Yeremiya18
Umubumvyi n’ibumba
1Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, rivuga riti:2“Manuka uje ku nzu y’umubumvyi, aho ni ho nzogira ico ndakubwiye.”3Nuko ndamanuka ku nzu y’umubumvyi, maze nsanga ariko arabumba.4Ariko inkono yariko arabumbamwo iryo bumba yononekarira mu ntoke ziwe; maze wa mubumvyi aca yongera kuribumbamwo iyindi nkono, ayigira uko yagomba.5Maze Uhoraho ambwira ijambo ati:6“Yemwe ab’inzu ya Isirayeli, mbega sinoshobora kubagira nk’uko uwo mubumvyi yagize?” ni ko Uhoraho avuze. “Nk’uko ibumba rimera mu ntoke z’umubumvyi, ni ko mumeze mu kuboko kwanje, yemwe ab’inzu ya Isirayeli.7Ninamenyesha ko ihanga canke ubwami bugiye kurandurwa, gusamburwa no gusangangurwa,8maze iryo hanga naburiye niryihana rikava mu bibi vyaryo, nzokwigarura sindabateze ivyago nari nateguye kubahanisha.9Kandi ikindi gihe ninamenyesha ko nzokwubaka ngashinga ihanga canke ubwami,10maze iryo hanga rigakora ibibi mu nyonga zanje ntirinyumvire, nuko nanje nzoreka kubashitsako ivyiza nari nabagereye.11Nuko rero bwira abantu b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Raba! Nateguye icago kuri mwebwe kandi nateguye kubagirira nabi. Nuko nimureke inzira zanyu mbi, umwe wese, maze mugaruke mu nzira nziza mureke n’ibikorwa vyanyu bibi.’12Ariko bazokwishura bati: ‘Oya na mba. Tuzokwibandaniriza mu migambi yacu; umwe wese azokwibandaniriza mu gukomantara kw’umutima wiwe mubi.’ ”13None rero uku ni ko Uhoraho avuze:“Nimubaze mu mahanga:ni nde yigeze yumva ikintu nk’ico?Hariho ikintu c’ubuyobe cakozwen’umukobwa wanje Isirayeli!14Mbega shelegi y’i Libanimurigera mubona yavuye ku gitandara yiberako?Amazi akanye ava muri yoarigera areka gutemba?15Ariko abantu banje baranyibagiye;baturirira ibimota neza imana zitagira ikimazi,bituma batsitara mu ngendo zabono mu nzira zabo za kera.Bituma baca mu nzira zidaharuyeno mu miharuro itubatse.16Nzohindura igihugu cabo amatongo,ahantu abantu bavugiriza agahwa;abazohaca bose bazotangarakandi bazozunguza imitwe.17Nk’uko umuyaga uhuha uvuye mu buseruko,nzobasanzaza imbere y’abansi babo;nzobatera umugongo ndabahishe mu nyonga hanjeku musi w’ivyago vyabo.”18Baravuze bati: “Nimuze, tugire imigambi yo kugwanya Yeremiya; kuko umuherezi ntazoreka kwigisha ivyagezwe, umunyabwenge ntazoreka gutanga impanuro, canke abavugishwa ngo bareke gushikiriza ijambo. Nimuze rero, tumugwanye mu kumuvuga nabi kandi ntitwumvirize ikintu na kimwe avuga.”19Nyumviriza, yewe Uhoraho;niwumve ivyo abanyagiriza bariko bavuga!20Mbega iciza cokwishurwa ikibi?Ariko banyimbiye ikinogo.Wibuke ko nahagaze imbere yawenkabavugirakugira ngo uhwamike uburake bwawe bubaveko.21Nuko rero reka abana babo bicwe n’ikigoyi;batange babe musi y’ubushobozi bw’inkota.Abagore babo nibabe ingumba n’abapfakazi;abagabo babo nibicwe,abahungu babo bicwe n’inkota mu ntambara.22Amaborogo niyumvikane mu mazu yaboaho uzozana giturumbuka abo kubatera,kuko bimvye ikinogo ngo ndakigwemwokandi banteze imitego yo mu mpisho.23Ariko wewe Uhoraho, urabiziinama bangira zo kunyica.Ntubaharire ibibi vyabocanke ngo uhanagure ivyaha vyabo imbere yawe.Nibatsitarire imbere yawe;ubagwanye mu gihe c’uburake bwawe.Biblica, Inc.