1 Ngoma23
Dawidi atunganya ivy’Abalewi
1Igihe Dawidi yari ashaje ageze mu zabukuru, yaciye yimika umuhungu wiwe Salomo ngo abe umwami w’Abisirayeli.2Akoranya abakuru barongoye abandi mu Bisirayeli, hamwe n’abaherezi n’Abalewi.3Abalewi bafise imyaka mirongo itatu n’iyirenga baraharurwa, maze igitigiri cabo bose gishika ku bantu ibihumbi mirongo itatu n’umunani.4Dawidi avuga ati: “Muri aba, ibihumbi mirongo ibiri na bine baze barongore abandi mu bikorwa vyo mu Ngoro y’Uhoraho, abandi ibihumbi bitandatu na bo baze babe abakuru n’abacamanza.5Ibihumbi bine baze bazezwe kurinda irembo maze ibindi bihumbi bine baze babe abo guhimbaza Uhoraho n’ibicurarangisho nateguye ku bw’ico gikorwa.”6Dawidi aca agabura Abalewi mu migwi nk’uko bene Lewi bari bari: Gerishoni, Kohati na Merari.Abagerishoni
7Abo mu Bagerishoni bari: Ladani na Shimeyi.8Bene Ladani ni: umukuru wabo Yehiyeli, Zetamu na Yoweli, bose hamwe bari batatu.9Bene Shimeyi ni: Shelomoti, Haziyeli na Harani, bose hamwe bari batatu. Abo ni bo bari abakuru b’inzu mu muryango wa Ladani.10Kandi bene Shimeyi bari: Yahati, Ziza, Yewushi na Beriya. Abo ni bo bari bene Shimeyi, bose bari bane.11Yahati yari imfura Ziza akaba uwa kabiri, ariko Yewushi na Beriya ntibavyaye abahungu benshi; ni co gituma baharuwe nk’umuryango umwe bahabwa n’igikorwa kimwe.Abakohati
12Bene Kohati ni: Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli, bose bari bane.13Bene Amuramu ni: Aroni na Mose. Aroni aratoranywa, we n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira, ngo bazezwe ibintu vyose vyejejwe, bashikane ibimazi imbere y’Uhoraho, bakorere imbere yiwe bongere bahezagire abantu mw’izina ryiwe ibihe bidashira.14Bene Mose umuntu w’Imana baharuwe nk’abo mu muryango wa Lewi.15Bene Mose ni: Gerishomu na Eliyezeri.16Abo mu ruvyaro rwa Gerishomu: umukuru wabo yari Shubayeli.17Abakomoka kuri Eliyezeri: umukuru wabo yari Rehabiya. Eliyezeri nta bahungu yari afise, ariko bene Rehabiya bari benshi.18Bene Izihari: umukuru wabo yari Shelomiti.19Bene Heburoni: umukuru yari Yeriya, uwa kabiri akaba Amariya, uwa gatatu akaba Yahaziyeli, uwa kane akaba Yekameyamu.20Bene Uziyeli: umukuru wabo yari Mika, Isihiya akaba uwa kabiri.Abamerari
21Bene Merari: Mahuli na Mushi. Bene Mahuli: Eliyazeri na Kishi.22Eliyazeri yapfuye ata bahungu avyaye: yari afise abakobwa gusa. Bene sewabo, bene Kishi, ni bo babarongoye.23Bene Mushi: Mahuli, Ederi na Yeremoti, bose bari batatu.24Abo ni bo bakomoka kuri Lewi nk’uko amazu yabo yari ari: abakuru b’amazu bari banditswe hakurikijwe urutonde rw’amazina yabo. Umuntu wese yaharuwe yaba amaze imyaka mirongo ibiri canke irenga kugira ngo akore mu ngoro y’Uhoraho.25Kuko Dawidi yari yaravuze ati: “Ko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yemeye guha impore abantu biwe kandi ko yaje akaba i Yerusalemu ibihe vyose,26Abalewi ntibagikeneye kurerura ihema canke ibikoresho na bimwe bikoreshwa muri ryo.”27Nk’uko vyari vyarashinzwe na Dawidi mu misi yiwe ya nyuma, Abalewi bari baharuwe kuva ku bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga.28Ico Abalewi bari bashinzwe kwari ugufasha bene Aroni mu bikorwa vyo mu ngoro y’Uhoraho: ibikorwa vyo mu rugo, ivyo mu vyumba, guhumanura ivyera vyose no gutunganya ibindi bikorwa vyo mu Ngoro y’Imana.29Bari bashinzwe ya mikate yategerezwa kwama ishirwa ku meza, ifu y’indobanurwa itangwako amashikanwa y’ifu, imitsima itarimwo umwambiro, gukaranga no kuvanga, hamwe no gupima urugero rw’ikintu cose.30Bategerezwa guhagarara uko bukeye bashimira Uhoraho bamuhimbaza no ku mugoroba bagakora uko nyene,31n’igihe cose abantu baje gushikanira Uhoraho ibimazi vyo guturirwa ku masabato no ku misi mikuru y’ukwezi gutashe hamwe no ku misi mikuru yashinzwe. Bategerezwa gukorera imbere y’Uhoraho ubudasiba hakurikijwe igitigiri c’abakenewe muri bo kandi nk’uko bari bategetswe kubikora.32Uko ni ko Abalewi bakora ivyo bashinzwe gukora mw’Ihema ry’Ibonaniro, ivyerekeye Ahera, barongowe n’ab’iwabo bo mu ruvyaro rwa Aroni, bagakora ivyo mu Ngoro y’Uhoraho.Biblica, Inc.