Indirimbo8

1Icompa ukaba nka musazanje,uwonse ibere rya mama!Gutyo, ndagusanze hanze,nogusomaguye,kandi nta n’umwe yoneguye.2Nokugiye imberenkakujana mu nzu ya mama,we yanyigishije.Noguhaye umuvinyu urimwo ibimota neza ukawunywa,umutobe w’amapome yanje.3Ukuboko kwiwe kw’i bubamfu kuranseguye,ukuboko kwiwe kw’i buryo kurambumbatiye.4Bakobwa b’i Yerusalemu, ndabihanikirije:Ntimukome urukundo canke ngo murukangure,gushika rwishakiye kuvyuka.5Urya ni nde aje ava mu bugaragwayegamiye umukunzi wiwe?UmugeniNagukanguye uri musi y’igiti c’amapome;aho ni ho nyoko wawe yagusamiye inda,aho ni ho uwari ku gise yakwibarukiye.6Nshira ku mutima wawe nk’ikidodo,nk’ikidodo ku kuboko kwawe;kuko urukundo rukomeye nk’urupfu,ishari ryarwo rigakomera nk’i kuzimu.Ruturira nk’umuriro waka,nk’urubeya rukomeye.7Amazi menshi ntashobora kuzimya urukundo;inzuzi ntizishobora kuruzimanganya.Niyo umuntu yotangaivyo atunze vyose mu nzu yiwe ngo agure urukundo,yogawa rwose.8Dufise murumuna wacu,kandi amabere yiwe ntarasonga.Mbega tuzokorera iki murumuna wacuku musi azogira ubukwe?9Niyaba ari uruzitiro,tuzokwubaka iminara y’ifeza kuri we.Niyaba ari urugi,tuzomwugaza ibihindizo vy’amasederi.10Ndi uruzitiro,kandi amabere yanje ni nk’iminara.Ni co gituma mu maso yiwe nabayenk’uwuzana akaneza.11Salomo yari afise uruzabibu i Bayali-Hamoni,maze asigarana urwo ruzabibu abakozi biwe.Umwe wese yasabwa kuriha shekeli igihumbi  z’ifezazihuye n’ivyamwa yamuye.12Yamara uruzabibu rwanje ni urwanje ubwanje;izo shekeli igihumbi nuzigumirize, yewe Salomo.Ariko amajana abiri  ni az’abitayeho inzabibu zarwo.13Wewe uba mu mirimauri kumwe n’abagenzi bagukorera,nyumvisha ijwi ryawe!14Hunga, mukunzi wanje,umere nk’ingeregerecanke nk’inyana y’impongokaziku misozi yuzuye ibimota neza.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e