Abalewi22
1Uhoraho abwira Mose ati:2“Barira Aroni n’abahungu biwe bitondere cane amashikanwa Abisirayeli bateguye kunshikanira, kugira ngo ntibahumanye izina ryanje. Ndi Uhoraho.3Ubabwire uti: ‘Uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi, nihagira umwe wo mu ruvyaro rwanyu azoba ahumanye ariko akegera amashikanwa yera Abisirayeli bangeneye jewe Uhoraho, uwo muntu aze akurwe imbere yanje. Ndi Uhoraho.4Uwo mu ruvyaro rwa Aroni azogwara imibembe canke akagira ibimuva mu bihimba vy’irondoka, ntaze arye ku bimazi vyera gushika igihe azohumanurirwa. Azoba kandi ahumanye niyakora ku kintu candujwe n’umuvyimba canke n’umuntu yasheshe imbuto ziwe,5canke niyakora ku gakoko gatoya kose gashobora kumuhumanya, canke ku muntu wese yomuhumanya, ubuhumane ubwo ari bwo bwose.6Uwuzokora ku kintu nk’ico azoba ahumanye gushika ku mugoroba. Ntaze yegere ibimazi vyera kiretse amaze kwiyuhagira n’amazi.7Izuba niryarenga, azoba ahumanuwe, hanyuma yaho azoba yemerewe kurya ku bimazi vyera, kuko ari imfungurwa ziwe.8Ntaze arye igikoko capfuye ata wucishe canke icatabaguwe n’ibikoko vyo mw’ishamba, kuko yohava avyiyandurisha. Ndi Uhoraho.9Abaherezi baze bitondere ivyo nihanikirije vyose kugira ngo ntibaze batsindwe n’urubanza bagahava bapfa bazize ko babikengereye. Ndi Uhoraho kandi ni jewe ndabeza.10Ntihaze hagire umuntu atari uwo mu muryango w’abaherezi, umushitsi agendeye umuherezi canke umukozi wiwe, arya ku bimazi vyera.11Ariko uwo muherezi niyagura umugurano n’amahera yiwe, canke niyaba ari umugurano yavukiye mu nzu yiwe, uwo mugurano ashobora kurya ku ndya ziwe.12Umukobwa w’umuherezi niyarongorwa n’uwundi muntu atari umuherezi, ntazoba yemerewe kurya ku vyera vyashikaniwe Imana.13Ariko umukobwa w’umuherezi niyaba umupfakazi canke akahukana, kandi ata bana araronka, hanyuma agasubira mu nzu kwa se nk’uko yari ari atararongorwa, azoba yemerewe kurya kuri izo ndya za se. Nta muntu n’umwe atabifitiye uburenganzira akwiye kurya kuri izo ndya.14Nihagira uwurya ku bimazi vyera atabizi, aze arihe uwo muherezi ico kimazi yariye yongereko ica gatanu c’ikiguzi caco.15Abaherezi ntibaze bakengereze ibimazi vyera Abisirayeli bashikaniye Uhoraho16mu kubemerera kubiryako bikabazanira gutsindwa, maze bigatuma batanga indishi. Ndi Uhoraho kandi ni jewe ndabeza.’ ”
Ibimazi bitemerwa
17Uhoraho abwira Mose ati:18“Vugana na Aroni n’abahungu biwe n’Abisirayeli bose uti: ‘Nihagira n’umwe wo muri mwebwe, yaba Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe, azotanga impano y’ikimazi co guturirira Uhoraho, caba ari ico gushitsa isezerano canke ico atanze avyishakiye,19aze atange ishuri itagira agasembwa akuye mu busho bwiwe, intama canke impene, kugira ngo ikimazi ciwe cemerwe.20Ntimuze muzane igikoko na kimwe gifise agasembwa, kuko kitazokwemerwa nk’ikimazi mutanze.21Nihagira uwuzana ikivuye mu masho canke mu mikuku kw’ikimazi c’ishimwe k’Uhoraho co gushitsa isezerano canke co gushikana kuko avyishakiye, kize kibe ikitagira agasembwa canke umugayo kugira ngo cemerwe.22Ntimuze mushikanire Uhoraho icahumye, icamugaye canke icacitse amaboko canke amaguru, icagwaye urukoma canke uruhere canke ibisebe. Ntimuze muzane ku gicaniro ikimazi kimeze gityo ngo kibe ikimazi gishikaniwe Uhoraho giturizwa umuriro.23Mushobora kuzana ikimazi mutanze muvyishakiye; ishuri, intama canke impene ifise ukuguru canke ukuboko kugufi cane canke kurekure cane canke ngufi cane, ariko ntikizokwemerwa nk’ikimazi co gushitsa isezerano.24Ntimuze mushikanire Uhoraho igikoko gifise amatengatwa yamenetse, yajanjaguritse canke yacitse. Ntimuze mubikorere mu gihugu canyu,25kandi ntimuze mwemere ibikoko nk’ivyo mubihawe n’umunyamahanga ngo mubitange nk’imfungurwa z’Imana yanyu. Ntibizokwemerwa, kuko bimugaye kandi bifise agasembwa.’ ”26Uhoraho abwira Mose ati:27“Nihavuka inyana, umwagazi w’intama canke w’impene, ize igumane na nyina imisi indwi. Kuva ku musi ugira umunani kubandanya, izoba yemewe gutangwa kw’ikimazi co guturirira Uhoraho.28Ntimuze mukerere inka canke intama n’inyana canke n’umwagazi wayo ku musi umwe.29Nimwatanga ikimazi co gukenguruka k’Uhoraho, muze mugitange ku buryo cemerwa.30Kize kiribwe kuri uwo musi nyene; ntimuze musigaze na kimwe gushika mu gitondo. Ndi Uhoraho.31Muze mwitwararike ivyo ndabategeka kandi mubigendere. Ni jewe Uhoraho.32Ntimuze mukengereze izina ryanje. Ukwera kwanje gukwiye kumenyekana mu Bisirayeli. Ni jewe Uhoraho nabejeje33ndabakuye mu gihugu ca Egiputa kugira ngo ndababere Imana. Ndi Uhoraho.”Biblica, Inc.