Yobu27

Amajambo ya nyuma ya Yobu abwira abagenzi biwe

1Maze Yobu abandanya avuga ati:2“Ndahiye ukubaho kw’Imana, yo nyene yanse kuncira urugororotse,yo yanteye kurya ku mururazi wo mu mutima.3Nkiri mu mubiri,ngihumeka impwemu z’Imana,4akanwa kanje ntikazigera kavuga ikibi,kandi ururimi rwanje ntiruzovuga ibinyoma.5Sinshobora kubemerera ko muriko muvuga ukuri.Nzokwama mpagarariye ukugororoka kwanje gushika aho nzopfira.6Nzoguma mu bugororotsi bwanje, sinzigera ndabuvamwo.Ijwi ryo mu mutima wanje nta co ryigera rinyagiriza mu kubaho kwanje.
7Umwansi wanje azomererwe nk’umunyakibi,uwungwanya na we azomererwe nk’uwugabitanya.8Mbega uwutubaha Imana yogira ivyizigiro bimeze gute Imana imuciye,ikamwaka ubugingo bwiwe?9Mbega Imana irumva amarira yabo,iyo ivyago bibashitseko?10Umuntu nk’uwo yonezerererwa Iyishoboravyose?Akama atabaza izina ry’Imana ibihe vyose?
11Reka ndabigishe ivy’ubushobozi bw’Imana,ivy’inzira z’Iyishoboravyose ntashobora guhisha.12Ko ibi vyose mwavyiboneye,ni igiki gituma muvuga amajambo atagira ifatiro?
13Iyi ni yo mpera Imana ibikiye abanyakibi,ni wo mugabane bazohabwa n’Iyishoboravyose.14Naho yoba afise abana benshi, iherezo ryabo ni ukurigitwa n’inkota.Uruvyaro rwiwe ruzokwicwa n’inzara.15Abazosigara bazohitanwa n’ibiza,nta wuzosigara wo kubagandarira,n’abapfakazi babo ntibazobaririra.16Naho yegeranya amafeza yiwe akangana n’imikungungu,akirundaniriza ivyambarwa nk’ibirundo vy’ibumba,17ivyo azokwegeranya abagororotsi ni bo bazovyambara,abatakoze ivyaha ni bo bazogabangana amafeza yiwe.18Inzu yubaka zinyoganyoga nk’iz’ibitangurirwa,ni nk’utururi tw’abarinzi.19Aryama ari umutunzi,akikangura asanga ari umworo.20Ibiteye ubwoba bimuhwikira nk’imyuzure,isegenya ikamutembana mw’ijoro.21Umuyaga wo mu buseruko uzomugurukana ntabe akiboneka,uzomukubeba umukure mu rugo rwiwe.22Uzomuhuhutirako ata mbabazi,maze ayasamvye ahunga ububasha bwawo.23Abazobibona bazokoma amashi babitamba ku muvyimba,bivugirize agahwa nibababona bakurwa mu vyabo.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e