Abalewi10

Urupfu rwa Nadabu na Abihu

1Abahungu ba Aroni, Nadabu na Abihu, bakira ivyotezo vyabo, babishirako umuriro bashirako n’ibimota neza; baca bakoresha umuriro utemewe n’Uhoraho, ntibakurikiza uko yabitegetse.2Maze umuriro uvuye imbere y’Uhoraho urarurumba urabatongora, bapfira rimwe aho nyene imbere y’Uhoraho.3Mose abwira Aroni ati: “Ibi ni vyo Uhoraho yatubwira igihe yavuga ati:‘Ku bantu begera aho ndi,nzokwiyerekana ndi Uwera;imbere y’amaso y’abantu bose,nzokwihesha icubahiro.’ ”Aroni araceceka.
4Mose ahamagara Mishayeli na Elizafani, abahungu ba Uziyeli sewabo wa Aroni, arababwira ati: “Nimuze hano, mutware benewanyu inyuma y’aho abantu bacumbitse, mubigize kure y’ahera.”5Baraza babaterura uko bakambaye ya myambaro yabo isharijwe n’amabara, babajana inyuma y’aho bacumbitse, nk’uko Mose yategetse.
6Maze Mose abwira Aroni n’abahungu biwe Eliyazeri na Itamari ati: “Ntimureke umushatsi wanyu udashokoje, kandi ntimwitabagurireko impuzu, kuko mwoca mupfa kandi Uhoraho agashavurira ihanga ryose. Ariko incuti zanyu, ihanga ryose ry’Abisirayeli, baze bagandarire abo Uhoraho yaranduje umuriro.7Ntimuve imbere y’Ihema ry’Ibonaniro kugira ngo ntimupfe, kuko amavuta yo kurobanura y’Uhoraho ari kuri mwebwe.” Nuko bakora nk’uko Mose yavuze.
8Hanyuma Uhoraho abwira Aroni ati:9“Wewe n’abahungu bawe ntimuze mwigere munywa umuvinyu canke ikindi kinyobwa cose kirimwo umwambiro imbere y’uko muja mw’ihema ry’ibonaniro, kuko mwoca mupfa. Iki kize kibe icagezwe c’intahava uko urunganwe ruzokurakuranwa n’urundi,10kugira ngo muze mushobore gutandukanya ivyera n’ibisanzwe, ibihumanye n’ibidahumanye,11kandi muze mwigishe Abisirayeli amabwirizwa yose Uhoraho yabahaye abicishije kuri Mose.”
12Mose abwira Aroni n’abahungu biwe basigaye ari bo Eliyazeri na Itamari ati: “Mwakire ishikanwa ry’ifu ryasigaye ku mashikanwa, mukore imikate muyizane imbere y’Uhoraho, hanyuma muyirire i ruhande y’igicaniro, ariko ntibe irimwo umwambiro kuko ari iyera cane.13Muyirire ahantu hejejwe, kuko ari umugabane wanyu n’uw’abahungu banyu ku bimazi bishikanirwa Uhoraho, kuko ari ko nategetswe.14Ariko wewe n’abahungu n’abakobwa bawe mushobora kurya igikiriza cazungagijwe, hamwe n’itako, mukabirira ahantu hadahumanye. Bihawe wewe n’abana bawe nk’umugabane uvuye ku bimazi vy’ishimwe bitangwa n’Abisirayeli.15Itako n’igikiriza, bize bizanane n’imitigiri y’ibinure y’ibimazi vyo guturirwa, kugira ngo bizungagizwe imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza. Uwo uze ube umugabane wanyu w’intahava mwebwe n’abana banyu, nk’uko Uhoraho yategetse.”
16Maze Mose abajije ivyerekeye ya suguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha vy’abantu bose, akamenya ko yaturiwe, aca ashavurira Eliyazeri na Itamari, abahungu ba Aroni bari basigaye, arababaza ati:17“Ni kuki mutaririye ico kimazi co gutangirwa ivyaha ahantu hera? Ni icera cane, mwari mwagihawe ngo gikureho icaha c’ihanga mu kubabera ikimazi c’ivyaha imbere y’Uhoraho.18Kubera yuko amaraso yaco yari yajanywe Ahera, mwari kuba mwariye iyo mpene mukayirira mw’ihema, nk’uko nari nabitegetse.”
19Aroni yishura Mose ati: “Uyu musi batanze ikimazi c’ivyaha vyabo n’ikimazi co guturirirwa imbere y’Uhoraho, ariko raba ivyambayeko. Mbega Uhoraho yari guhimbarwa iyo mba nariye ku kimazi gitangirwa ivyaha vy’ihanga uwu musi?”20Mose yumvise ivyo, aca yumva aranyuzwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e