Yeremiya17

1Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma,gikorogoshowe n’isonga rya diyama,ku bisate vy’imitima yabono ku mahembe y’ibicaniro vyabo.2N’abana babo baribukaibicaniro vyabo n’inkingi za Asherabiri i ruhande y’ibiti bitotahayeno ku misozi miremire.3Umusozi wanje uri mu gihugun’ubutunzi bwanyu n’ibitayega vyanyuvyose nzobitanga bibe isahu;hamwe n’ibitabo vyanyu vyo ku misozi,kubera icaha cakorewe hose mu gihugu canyu.4Kubera icaha canyu muzotakazaishamvu yanyu nabahaye.Nzotuma muba abaja b’abansi banyumu gihugu mutazi,kuko mwakije uburake bwanje,kandi uburake bwanje buzobarurumbirako ibihe vyose.
5Uku ni ko Uhoraho avuze:“Aravumwe uwizigira umuntu,akishimira umuntu w’inyama n’amarasokandi umutima wiwe ukava k’Uhoraho.6Azoba nk’igiti kiri mu bugaragwa;ntazobona ugutera imbere kumuzako.Azoba ahagadutse ho mu bugaragwa,mu gihugu c’umunyu ata muntu ahaba.
7Ariko hahiriwe umuntu yizigira Uhoraho,ivyizigiro vyiwe bikaba muri we.8Azomera nk’igiti gitewe hafi y’amazigishorera imizi yaco mu migende y’amazi.Ntigitinya mu gihe c’ubushuhe;ibibabi vyaco bihora bitotahaye.Nticiganyira no mu mwaka w’uruzubakandi nticigera kireka kwama ivyamwa.
9Umutima uribesha kuruta ibintu vyosekandi ugwaye ingwara idakira.Ni nde yowutahura?
10Jewe Uhoraho ni jewe nsesa umutimankagera umushaha,ngo ngerere umuntu wese ibihwanye n’ingene yigenza,ibikwiranye n’ibikorwa vyiwe.”
11Nk’uko inkware ibundikira amagi itatayeni ko n’umuntu aronka ubutunzi mu buryo bubi ameze.Niyacagatiza imyaka yiwe yo kubaho,ubwo butunzi buzomuhunga,kandi kw’iherezo azoboneka ko ari igipfu.
12Hariho intebe y’icubahiro ishizwe hejuru, uhereye kw’itanguriro,iyo ni ca kibanza c’urusengero.13Yewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli,abaguta bose bazomaramara.Abagutera ibitugu bazomera nk’abanditswe mu mukungugukuko bahevye Uhoraho,ari we soko y’amazi y’ubugingo.
14Mvura, ewe Uhoraho, nca nkomera;nkiza nca nkira vy’ukuri,kuko ari wewe mpimbaza.15Baguma bambaza bati:“Ijambo ry’Uhoraho riri hehe?Nirishike none!”16Sinahunze ngo ndeke kuba umwungere wawe;urazi ko ntipfuje umusi wo kwihebura.Ibiva mu minwa yanje vyose biri imbere yawe.17Ntumbere agaterabwoba;uri ubuhungiro bwanje ku musi w’ivyago.18Abampiga nibamaramare,ariko jeho undinde kumaramara;nibagwe igihumura,ariko jeho undinde iterabwoba.Ubashitseko umusi w’ivyago;ubaranduze agatikizo incuro zibiri.

Kwitondera Isabato

19Ibi ni vyo Uhoraho yambwiye, ati: “Genda uhagarare kw’Irembo ry’Abantu, iryo umwami w’i Buyuda acamwo asohoka canke yinjira; wongere uhagarare no mu yandi marembo y’i Yerusalemu.20Ubabwire uti: ‘Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe bami b’i Buyuda namwe bantu bose b’i Buyuda na mwebwe mwese muba i Yerusalemu mugaca muri aya marembo.21Uku ni ko Uhoraho avuze: Mwiyubare ntihagire uwikorera umuzigo ku musi w’Isabato canke ngo awinjize aciye mu marembo y’i Yerusalemu.22Ntimusohore umuzigo muwukuye mu mazu yanyu canke ngo hagire igikorwa na kimwe mukora ku musi w’Isabato, ariko mwitondere Isabato kuko ari iyera, nk’uko nategetse ba sogokuruza banyu.23Ariko baranse kunyumviriza canke ngo banabishireko umutima, bagamitse amazosi banka kunyumviriza canke kwemera gutozwa indero.24Ariko nimwanyumvira, ni ko Uhoraho avuze, ntimwinjize imizigo muri iki gisagara kw’Isabato, mukitondera Isabato yera mu kutagira ico mukora kuri yo,25nuko rero abami bicara ku ntebe ya Dawidi bazoca muri aya marembo y’iki gisagara bari kumwe n’abaganwa babo. Bazokwinjira bari mu mikogote no ku mafarasi yabo, baherekejwe n’abantu b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, kandi iki gisagara kizokwama kirimwo abantu ibihe bidashira.26Abantu bazoza bavuye mu bisagara vy’i Buyuda no mu mihana ikikije Yerusalemu, no mu ntara ya Benyamini no mu kiyaya co mu burengero, no mu ntara y’imisozi y’i Negebu, bazanye amashikanwa n’ibimazi vyo guturirwa, amashikanwa y’ifu, ibimota neza vyose vy’ishimwe mu Ngoro y’Uhoraho.27Ariko nimutanyumvira ngo mwubahe Isabato ngo mureke kugira ivyo mwiremeka kuri yo mwinjira mu marembo y’i Yerusalemu ku musi w’Isabato, nuko nanje nzokwatsa umuriro udashobora kuzima mu marembo y’i Yerusalemu uzoturira ingoro zaho.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e