Iburi.28Mu bakomoka kuri Mahuli: umukuru wabo yari Eliyazeri, naho atigeze aronka abahungu.29Mu bakomoka kuri Kishi: umukuru wabo yari Yerahimeyeli.30Ku bakomoka kuri Mushi: abakuru babo bari Mahuli, Ederi na Yerimoti.
Abo bari Abalewi, nk’uko imiryango yabo yari iri.31Na ho nyene barakoresheje ubupfindo, nk’uko benewabo bakomoka kuri Aroni babikoze, imbere y’umwami Dawidi na Sadoki, Ahimeleki, n’abakuru b’amazu y’abaherezi n’Abalewi. Inzu zikomoka ku muvukanyi mukuru zafatwa co kimwe n’inzu zikomoka kuri mutoya muri bo.
Biblica, Inc.