Zaburi62
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Yahawe kandi Yedutuni. Ni Zaburi ya Dawidi.
1Ni ukuri umutima wanje uruhukira mu Mana;agakiza kanje kava kuri yo.2Ni ukuri ni yo gitandara canje n’agakiza kanje:ni yo gihome kinkingira, sinzokwigera nyiganyizwa.3Muzogeza hehe kuntera?Mbega mwese mugomba kuntsinda hasi;nk’urusika ruhengamye, canke uruhome ruhomvokeye hasi?4Ni ukuri bagira inama yo kuntembagaza ngo bankureku ntebe yanje iri hejuru,bahimbarwa n’ibinyoma.Bahezagirisha akanwa kabo,ariko mu mitima yabo bakavuma.5Ego cane, mutima wanje, ruhukira mu Mana;ivyizigiro vyanje biva kuri yo.6Ni ukuri ni we gitandara canje n’agakiza kanje;ni we gihome kinkingira, sinzonyiganyizwa.7Agakiza kanje n’icubahiro canje kiva ku Mana;ni we gitandara canje gikomeye, ni ubuhungiro bwanje.8Muze muhore mu mwizigira ibihe vyose, yemwe bantu;mumugaragarize imitima yanyu,kuko Imana ari yo buhungiro bwacu.9Ni ukuri abantu bose ni nk’impwemu zihumetswe gusa,abakuru n’abato ni ubusa gusa.Iyo bagezwe ku munzane, basangwa ari ubusa;bose hamwe ni impwemu zihumetswe gusa.10Ntimwishimire uguhahazacanke ngo ivyizigiro vyanyu mubishire ku vyasahuwe;naho ubutunzi bwanyu bwokongerekana,ntimubushireko umutima.11Imana yavuze kimwe,nanje numva bibiri:Ubushobozi ni ubwawe, Mana,12kandi urukundo rudashira, ewe Mana, ruri kumwe nawe;kandi, ugerera umuntu weseibikwiranye n’ivyo yakoze.Biblica, Inc.