Kuvayo38

Bakora igicaniro co guturirirako ibimazi

1Bubaka igicaniro co guturirirako ibimazi mu giti c’ikasiya gifise uburebure n’ubwaguke bingana ku ngero z’igice c’ukuboko zitanu , n’ingero z’igice c’ukuboko zitatu z’igihagararo.2Bagiha amahembe ane mu mfuruka zine, kandi akorwa kumwe n’igicaniro, hanyuma bacomekako umwakaka.3Bakora n’ibikoresho vyose bijana n’igicaniro mu butare bw’umwakaka ari vyo vy’ibi: udukono, ivyo kuyoza umunyota, ivyo kwokoza inyama, n’ico kurahurirako umuriro.4Ico gicaniro bagikorera akayungiro,5bacura n’ibigombo vyo gufata imyamba, babitera mu mfuruka zine za ka kayungiro.6Iyo myamba bayibaje mu giti c’ikasiya, bayomekako umwakaka,7bayicisha muri vya bigombo bine biri ku mpande zibiri z’igicaniro kugira ngo ibe ari yo bazoja barakireruza. Bacubatse kimeze nk’isandugu ipfunduruye.

Bacura ibesani yo gukarabiramwo

8Bacura ibesani mu butare bw’umwakaka n’ivyo bayiterekako bikozwe mu mwakaka wavuye ku vyirore vyatanzwe n’abagore bakora mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro.

Bubaka urugo

9Bahejeje ivyo, bubaka urugo: uruhande rwo mu bumanuko rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure kandi rwari rugizwe n’ibitambara bijishwe mu nyuzi zera derere, zihinze neza.10Rukagira n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo zihagazeko mirongo ibiri bikozwe mu butare bw’umwakaka, n’imirinda icuzwe mw’ifeza hamwe n’ibifatanije izo nkingi.11Uruhande rwo mu buraruko na rwo nyene rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure, rukagira n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo ziteretseko mirongo ibiri bicuzwe mu mwakaka, rukagira imirinda icuzwe mw’ifeza, co kimwe n’ibirambitse bifatanije izo nkingi.
12Uruhande rwo mu burengero rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu , rugizwe n’ibitambara, rukagira inkingi icumi n’ivyo ziteretseko icumi bicuzwe mw’ifeza, hamwe n’imirinda icuzwe mw’ifeza, co kimwe n’ibirambitse bifatanije za nkingi.13Uruhande rwo mu buseruko, na rwo nyene rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu .14Ku ruhande rumwe rw’urwinjiriro haja igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu , n’inkingi zaco zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene;15ku rundi ruhande hari ibitambara vy’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu nyene, n’inkingi zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene.16Ibitambara vyose vyari bigize urugo vyari bijishwe mu nyuzi zera zihinze neza.17Ibiterekwako inkingi vyari bicuzwe mu butare bw’umwakaka, imirinda yose na yo yari ikozwe mw’ifeza. Ku mitwe y’inkingi hari hometseko ifeza, kandi imiringa yo gufata ibitambara yose yari ikozwe mw’ifeza.
18Ibitambara bikinga mu rwinjiriro rw’urugo vyari bijishwe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, vyakozwe n’abahinga karuhariwe. Vyari bifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure, hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’ubwaguke, co kimwe n’ibitambara bigize urugo.19Vyari biseguwe n’inkingi zine n’ivyo zihagazeko bine bikozwe mu butare bw’umwakaka, imirinda yavyo n’ibitambikwa bifatanya inkingi vyari bikozwe mw’ifeza, kandi imitwe y’inkingi yari yometseko ifeza.20Imambo zose z’Ihema hamwe n’iz’urugo rwari ruyikikuje zari zacuzwe mu butare bw’umwakaka.

Ivyakoreshejwe mu kwubaka ihema ry’ibonaniro

21Ibi ni vyo bikoresho vyakoreshejwe mu kwubaka Ihema ry’Ibonaniro, nk’uko Mose yageze ko biharurwa, Abalewi bakaba ari bo babiharuye, barongowe na Itamari mwene Aroni umuherezi.22Bezaleli mwene Uri, umwuzukuru wa Huri wo mu muryango wa Yuda, ni we yakoze ivyo Uhoraho yari yategetse Mose vyose;23Yari afatanije na Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani, umuhinga mu kwishushaniririza ivyo yakora, akaba n’umuhinga mu gutegura inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere.24Inzahabu zatanzwe nk’ishikanwa ridasanzwe zakoreshejwe mu bikorwa vyo kwubaka ihema zangana n’italanto mirongo ibiri n’icenda na shekeli amajana indwi na mirongo itatu, hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera.
25Ifeza zegeranijwe mw’ikoraniro zangana n’italanto ijana na shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo indwi na zitanu, hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera.26Izo feza zatanzwe nk’ikori n’abagabo bose baharuwe, umwe wese agatanga ingero beka imwe, ni ukuvuga igice ca shekeli, hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera. Abagabo batanze ifeza bari ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu bafise imyaka mirongo ibiri n’iyirenga.27Izo talanto ijana z’ifeza zakoreshejwe mu gucura ibitereko vyo gushingamwo inkingi ijana z’Ihema n’iza ca gitambara gikingiriye Ahera. Ibitereko ijana vyavuye mw’italanto ijana, italanto imwe ivamwo igitereko kimwe.28Bakoresheje shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo indwi na zitanu mu gucura imirinda n’ibitambikwa vyo gufatanya inkingi, izindi bazomeka ku mitwe y’inkingi.
29Ivyo mu butare bw’umwakaka vyatanzwe nk’ishikanwa ridasanzwe vyangana n’italanto mirongo indwi na shekeli ibihumbi bibiri n’amajana ane .30Ivyo vyakoreshejwe mu gucura ivyo guterekako inkingi zo ku rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro, ku gicaniro c’umwakaka hamwe n’ibikoresho bijana na co,31ivyateretsweko inkingi zigize urugo rukikuje ihema hamwe n’urwinjiriro rwaryo, n’imambo z’Ihema n’iz’urugo ruyikikuje.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e