Yobu26

Yobu

1Maze Yobu yishura ati:2“Ewe, urazi gufasha umunyantege nke!Mbega ukuntu uzi kuramira ukuboko kudendebukiwe!3Impanuro uha imburabwenge ni iyihe?Canke ugutahura werekanye kuri he?4Ni nde yagufashije gushikiriza ayo majambo?Izo mpwemu zavugiye mu kanwa kawe ni iza he?
5Abapfuye bahindira agashitsi mu kuzimu,amazi n’ibiyabamwo bikajugumira.6I kuzimu hambaye ubusa imbere y’Imana,no mu mahonero ntakihakingiriye.7Amajuru yo mu buraruko iyasanza mu kirere,igatuma isi yenena ku busa.8Itekera amazi mu bicu vyayo,ariko ntibitoborwe n’uburemere bwayo9Itwikira intebe yayo,ikayipfukisha ibicu.10Amazi iyashingira akarimbi,igashira imbibe hagati y’umuco n’umwijima.11Inkingi z’ijuru ziradegezwa,zikanzwe n’ugukankama kwayo.12Mu bubasha bwayo izikurura igihuhusi mu kiyaga,kandi mu bwenge bwayo, igisizimwe igicamwo ubunywenywe.13Impwemu zayo zituma ijuru ryeyuka,ukuboko kwayo ikagusogotesha inzoka ihunga.14Kandi ivyo ni agace gato k’ivyo ishobora gukora,ni utwongoshwe dukeya gusa twumva.None ukwasana kwayo ni nde yoshobora kugutahura.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e