2 Abami6

Ishoka ireremba ku mazi

1Umusi umwe, umugwi w’abavugishwa baja kuraba Elisa bamubwira bati: “Ehe raba aha hantu twama dukoranira na wewe ni hato cane ntitukihakwirwa.2Reka tumanuke kuri Yorodani, umwe wese azane igiti, maze twiyubakire inzu yo gukoraniramwo.”
Elisa ababwira ati: “Egome, nimugende.”
3Umwe muri bo aramubaza ati: “None wewe ntujana n’abasavyi bawe?”
Elisa ati: “Egome, turajana.”
4Nuko bamanuka kuri Yorodani, batangura kurondera ibiti vyo kwubaka.
5Umwe muri bo ariko araca igiti, ishoka yiwe iraroka igwa mu mazi. Aca arasemerera ati: “Ndagowe mugenzi! Iyo shoka yari iyo natiye!”
6Wa muntu w’Imana aramubaza ati: “Yakorokeye he?” Ahamweretse, Elisa aca aca agashami k’igiti agaterera aho yakorokeye, ya shoka ica irareremba ku mazi.7Aramubwira ati: “Yitore.” Wa muntu aca atuma ukuboko arayitora.

Elisa ahuma amaso abasoda baje kumutera

8Igihe umwami w’i Siriya yariko aragwana na Isirayeli, yahora abwira abasoda biwe ati: “Nzoshira amakambi y’abasoda aha n’aha.”
9Maze uwo muntu w’Imana Elisa, agaca arungika intumwa ku mwami wa Isirayeli ati: “Uze wirinde ntuce mu kibanza iki n’iki, kuko abasoda b’umwami w’i Siriya ari ho bateguye gushinga ikambi yabo.”10Umwami wa Isirayeli na we agaca atohoza ivy’aho hantu uwo muntu w’Imana yavuze. Biba kenshi Elisa na we akama aburira umwami wa Isirayeli, kugira ngo yame agavye.
11Ivyo bitera umwami w’i Siriya kuraka. Atumako abakuru mu ngabo ziwe zose ababaza ati: “Ni nde muri mwebwe amena amabanga? Ni nde abwira integuro zacu umwami wa Isirayeli?”
12Umwe muri abo bakuru amwishura ati: “Nta n’umwe muri twebwe mwami nyeningoma, ariko Elisa umuvugishwa wo muri Isirayeli, ni we abwira umwami wa Isirayeli n’ijambo uvugiye ku buriri uryamako.”
13Uwo mwami na we aca ababwira ati: “Genda mubaririkize aho ari kugira ndungike abasoda kumufata.” Maze baragaruka bamubwira bati: “Ari i Dotani.”14Aca arungikayo imikogote n’amafarasi hamwe n’abasoda benshi, bagenda mw’ijoro, bakikuza igisagara.
15Umukozi wa Elisa avyutse kare mu gatondo, arasohoka, abona abasoda benshi n’amafarasi n’imikogote, bakikuje igisagara. Wa mukozi arasemerera ati: “Karabaye databuja! Mbega tubigenza gute?”
16Wa muvugishwa amubwira ati: “Ntugire ubwoba. Abari kumwe natwe basumba abari kumwe na bo.”
17Elisa aca asenga avuga ati: “Uhoraho we, ugurura amaso yiwe kugira ngo abone.” Maze Uhoraho yugurura amaso y’uwo mukozi, yunamuye amaso abona imitumba yuzuye amafarasi n’imikogote y’umuriro bikikuje Elisa.
18Abo bansi bakimanuka baza aho Elisa yari ari, aca arasenga avuga ati: “Uhoraho we, suka uruhumyi kuri abo bantu.” Nuko Uhoraho abasukako uruhumyi nk’uko Elisa abisavye.
19Elisa aca ababwira ati: “Mwafashe inzira itari yo, kandi n’igisagara bababwiye si iki. Nimunkurikire ndabatware ku wo murondera.” Nuko aca abatwara i Samariya.
20Bamaze kwinjira mu gisagara, Elisa asenga avuga ati: “Uhoraho we, ugurura amaso y’aba basoda kugira ngo babone.” Uhoraho abugurura amaso barabona, basanga bashitse hagati mu gisagara i Samariya.
21Umwami wa Isirayeli ababonye, abaza Elisa ati: “Data, ndabice? Uranyemereye ndabice?”
22Aramwishura ati: “Ntubice. Wokwicisha inkota canke umuheto abantu wafatishije amaboko? Ahubwo bahe ivyokurya ubahe n’amazi, barye hanyuma basubire kwa shebuja.”23Nuko abategurira amazimano akomeye, bahejeje kurya no kunywa aca arabarungika basubira kwa shebuja. Kuva ico gihe, imigwi y’abasuma bo muri Siriya ntiyabaye igisubira kwinjira mu gihugu ca Isirayeli.

Ikigoyi gitera i Samariya kubera kwugarizwa

24Haheze igihe, Beni-Hadadi umwami w’i Siriya akoranya ingabo ziwe zose, baja kwugariza Samariya.25Hatera inzara ikomeye mu gisagara, imara igihe kirekire gushika aho umutwe w’indogoba wagurwa shekeli mirongo umunani z’ifeza, n’ica kane n’ingero kabu y’amase y’inuma na yo kikagurwa shekeli zitanu z’ifeza.
26Umusi umwe umwami wa Isirayeli yariko aragendagenda ku ruzitiro, yumva umugore asemerera avuga ati: “Ntabara se mwami nyeningoma!”
27Umwami amwishura ati: “Nimba Uhoraho atagutabaye, jewe nokura he ico kugufashisha? Nta kintu na kimwe gisigaye. Ku mbuga yo gukubitirako ingano canke mu bwato bwo kuganiramwo umuvinyu.”28Ariko arongera amubaza ati: “Ufise ingorane nki?”
Na we amwishura ati: “Uyu mugore yambwiye ati: ‘Zana umuhungu wawe tumurye uwu musi, ejo na ho tuzorya uwanje.’
29Nuko uwiwanje turamuteka turamurya. Bukeye ndamubwira nti: ‘Zana umuhungu wawe na we tumurye.’ Ariko aca aramunyegeza.”
30Umwami yumvise amajambo y’uwo mugore, yitaburirako impuzu. Uko yagendagenda ku ruzitiro, abanyagisagara bose bamurabira hasi, bamubona yambaye igunira ryonyene.31Aravuga ati: “Imana ibimpanire, kandi bihambaye, uwu musi umutwe wa Elisa mwene Shafati niwarara ugifatanye n’ibitugu vyiwe.”
32Elisa yari yicaye i muhira iwe, ari kumwe n’abatware. Umwami aca arungika intumwa imbere yiwe, ariko bataranashika, Elisa abarira ba batware ati: “Murabona ingene uwu mwicanyi arungitse umuntu kunca umutwe! Niyashika muce mwugara umuryango, mumwugaranire hanze. Ibirenge vya shebuja ntimuvyumva inyuma yiwe?”33Akiriko arababwira ivyo, ya ntumwa iba irabashikiriye.
Umwami aravuga ati: “Uhoraho ni we aduteye aya magorwa yose. None noba nkimwitezeko iki?”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e