2 Abami17

Hoseya umwami wa nyuma wa Isirayeli

1Mu mwaka ugira mirongo ibiri Ahazi ari ku ngoma i Buyuda, Hoseya mwene Ela ni ho yaba umwami wa Isirayeli, atwara imyaka umunani aba i Samariya.2Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, ariko ntiyanganya n’abami baganje imbere yiwe.
3Shalumaneseri umwami wa Ashuri aduga gutera Hoseya, aramunesha, maze Abisirayeli bategekwa kwama batanga amashikanwa yo kwisaba menshi ku mwaka ku mwaka, bayaha Ashuri.4Mu nyuma umwami wa Ashuri amenya ko Hoseya ariko ararondera kumugarariza mu kurungika intumwa ku mwami So wa Egiputa, kugira ngo amufashe kwikura musi y’agacinyizo ka Ashuri. Ivyo vyatumye Shalumaneseri aca amufata amushira mw’ibohero.5Umwami w’i Ashuri araza atera igihugu cose ashika i Samariya, arahugariza kumara imyaka itatu.6Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, umwami wa Ashuri afata Samariya, atwara Abisirayeli bose mu buja, abimurira ahitwa Halahi mu ntara ya Gozani hafi y’uruzi Habori mu bisagara vy’Abamedi.

Ivyaha vyatumye Abisirayeli bajanwa nk’inyagano

7Ivyo vyose vyabaye kw’ihanga ry’Abisirayeli kuko bacumuye k’Uhoraho Imana yabo, yabakuye muri Egiputa, musi y’ububasha bwa Farawo umwami wa Egiputa, hanyuma bagasenga izindi mana.8Bagendeye mu ngeso z’abanyamahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo, no mu bikorwa bibi abami ba Isirayeli bigeneye gukora.9Abisirayeli bakoreye mw’ibanga n’ibindi bidahimbara Uhoraho Imana yabo. Biyubakiye ibibanza vyo gusengeramwo ku misozi mu bisagara vyose kuva ku minara y’abarinzi gushika mu bisagara vyubatswe neza.10Biyubakira ibibanza vyo gusengeramwo vy’amabuye n’inkingi za Ashera ku misozi miremire no musi y’ibiti bininibinini.11Baturirira ibimota neza ku misozi nk’amahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo. Bakoze ibibi vyinshi vyatumye Uhoraho abarakira.12Basenze ibigirwamana, kandi Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibaze bakore ikintu nk’ico.13Uhoraho yaburiye Isirayeli n’Ubuyuda aciye ku bavugishwa n’abateramyi biwe, avuga ati: “Nimuve mu nzira zanyu mbi. Mukurikize amategeko n’amabwirizwa yanje yose ari mu Vyagezwe, ivyo nahaye ba sogokuruza banyu nkongera nkabibaha nciye ku basavyi n’abavugishwa banje.”
14Ariko ntibamwumviye, bakomantaza imitima nka ba sekuruza, batigeze bemera kwizera Uhoraho Imana yabo.15Bataye amategeko yiwe hamwe n’isezerano yagiranye na ba sekuruza, hamwe n’imburi yagiye arabarungikira. Bakurikiye ibigirwamana ata co bimaze, amaherezo na bo bacika imburakimazi nka vyo. Bagendeye mu ngeso z’amahanga abakikuje, kandi Uhoraho yari yarabihanikirije ati: “Ntimuzokwigenze nk’uko bigenza,” ariko bakora ivyo Uhoraho yari yarababujije.
16Bashiburiye kure amategeko y’Uhoraho Imana yabo, bicurira ibigirwamana bibiri mw’ishusho y’impfizi, bishingira n’inkingi ya Ashera. Bunamira inyenyeri zo kw’ijuru, bongera basenga Bayali.17Bagera n’aho batanga abana babo nk’ibimazi ku bicaniro, bagendera mu bupfumu no kuraguza, biyegurira gukora ibibi mu nyonga z’Uhoraho, bituma uburake bw’Uhoraho bubaziriringira.
18Uburake bw’Uhoraho ni bwo bwatumye abirukana mu nyonga ziwe, hasigara umuryango wa Yuda wonyene.19Ariko Abayuda na bo nyene ntibagendeye mu mabwirizwa y’Uhoraho Imana yabo. Bagendeye mu nzira z’ivyaha nk’ivy’Abisirayeli.20Ni ho Uhoraho yaheba Abisirayeli, akabateza ivyago, akabarekurira mu maboko y’ababanyaga utwabo gushika n’aho abomora akabakura mu nyonga ziwe.
21Uhoraho amaze gukura Abisirayeli ku bwami bwa Dawidi, bimitse Yerobowamu mwene Nebati nk’umwami wabo. Yerobowamu akwegera Abisirayeli kure y’Uhoraho, atuma bakora ivyaha vyinshi.22Abisirayeli bagendera mu vyaha vya Yerobowamu, ntibigera babivamwo,23gushika aho Uhoraho abirukana imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugishije abasavyi biwe bose ari bo bavugishwa. Ni co catumye Abisirayeli batwarwa nk’inyagano muri Ashuri, ari na yo bakiri gushika n’ubu.

Abanyamahanga baza kuba i Samariya

24Maze umwami wa Ashuri azana abantu abakuye i Babiloni, i Kuta, muri Ava, muri Hamati n’i Sefaruvayimu, abashira mu bisagara vya Samariya, basubirira Abisirayeli. Nuko bigarurira Samariya n’ibisagara vyaho, babibamwo.25Bakihashika ntibasenga Uhoraho, bituma arungika intare zica abatari bake muri bo.26Maze haza intumwa ku mwami wa Ashuri imubwira iti: “Abantu watwaye ukabakwiragiza mu bisagara vy’i Samariya ntibazi ingene basenga imana yaho. Ni co gituma yarungitse intare muri bo, ubu zikaba ziri mu kubamara.”
27Maze umwami wa Ashuri aca atanga itegeko ati: “Nimufate umuherezi umwe mu bo mwazanye mu buja, mumurungike asubire i Samariya, yigishe abimukiyeyo ivyagezwe vy’imana y’ico gihugu.”28Nuko umuherezi umwe mu bari batwawe bava i Samariya asubirayo, aba i Beteli, yigisha ababayo gusenga Uhoraho.
29Ariko na ho nyene, imigwi itandukanye y’abanyamahanga yikorera imana zayo, mu bisagara babamwo, bashira ibigirwamana mu bibanza vyo gusengeramwo Abisirayeli bari barubatse.30Abari bavuye i Babiloni basenga Sukoti-Benoti, abavuye i Kuta bagasenga Nerugali, abavuye i Hamati na bo bagasenga Ashima.31Abari bavuye muri Awa basenga imana zabo Nibati na Tarutaki. Abari bavuye i Sefaruvayimu baturira abana babo bwite nk’ibimazi vyo gushikanira Adurameleki na Anameleki.32Barasenga Uhoraho ariko bashiraho n’abantu batandukanye babagira abaherezi bo gushikana ibimazi mu bibanza vyo gusengeramwo ku misozi.33Kandi naho basenga Uhoraho babandanije kumubangikanya no gukorera imana zabo bamwebamwe bose ukurikije ukuntu bari basanzwe babikora mu mahanga baje bavamwo.
34Kugeza n’ubu baracashishikara iyo migenzo yabo. Ntibasenga Uhoraho canke ngo bakurikize amabwirizwa, amategeko n’Ivyagezwe Uhoraho yahaye uruvyaro rwa Yakobo, uwo yahavuye yita Isirayeli.35Igihe Uhoraho yagirana isezerano n’Abisirayeli, yari yababwiye ati: “Ntimuzosenge izindi mana, ngo muzipfukamire, canke ngo muzikorere, muzishikanire n’ibimazi.36Muzosenge Uhoraho wenyene, uwabakuje muri Egiputa ukuboko kwiwe kw’inkomezi, azobe ari we wenyene musenga.37Muzokwame mukurikiza Ivyagezwe, amabwirizwa n’amategeko, ntihaze hagire izindi mana musenga.38Ntimuzokwigere mwibagira isezerano nabagiriye, ngo musenge izindi mana.39Uhoraho Imana yanyu, azobe ari we musenga wenyene, kuko ari we azobakiza abansi banyu.”
40Ariko ntibamwumviye, bigumiye mu ngeso zabo za kera.41N’abo bantu bashasha iyo basenga Uhoraho, bamubangikanya n’ibigirwamana. Kandi gushika n’ubu, abuzukuru n’abuzukuruza babo baracakora ibikorwa nk’ivya ba sekuruza.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e