Yeremiya31

1Muri ico gihe, Uku ni ko Uhoraho avuze: “Muri ico gihe, nzoba Imana y’imiryango yose ya Isirayeli, na bo bazoba abantu banje.”
2Uku ni ko Uhoraho avuze:“Abantu bazoba barokotse inkotabazogirirwa ubuntu bageze mu bugaragwakuko nzoza kugira ngo mpe akaruhuko Isirayeli.”
3Uhoraho yaratwiyeretse muri kahise, avuga ati:“Narabakunze urukundo rudashira;nabakwegesheje imbabazi zanje.4Nzosubira kububakakandi wewe mukobwa Isirayeli, uzosubira kwubakwa.Kandi uzosubira gutora udushako tw’ingoma twawemaze usohoke utamba uri kumwe n’abanezerewe.5Kandi uzosubira gutera imizabibu yaweku turambi tw’i Samariya;abarimyi bazoyiterakandi bazonezererwa ivyo yamye.6Hazobaho umusi abarinzi bazosemererabari ku mirambi ya Efurayimu bati:‘Nimuze tuduge i Siyoni,tuduge aho Uhoraho Imana yacu iri.’ ”
7Uku ni ko Uhoraho avuze:“Muririmbane umunezero ku bwa Yakobo;nimutere impundu ku bw’ihanga riruta ayandi.Mutume uguhimbaza kwanyu kwumvikana, muvuga muti:‘Yewe Uhoraho, kiza abantu bawe,amasigarira y’Abisirayeli.’8Raba, nzobazana ndabakuye mu gihugu co mu buraruko,ndabegeranye ndabakuye ku mpera z’isi.Muri bo hazoba harimwo impumyi n’abamugaye,abagore bibungenze n’abari ku bise;bazogaruka ari isinzi.9Bazoza barira;bazonsenga nanje ndabagarukane.Nzobarongorera i ruhande y’imigezi y’amazimu nzira igororotse aho batazotsitara,kuko ndi Se wa Isirayeli,kandi Efurayimu akaba imfura yanje.”
10Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe mahanga;murimenyeshe mu bizinga vya kure muti:“Uwasabagije Abisirayeli azobegeranyakandi azoragira umukuku wiwe nk’umwungere.11Kuko Uhoraho azobohora aba Yakoboabacungure abakuye mu maboko y’ababarusha inkomezi.12Bazoza biha akamo k’umunezero ku misozi ya Siyoni;bazonezererwa ivyo Uhoraho azobaha,ingano, umutobe musha w’umuvinyu n’amavuta ya elayo,imyagazi y’imikuku n’inyana z’inka.Bazomera nk’umurima wavomerewe neza,kandi ntibazosubira kubabara.13Abakobwa b’inkumi bazotamba banezerwe,n’abasore hamwe n’abatama.Nzohindura ikigandaro cabo umunezero;nzobahoza ndabanezereze mu gishingo c’umubabaro.14Nzoha abaherezi umusesekara,kandi abantu banje bazohazwa n’ivyo ndabahaye birusha ibindi,ni ko Uhoraho avuze.”
15Uku ni ko Uhoraho avuze:“Induru yumvikaniye i Rama,amarira n’amaborogo menshi,Rasheli aririra abana biwekandi yanka guhozwa,kuko batakiriho.”
16Uku ni ko Uhoraho avuze:“Hoza ijwi ryawe rireke kuriran’amaso yawe areke gukorora amosozi,kuko igikorwa cawe kizohabwa ingero,ni ko Uhoraho avuze.Bazogaruka bavuye mu gihugu c’umwansi wabo.17Nuko rero hariho ivyizigiro ku bagukomokako,ni ko Uhoraho avuze.Abana bawe bazogaruka mu gihugu cabo.”
18“Numvise neza ukuniha kwa Efurayimu, ngo:Wampanye nk’uko bakubita ishuri y’ikigaba,kandi warampanye vy’ukuri.Ngarukana, nanje nzogaruka,kuko uri Uhoraho Imana yanje.19Inyuma y’aho nangariye,narihanye;aho mariye gutahura,narikubise mu gikiriza.Naramaramaye nterwa n’isonikuko niremetse ibiteterwe vyo mu buto bwanje.20Mbega Efurayimu si umuhungu wanje nkunda,umwana wanje nezererwa?Naho namwagirije kenshi,ndacamwibuka.Ni co gituma umutima wanje ukimugirira ikibabarwe;ndamubabara cane,”ni ko Uhoraho avuze.
21“Shinga ivyapa vyo ku nzira;ushinge imambo.Wiyumvire inzira,ibarabara ucamwo.Garuka, yewe mukobwa wa Isirayeli,garuka mu bisagara vyawe.22Uzogeza ryari kwangara,yewe mukobwa w’ikigaba wa Isirayeli?Uhoraho agira areme ikintu gishasha kw’isi,umugore azorondera umugabo.”
23Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: “Aho nzobagarukanira ndabakuye mu kinyago, abantu bo mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara bihakikije bazosubira kuvuga aya majambo bati: ‘Uhoraho aguhezagire, yewe wa nzu y’ubugororotsi, yewe musozi wera.’24Abantu bazoba hamwe i Buyuda no mu bisagara vyaho vyose, abarimyi n’abaragira amasho yabo.25Nzosubiza intege abadendebukiwe, mpaze n’abaguye isari.”
26Inyuma y’ivyo nca ndikangura nderaguza hirya no hino. Itiro ryanje ryari riryoshe cane.
27“Imisi iraje,” ni ko Uhoraho avuze, “nzoteragira ubwami bwa Isirayeli n’ubwa Yuda mu kubaha umunago w’abantu n’uw’ibitungwa.28Nk’uko nabakurikiranye kugira ngo ndabarandure, ndabatsinde hasi, ndabahonye, ndabamare kandi ndabateze ivyago, ni ko nzogira umwete wo kububaka no kubateragira,” ni ko Uhoraho avuze.29“Muri iyo misi abantu ntibazosubira kuvuga ngo:‘Ba se bariye inzabibu zitarera,abahungu babo baba ari bo bajigurwa mu menyo.’ ”
30Ahubwo, umwe wese azozira ivyaha vyiwe; uwuzorya inzabibu zitarera, ni we nyene azojigurwa mu menyo.31“Igihe kiraje,” ni ko Uhoraho avuze,“aho nzogirana isezerano rishashan’inzu ya Isirayelihamwe n’inzu ya Yuda.32Ntirizoba risa na rya sezeranonagirana na ba sekuruza babo,aho nabafata ukubokonkabarongora ndabakura mu gihugu ca Egiputa,kuko bavuye mw’isezerano ryanje,naho nari Shebuja,”ni ko Uhoraho avuze.33“Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeliinyuma y’ico gihe,” ni ko Uhoraho avuze.“Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo,ndavyandike mu mitima yabo.Nzoba Imana yabo,na bo babe abantu banje.34Ntibazosubira kwigisha ababanyi babo,canke ngo babwirane hagati yabo bati: ‘Menya Uhoraho,’kuko bose bazomenya jewe,kuva kuri muto muri bo kugeza ku mukuru,”ni ko Uhoraho avuze.“Kuko nzobaharira ibibi vyabokandi sinzosubira kwibuka ivyaha vyabo.”
35Uku ni ko Uhoraho avuze,uwatumye izubakwaka ku murango,agategeka ukwezi n’inyenyeringo vyake mw’ijoro,avyura ikiyagango gisuriranye imikuba yaco,Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe:36“Kiretse ivyo vyagezwe nashinze bimvuye imbere,”ni ko Uhoraho avuze,“Abisirayeli ntibazokwigera barekakuba ihanga imbere yanje.”
37Uku ni ko Uhoraho avuze:“Iyo amajuru aba yoshobora gupimwan’amatanguriro y’isi agashobora guserangurwani ho noshobora guheba uruvyaro rwa Isirayelikubera ivyo bakoze vyose,”ni ko Uhoraho avuze.
38“Imisi iraje,” ni ko Uhoraho avuze, “aho iki gisagara kizokwubakwa ku bwanje uhereye ku munara wa Hananeli kugeza kw’Irembo ryo mu Mfuruka.39Umugozi wo kugera uzogororwa kuva ngaho kugeza ku gasozi ka Garebu maze uhindukire gushika i Gowa.40Mu Kiyaya cose aho bata imivyimba n’umunyota, no ku misezero yose gushika mu mwonga wa Kidironi kubandanya mu buseruko gushika mu mfuruka yo kw’Irembo ry’Amafarasi, hazoba ahera h’Uhoraho. Iki gisagara ntikizosubira kurandurwa no gusamburwa.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e