Abalewi11
Ibizira n’ibitazira
1Uhoraho abwira Mose na Aroni ati:2“Barira Abisirayeli muti: ‘Mu bikoko vyose biba mu gihugu, ibi ni vyo mwemerewe kurya:3mwemerewe kurya igikoko cose gifise ikinono gisatuye kandi cuza ivyo cariye.4Hariho bimwe vyuza gusa canke bifise ikinono gisatuye gusa: ivyo ntimuze mubirye. Ingamiya, naho yuza ntifise ikinono gisatuye; irahumanye kuri mwebwe.5Inkezi naho yuza, ntifise ikinono gisatuye; irahumanye kuri mwebwe.6Agakwavu naho kuza ntigafise ikinono gisatuye; karahumanye kuri mwebwe.7Ingurube naho ifise ibinono bisatuye, ntiyuza; na yo irahumanye kuri mwebwe.8Ntimuze murye inyama zavyo canke ngo mukore ku mivyimba yavyo; ivyo birahumanye kuri mwebwe.9Mu biba mu mazi yo mu biyaga no mu nzuzi vyose, mwemerewe kurya ibifise amababa n’ibigaragamba.10Ariko ibiba mu mazi yo mu biyaga no mu nzuzi bitagira amababa n’ibigaragamba, vyaba ibigendera hamwe canke ibindi vyose biba mu mazi, muze mubigire umuziro.11Kandi ko ari ibizira kuri mwebwe, ntimuze mubirye kandi ntimuze mukore no ku mivyimba yavyo.12Ikintu cose kiri n’ubuzima kiba mu mazi ariko kidafise amababa n’ibigaragamba kirahumanye kuri mwebwe.13Ibi ni vyo muzofata nk’ibihumanye mu biguruka mu kirere kandi ntimuze mubirye kuko ari ibihumanye kuri mwebwe: inkona, ikinyakabaka, inkukuma,14ikinyamwanira, icaruzanyoni nk’uko amoko yavyo ari,15ubwoko bwose bw’ibikona,16ikigendabunyovu, sarumfune, inguriguri, n’amoko yose y’ubuca;17igihuna, ikirovyi, inyanana,18ikinyamwanira, inkongori, ikiryamivyimba,19agasoza, ubwoko bwose bw’inyange, samunsure, n’agahungarema.20Udukoko twose dufise amababa tukagendera ku maguru ane tuze tube uduhumanye kuri mwebwe.21Ariko hariho udukoko tumwetumwe tuguruka tukagendera no ku maguru ane mushobora kurya: ni udufise amaguru afatanye n’ikirenge dushobora gusimbagurika kw’isi.22Muri ivyo muze murye ubwoko bwose bw’inzige, ibihori canke intoteza.23Ariko udukoko twose tundi tuguruka dufise amaguru ane tuzoba duhumanye kuri mwebwe.24Umuntu wese azokora ku muvyimba w’utwo dukoko dutuma muhumana azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.25Uwuzotwara umuvyimba watwo ategerezwa kumesa impuzu ziwe, azoba ahumanye gushika ku mugoroba.26Igikoko cose kidafise ikinono gisatuye canke kituza kirahumanye kuri mwebwe; kandi uwuzokora ku muvyimba wa kimwe muri vyo azoba ahumanye.27Ibikoko vyose bifise amaguru ane ariko bitagira ibinono birahumanye kuri mwebwe. Uwuzokora ku muvyimba wa kimwe muri vyo azoba ahumanye gushika ku mugoroba.28Uwuzokora ku muvyimba wa kimwe muri vyo ategerezwa kumesa impuzu ziwe, kandi azoba ahumanye gushika ku mugoroba. Ivyo bikoko birahumanye kuri mwebwe.29Mu bikoko vyose bikwega inda hasi, ibi ni vyo bihumanye: ifuku, imbeba, ubwoko bwose bw’imiserebanyi,30icugu, ikivumbura, umuserebanyi mutoya, agacamano n’uruvuruvu.31Mu bikwega inda hasi vyose, ivyo ni vyo bizira kuri mwebwe. Umuntu azokora ku muvyimba wavyo azoba ahumanye gushika ku mugoroba.32Nihagira kimwe muri vyo gipfa kigakorokera ku kintu gikoreshwa, ico gikoresho, ico ari co cose, kizoba gihumanye, caba igikozwe mu giti, mu mpuzu, mu rusato canke mw’igunira, muze mugishire mu mazi; kize kigume gihumanye gushika ku mugoroba, hanyuma kizoba gihumanutse.33Nihagira igikorokera mu nkono y’ibumba, ibizoba biri muri yo vyose bizoba bihumanye, kandi muze mumene iyo nkono.34Ivyokurya vyose mwemerewe kurya bimaze gukorwako n’amazi yavuye muri iyo nkono bizoba bihumanye, kandi ibinyobwa vyose bizoba bivuye muri iyo nkono bizoba bihumanye.35Ikintu cose umuvyimba wavyo uzogwako kizoba gihumanye; iziko canke inkono iteka bize bimenagurwe. Bizoba bihumanye, kandi muze mubifate nk’ibihumanye.36Ariko niyaba ari isoko y’amazi canke ikinogo co kubikamwo amazi bizoguma ari ibidahumanye; ariko nihagira uwuzokora kuri uwo muvyimba azoba ahumanye.37Umuvyimba niwakorokera ku mbuto zo guterwa, zizoguma ari izidahumanye.38Ariko uwo muvyimba niwagwa ku mbuto zinitswe mu mazi, zizoba zihumanye kuri mwebwe.39Nihagira igikoko mu vyo mwemerewe kurya gipfa, umuntu wese azokora ku muvyimba waco azoba ahumanye gushika ku mugoroba.40Umuntu wese azorya kuri uwo muvyimba aze amesure impuzu ziwe, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba. Uwuzoterura uwo muvyimba aze amesure impuzu ziwe, kandi aze agume ahumanye gushika ku mugoroba.41Igihumeka cose gikwega inda hasi kize gifatwe nk’igihumanye, ntikize kiribwe.42Ntimuze murye ikintu na kimwe gikwega inda hasi, caba igikwega inda hasi canke ikigendera ku maguru ane canke ayarenga; ni igihumanye.43Ntimuze mwihumanishe ivyo vyaremwe.44Ndi Uhoraho Imana yanyu, muze mwiyeze mube abera, kuko nanje ndi uwera. Ntimuze mwiyandurishe na kimwe muri ivyo vyaremwe bikwega inda hasi.45Ndi Uhoraho, nabakuye muri Egiputa ngo ndababere Imana; nuko rero mube abera, kuko nanje ndi uwera.46Ayo ni yo mategeko agenga ibikoko, inyoni, ikintu cose gihumeka kigendagenda mu mazi n’ikigendagenda kw’isi.47Muze mutandukanye ibizira n’ibitazira, ivyemewe kuribwa mu bihumeka n’ibitemewe kuribwa.’ ”Biblica, Inc.