Abalewi21

Ivyagezwe bigenga Abaherezi

1Uhoraho abwira Mose ati: “Vugana n’abaherezi, abahungu ba Aroni, ubabwire uti: ‘Ntihaze hagire umuherezi yihumanisha umuvyimba w’umuntu n’umwe w’incuti yiwe yapfuye,2kiretse incuti ya hafi, nka nyina canke se, umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe, uwo bavukana w’umuhungu,3canke mushikiwe akiba iwe kuko atararongorwa; kuko abikoze ashobora kwihumanya.4Ntaze yihumanishe ab’iwabo n’umugore, ngo bitume ahumana.
5Abaherezi ntibaze bimoshe umushatsi wose canke ubwanwa bwose canke ngo bikebagure ku mibiri yabo.6Baze babere Imana yabo abera kandi ntibaze batukishe izina ry’Imana yabo. Kuko ari bo bashikana ibimazi bituririwe Uhoraho, ari zo mfungurwa z’Imana yabo; ni co gituma bakwiye kuba abera.
7Ntibaze barongore abagore bahumanijwe n’ubumaraya canke bahukanye n’abagabo babo, kuko abaherezi ari abejerejwe Uhoraho Imana yabo.8Muze mubafate nk’abera, kuko bashikanira Imana yanyu imfungurwa. Muze mubafate nk’abera, kuko jewe, Uhoraho, ndi uwera kandi ni jewe ndabeza.
9Umukobwa w’umuherezi niyiyandurisha kuba maraya, azoba atetereje se; aze aturirwe mu muriro.
10Umuherezi mukuru, umwe muri bamwe bavukana yasutswe ku mutwe ya mavuta yo kumurobanura, agatoranirizwa kuzokwambara za mpuzu z’ubuherezi, ntaze yigere asambura umushatsi canke ngo yitabagurireko impuzu.11Ntaze yigere yinjira ahari umuvyimba w’umuntu. Ntaze yigere yiyandurisha umuvyimba naho yoba ari se canke nyina,12canke ngo ave ahera h’Imana yiwe, canke ngo ahahumanye, kuko yatoranijwe asizwe amavuta yo kurobanura y’Imana yiwe. Ndi Uhoraho.
13Umuherezi mukuru aze arongore umukobwa akiri isugi.14Ntaze arongore umupfakazi, uwahukanye, canke uwihumanishije kuba maraya, ahubwo aze arongore umukobwa akiri isugi wo mu bwoko bwiwe,15kugira ngo ntahumanye uruvyaro rwiwe mu bwoko bwiwe. Ndi Uhoraho, ni jewe ndamweza.’ ”
16Uhoraho abwira Mose ati:17“Bwira Aroni uti: ‘Uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi, ntihaze hagire uwo mu ruvyaro rwawe afise agasembwa azokwegera ngo ahereze imfungurwa z’Imana yiwe.18Ntihaze hagire uwufise agasembwa yegera ngo abikore, ari impumyi canke ikimuga, afise agasembwa mu maso, canke afise ubumuga bundi;19amugaye ikirenge canke ikiganza,20uwufise inyonzo canke ari impfunya, uwupfuye ijisho, uwugwaye uruhere, canke ibisebe biva amazi, canke uwamenetse amatengatwa.21Ntihaze hagire uwukomoka kuri Aroni umuherezi afise agasembwa azokwegera kugira ngo ashikane ishikanwa rituririrwa Uhoraho. Uwufise agasembwa ntaze yegere guhereza imfungurwa z’Imana yiwe.22Ashobora kurya kuri za mfungurwa zera z’Imana yiwe, no ku zera zose;23ariko kubera ubumuga bwiwe, ntaze yegere ca gihuzu gikingira ahera cane canke ngo yegere igicaniro, kuko yohava ahumanya ahera hanje. Ndi Uhoraho kandi ni jewe ndabeza.’ ”
24Nuko Mose abibwira Aroni n’abahungu biwe n’Abisirayeli bose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e