Kuvayo23

Ivyagezwe vyerekeye imanza n’imbabazi

1Ntugakwiragize ibinyoma. Ntukifatanye n’abanyakibi mu kubabera icabona c’ibinyoma.
2Ntugashire aho abenshi bashize mu kibi. Niwahamagarwa kuba icabona mu rubanza, ntuzohubishe ubutungane mu gushira aho benshi bashize,3kandi ntimuze mugoreke urubanza kugira ngo mufashe umukene gutsinda.
4Niwahura n’inka canke indogoba y’umwansi wawe iriko irayerera, uzoyigarure uyicure kwa nyeneyo.5Niwasanga indogoba y’uwukwanka yatembagaranye n’ivyo yikoreye, ntuzoyirengane. Ahubwo uzoyivyure ubiyikureko.
6Mu mburano ntimuze murenganye umukene.7Ntihazogire uwo mubeshera. Ntimuzocire urwo gupfa uwutaco azira canke imvugakuri, kuko ata na rimwe nemera ko uwutagira icaha atsindwa.
8Ntimuzorye ibiturire, kuko bihuma amaso y’ababona, bikagoramika amajambo y’intungane.
9Ntimuze mucinyize umunyamahanga; namwe ubwanyu murazi ico ari co kuba umunyamahanga, kuko mwahoze muri abanyamahanga muri Egiputa.

Ivyagezwe vyerekeye Isabato

10Muzomare imyaka itandatu murima amatongo yanyu mwongera mwimbura,11ariko umwaka ugira indwi muzoreke kurima ayo matongo, kugira ngo isi igarure akanovera; kandi muhareke haboneke ivyimeza, kugira ngo abakene bari muri mwebwe bagire ico kurya baharonka, n’ibikoko bironke ku vyo bazoba basigaje. Muzobigenze mutyo no ku nzabibu n’imyelayo yanyu.
12Muzokore mu misi itandatu, ariko ku musi ugira indwi ntimuzokore, kugira ngo inka zanyu n’indogoba ziruhuke, n’abagurano bavukiye muri mwebwe, ndetse n’abanyamahanga basubire kuronka inkomezi.
13Mubere maso ivyo ndababwiye vyose. Ntihagire izindi mana muzokwambaza, ntimuze mucishe amazina yazo mu kanwa kanyu.

Imisi yo guhimbaza mu mwaka

14Ku mwaka muze mugire imisi mikuru itatu ku bwanje.
15Ubwa mbere muzongirira umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro. Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro, nk’uko nabibategetse. Uwo musi muze mwame muwugira ibihe vyose mu kwezi kwa Abibu, kuko ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa.
Ntihaze hagire umuntu aza imbere yanje ata shikanwa anzaniye.
16Ubwa kabiri, muzohimbaze umusi mukuru w’ivyimburwa vya mbere mukuye mu mirima yanyu.
Hanyuma muzohimbaze n’umusi w’umwimbu wa vyose mu mpera y’umwaka, mwegeranije ivyimburwa vyo mu mirima yanyu.
17Muri iyo misi mikuru itatu, izina muhungu wese w’Umwisirayeli aze yame arenguka imbere y’Uhoraho Nyeninganji.
18Ntimuze munshikanire amaraso y’ibimazi ari kumwe n’ikindi kintu ico ari co cose kirimwo umwambiro.
Ibinure vyo mu vyo muzonshikanira muri iyo misi mikuru ntibize birare ngo bishike mu gitondo.
19Muze mushikane mu nzu y’Uhoraho Imana yanyu ivyeze ku mwimbu wa mbere unoboye w’imirima yanyu.
Ntimuze muteke umwagazi w’impene mu mata ya nyina.

Umumarayika abaja imbere

20Raba, ndungitse umumarayika imbere yanyu ngo abarongore gushika abashikane aho nabateguriye.21Muze mumutege amatwi, mwumvire ico azobabwira cose. Ntimuzomugararize, kuko ntazokwihanganira ubugarariji bwanyu, kuko izina ryanje riri muri we.22Nimwumvira rwose ivyo azobabwira, mugakora ivyo nababwiye vyose, nzoba umwansi w’abansi banyu, kandi nzogwanya ababagwanya.23Umumarayika wanje azobarongora abashitse mu gihugu c’Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abanyakanani, Abahiwi n’Abayebusi, nanje nzobarandura bose.24Ntimuzokwunamire imana zabo canke ngo muzisenge, canke ngo mwigane imigenzo yabo. Muzozisangangure mwongere mumenagure amabuye yazo muyace ubunywenywe.25Muze musenge Uhoraho Imana yanyu, imigisha yiwe izoba ku vyokurya no ku mazi yanyu, nanje nzobarinda ingwara.26Nta gukorora inda canke kuba ingumba bizoba mu gihugu canyu. Nzobaha kuramba.
27Nzorungika igitinyiro canje kije imbere yanyu, ntere ubwoba abantu bo mu gihugu mugiye kwinjiramwo. Nzotuma abansi bari imbere yanyu bose babahunga.28Nzorungika amavubi abitangire imbere yirukane Abahiwi, Abanyakanani, n’Abaheti.29Ariko sinzobirukana mu mwaka umwe, kuko igihugu cohinduka ishamba, hakagwira ibikoko bikabatera.30Nzobirukana bukebuke nkurikije uko muzoba mungana, gushika aho muzoba mwagwiriye mukuzura igihugu cose.
31Nzobashingira akarimbi uhereye ku Kiyaga Gitukura ukageza ku Kiyaga Mediterane, no kuva ku bugaragwa buri mu buseruko ukageza ku ruzi Efurate. Nzorekurira mu maboko yanyu ababa muri ico gihugu, namwe muze mubirukane.32Ntihaze hagire isezerano mugirirana na bo canke ngo murigirirane n’imana zabo.33Ntimuzobareke ngo babe mu gihugu canyu, kuko botuma muncumurako. Nimwasenga imana zabo muzoba muguye mu mutego wo gusenga ibigirwamana.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e