Yeremiya30
Kwibukwa kwa Isirayeli
1Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho:2“Uku ni ko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuze: ‘Niwandike mu gitabu amajambo yose nakubwiye.3Imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda ndabakuye mu kinyago nkabasubiza mu gihugu nahaye ba sekuruza babo ngo bacegukire, ni ko Uhoraho avuze.’ ”4Aya ni yo majambo Uhoraho yavuze, yerekeye Isirayeli na Yuda:5“Uku ni ko Uhoraho avuze:Induru itewe n’ubwoba irumvikanye,ni iterabwoba, si ijwi ry’amahoro.6Nimubaze kandi murabe:Mbega umugabo yoja ku bise ngo avyare abana?None ni kuki mbona umugabo wese w’inkomezi agendayifashe ku nda nk’umugore ari ku bise,mu maso habo bose hijiriwe biteye ubwoba?7Ewe kuntu uwo musi uzoba ari mubi!Nta wundi uzosa na wo.Kizoba ari igihe c’amarushwa kuri Yakobo,ariko azokivamwo impore.8‘Kuri uwo musi,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze,‘nzovuna ingogo yari ku mazosi yabomaze ncagagure iminyororo ibaboshe.Abanyamahanga ntibazokwongera kubagira abaja babo.9Ahubwo, bazokorera Uhoraho Imana yabona Dawidi umwami wabo,uwo nzohagurutsa ku bwabo.10Nuko ntutinye, yewe Yakobo musavyi wanje;ntugire ubwoba yewe Isirayeli,’ni ko Uhoraho avuze.Ni ukuri nzogukiza ndagukure mu kibanza ca kure,abagukomokako bave iyo bajanywe ari inyagano.Yakobo azokwongera kwibera mu mahoro n’umutekano,kandi nta wuzosubira kumutera ubwoba.11Ndi kumwe nawe kandi nzogukiza,ni ko Uhoraho avuze.N’aho noherengeteza amahanga yoseayo nakwangarijemwo,wewe sinzoguherengeteza.Nzoguhana, ariko nzobikora ku rugero rukwiye;sinzokureka ngo ugende udahanywe.”12Uku ni ko Uhoraho avuze:“Igikomere cawe ntigishobora gukira,wakomeretse ku buryo bidashoboka ko ukira.13Nta wo kukuburanira,nta muti w’igisebe cawe,nta muti wogukiza.14Abo mwasezeranye bose barakwibagiye;nta co bitwararitse mu vyawe.Nagukubise nk’uko umwansi wawe yobigirakandi naguhanye nka ruburakigongwe,kuko ukugabitanya kwawe ari kwinshiivyaha vyawe bikaba umurengera.15Ni kuki urizwa n’igikomere cawe,kandi uburibwe bwawe butagira umuti?Kubera ukugabitanya kwawe guhambaye n’ivyaha vyawe vyinshini co catumye nkugirira gutyo.16Ariko abagusahuye na bo bazosahurwa;abansi bawe bose bazojanwa ari inyagano.Abagusahura bose bazosahurwa;ababanyaga na bo bazonyagwa.17Ariko mwebwe nzobakizakandi nzokiza ibikomere vyanyu,” ni ko Uhoraho avuze,“kuko witwa umuntu ata co amaze,Siyoni hahebwe.”18Uku ni ko Uhoraho avuze:“Nzosubira kwubaka amahema ya Yakobongirire akagongwe aho muba;igisagara kizosubira cubakwe ku misaka yaco,kandi ikirimba kizosubira guhagarara mu kibanza cahozemwo.19Muri bo hazokwumvikana indirimbo n’amashimwen’ijwi ry’umunezero.Nzobagwiza,ntibazoba bake na mba;nzobatera iteka,ndabakureko agakengerwe.20Abana babo bazoba nk’uko bahoze kera,kandi bazosubira kuba ikoraniro imbere yanje;nzohana abacinyiza bose.21Umurongozi wabo azoba umwe muri bo;umutware wabo azova hagati muri bo.Nzomwiyegereza na we azonyegera,kuko ni nde yokwemera kwihebango aze yegere aho ndi?”Ni ko Uhoraho avuze.22“Nuko muzoba abantu banje,nanje nzoba Imana yanyu.”23Raba, isegenya y’Uhorahoizozanana n’uburake,igihuhuta gikomeye kizozaku mitwe y’abakora ibibi.24Ishavu ry’inkazi ry’Uhoraho ntirizosubira inyumakugeza ashikijeimigambi iri mu mutima wiwe.Mu misi izozaivyo muzobitahura.Biblica, Inc.