Abalewi6

1Uhoraho abwira Mose ati:2“Umuntu niyacumura k’Uhoraho mu guhemukira umubanyi wiwe, nk’akarorero akabesha ku vyerekeye ikintu yamugwatirije, yamutijije, yamwivye canke yamurenganije,3canke agatora ivyatakaye hanyuma ntamubwize ukuri ariko akarahira abesha, canke na ho agakora icaha co kuba icabona c’ibinyoma aho kuvugisha ukuri, canke agakora icaha ico ari co cose gisa n’ivyo;4niyacumura mu buryo na bumwe muri ubwo, azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza. Aze asubize ico yivye canke yatwaye ku karenganyo, canke yari yagwatirijwe canke icari catakaye yatoye,5canke ico yari yarahiriye ibinyoma. Aze agisubize nyene co cose gikwiye, yongereko ica gatanu c’igiciro caco. Azogitange ku musi wo gutangirako ikimazi co gutunganya.6Mu gutanga ico kimazi c’indishi k’Uhoraho, aze ashire umuherezi impfizi y’intama itagira agasembwa ivuye mu mukuku kandi ifise igiciro gikwiranye n’iyo ndishi.7Uko azobe ari ko umuherezi amutangira ikimazi imbere y’Uhoraho, na we azobabarirwa ku co yakoze catumye aba uwo gutsindwa n’urubanza.”

Ikimazi giturirwa

8Uhoraho abwira Mose ati:9“Barira Aroni n’abahungu biwe uti: ‘Aya ni yo mabwirizwa agenga ibimazi vyo guturirwa: Ikimazi co guturirwa kize kigume ku gicaniro ijoro ryose gushika mu gitondo, kandi umuriro uze ugume waka ku gicaniro.10Umuherezi aze yambare impuzu ziwe zera, n’impuzu zo musi zera, hanyuma akure umunyota w’ico kimazi camaze guturirwa n’umuriro ku gicaniro awushire i ruhande y’igicaniro.11Maze azoce akura za mpuzu yambare izindi, hanyuma asohore wa munyota awujane inyuma y’aho mucumbitse awushire mu kibanza kidahumanye.12Umuriro wo ku gicaniro uze ugume waka, ntuze uzime. Mu gitondo umuherezi aze yame yongerako inkwi yongere ashireko ikimazi co guturirwa, aturire n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe.13Umuriro uze ugume waka ku gicaniro, ntuze uzime.

Ishikanwa ry’ifu

14Ibi ni vyo vyashinzwe ngo bigenge ishikanwa ry’ivyimburwa bivamwo ifu: Aroni n’abahungu biwe baze barishikanire Uhoraho imbere y’igicaniro.15Umuherezi aze ayore urushi rw’ifu inoze neza ayivange n’amavuta ya elayo hamwe n’ibimota neza, abijane ku gicaniro, hanyuma aturirire ku gicaniro ako gace kugira ngo kabe icibutso, ubumote bwiza bunezera Uhoraho.16Aroni n’abahungu biwe baze barye iyisigaye, ariko baze bayirye batayivanze n’umwambiro kandi bayirire mu kibanza cejejwe, mu rugo rw’Ihema ry’Ibonaniro.17Ntize ikaranganwe n’umwambiro. Ndayibahaye nk’umugabane wabo kuri ayo mashikanwa banshikanira. Nk’uko biri ku kimazi c’ivyaha n’ikimazi c’indishi, ico kimazi kizoba icejejwe cane.18Umuhungu wese ava mu ruvyaro rwa Aroni ashobora kukiryako. Uwo ni umugabane wiwe w’imisi yose ku mashikanwa yo guturirwa ashikaniwe Uhoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi. Ikintu cose kizokora kuri iryo shikanwa kizoba cerejwe Uhoraho.’ ”
19Uhoraho yongera kubwira Mose ati:20“Iri rize ribe ishikanwa Aroni n’abahungu biwe bazoshikanira Uhoraho ku musi bazoba barobanujwe amavuta: ic’icumi c’ingero efa y’ifu inoze neza itangwa nk’ishikanwa ry’ifu ryama ritangwa ku musi, igice caryo aze agitange mu gitondo ikindi gice ku mugoroba.21Uze uyivange n’amavuta ya elayo hanyuma uyikarange kw’ipano, hanyuma ubizane bivanze neza bishikanwe nk’ishikanwa ry’ifu riri mu tumanyu dutoduto, ribe ubumote bwiza bunezera Uhoraho.22Umuhungu wiwe azomusubirira nk’umuherezi asizwe amavuta azobe ari we aritegura. Iryo ni ishikanwa rizokwamaho kandi ritegerezwa guturirwa ryose ntihagire igisigara.23Ishikanwa ry’ifu ritanzwe n’umuherezi rize riturirwe rihere; ntirize riribweko na gatoya.”

Ikimazi gitangirwa ivyaha

24Uhoraho abarira Mose ati:25“Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: ‘Ibi ni vyo vyagezwe bigenga ikimazi gitangirwa ivyaha: ikimazi gitangirwa ivyaha kize gikerererwe imbere y’Uhoraho aho ikimazi co guturirwa gikerererwa, kizoba ari icera cane.26Umuherezi agishikanye aze akirye, akirire mu kibanza cejejwe, mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro.27Kandi ikintu cose kizokora ku nyama zaco kizoba kibaye icera, kandi amaraso yaco niyatarukira ku mpuzu, uze uyimesurire ahantu hera.28Inkono y’ibumba izoteka izo nyama izoce imenwa. Ariko nizatekwa mu nkono ikozwe mu mwakaka, ize yozwe hanyuma irongororwe mu mazi.29Umuhungu wese wo mu muryango w’uwo muherezi aze akiryeko; kizoba ari icera cane.30Ariko ikimazi c’ivyaha ntikize kiribwe igihe amaraso yaco azoba yazanywe mw’ihema ry’ibonaniro Ahera nk’ikimazi c’ivyaha. Kize giturirwe mu muriro.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e