Yeremiya20

Yeremiya na Pashuri

1Umuherezi Pashuri mwene Imeri, umukuru w’Ingoro y’Uhoraho, yumvise Yeremiya avugishwa ivyo,2aca atuma abamukubita kandi amushira mu minyororo kw’Irembo rya Benyamini riri haruguru y’Ingoro y’Uhoraho.3Bukeye bw’aho, Pashuri arekuye Yeremiya, akamukura mu minyororo, Yeremiya aca amubwira ati: “Uhereye ubu, izina ryawe Uhoraho aguhaye si Pashuri, ariko ni Magori Misabibu, ni ukuvuga uwuba mu bwoba.4Kuko uku ari ko Uhoraho avuze: ‘Nzokurungikira ibiteye ubwoba wewe na bagenzi bawe bose; kandi uzobabonesha amaso yawe ubwawe basogotwa inkota n’abansi babo. Nzotanga Abayuda bose mu maboko y’umwami w’i Babiloni, na we azobatwara i Babiloni canke abicishe inkota.5Nzotanga ubutunzi bwose bw’iki gisagara ndabuhe abansi babo, ibintu vyaho vyose, ivy’igiciro n’ibitayega vy’abami b’i Buyuda.6Nawe Pashuri n’ababa mu nzu yawe bose muzojanwa mu kinyago i Babiloni. Aho ni ho uzopfira uhambwe, wewe n’abagenzi bawe abo wavugishijweko ibinyoma.’ ”

Ugucura intimba kwa Yeremiya

7Yewe Uhoraho, warampenze, nanje ndemera;wandushije inkomezi uranesha.Nahindutse ikimaramare umusi urira;bose barantwenga.8Iyo mvuze, ndasemereramenyesha umuryano n’uguhona.None rero ijambo ry’Uhoraho ryanzaniyegutukwa no gucokorwa rikarinda rirenga.9Ariko iyo mvuze nti: “Sinzovuga ijambo ryiwecanke ngo nsubire kuvuga mw’izina ryiwe,”ijambo ryiwe rica rimera nk’umuriro mu mutima wanje,umuriro ukaka mu magufa yanje.Ndarushe no kuvyihanganira;ni ukuri, sindabishoboye.10Numva benshi bongorerana bati:“Ibiteye ubwoba impande zose!Murege! Reka tumurege!”Abagenzi banje bosebiteze ko ntirimuka, bakavuga bati:“Kumbure bomusuka;natwe tugaca tumunesha,tukamwihora.”
11Ariko Uhoraho ari kumwe nanje nk’umuhizi w’inkomezi;ni co gituma abangwanya bazotsitara,ntibazonesha.Bazotemba rwose maze bamaramare;kandi ibiteterwe vyabo ntibizokwigera vyibagiranwa.12Yewe Uhoraho Mushoboravyose, wewe usuzuma abagororotsi,ugatandukanya umutima n’umushaha,uze umpe kubona uguhora kwawe kuri bo,kuko urubanza rwanje naruguhaye.
13Ririmbira Uhoraho!Himbaza Uhoraho!Akiza ubugingo bw’umukeneabukuye mu maboko y’abanyakibi.
14Umusi navukiyeko urakavumwa!Umusi mama yamvyariyeko ntugahezagirwe!15Uwazaniye inkuru data arakavumwa,uwatumye anezerwa, akavuga ati:“Uronse umwana, umuhungu!”16Uwo muntu arakaba nk’ibisagaraUhoraho yasambuye ata kagongwe.Arakumva akaruru mu gatondo,akaruru k’intambara mu mashoka.17Kubera ko atanyishe nkiri mu nda,ngo mama ampindukire imva,ku buryo nigumira muri we ibihe vyose.18Ni kuki navutse nkava mu ndango mbone umubabaro n’amarushwakandi ngo ndangirize imisi yanje mu biteterwe?

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e