Zaburi135
1Himbaza Uhoraho.Nimuhimbaze izina ry’Uhoraho;mumuhimbaze, yemwe basavyi biwe,2mwebwe mukorera mu nzu y’Uhoraho,mu birimba vy’Ingoro y’Imana yanyu.3Nimuhimbaze Uhoraho, kuko Uhoraho ari mwiza;muririmbe mushima izina ryiwe, kuko ari vyo bihimbaye.4Kuko Uhoraho yatoranije Yakobo ngo abe uwiwe,Isirayeli ngo amubere inyegu yiwe.5Ndazi ko Uhoraho ahambaye,ko umwami wacu ahambaye asumba ibigirwamana vyose.6Uhoraho akora ibimuhimbaye vyose,mw’ijuru no mw’isi,mu biyaga no mw’idamba ryavyo.7Atuma ibicu biva ku mpera z’isi;atuma umuravyo n’imvuraagasohora umuyaga awukuye mu bubiko bwawo.8Yishe imfura zo muri Egiputa,imfura zo mu bantu n’ibikoko.9Yarungitse ibimenyetso n’ibitangaza hagati muri mwebwe, muri Egiputa,kugwanya Farawo n’abasavyi biwe.10Yatsinze hasi amahangayica abami bahambaye;11Sihoni umwami w’Abamori,Ogi umwami w’i Bashani,n’abami bose b’i Kanani;12maze atanga igihugu cabo ngo kibe umugabane,umugabane w’abantu biwe ba Isirayeli.13Izina ryawe, Uhoraho ryamaho ibihe vyose,no kuba rurangiranwa kwawe, ewe Uhoraho, uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.14Kuko Uhoraho azocira iziroranye abantu biweagirire akagongwe abasavyi biwe.15Ibigirwamana vy’amahanga ni ifeza n’inzahabu,vyakozwe n’intoke z’abantu.16Bifise akanwa, ariko ntibivuga,bifise amaso, ariko ntibibona.17Bifise amatwi, ariko ntivyumva,kandi nta mpwemu ziri mu kanwa kavyo.18Ababicura bazomera nka vyo,co kimwe n’abavyizigira bose.19Yemwe Bisirayeli mwese nimuhimbaze Uhoraho;ab’inzu ya Aroni, nimuhimbaze Uhoraho;20Ab’inzu ya Lewi, nimuhimbaze Uhoraho;abamwubaha mwese, nimuhimbaze Uhoraho.21Uhoraho ahimbarizwe i Siyoni,Uhoraho aba i Yerusalemu.Himbaza Uhoraho.
Biblica, Inc.