Yeremiya38
Yeremiya atererwa mu kinogo kibika amazi
1Shefatiya mwene Matani, Gedaliya mwene Pashuri, Yehukali mwene Shelemiya, na Pashuri mwene Malikiya bumva ivyo Yeremiya yariko arabwira abantu bose igihe yavuga ati:2“Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Uwuzoguma muri iki gisagara wese azokwicwa n’inkota, ikigoyi canke ikiza, ariko abantu bose bazokwishikana ku Banyababiloni bazobaho. Bazokiza ubuzima bwabo, bazobaho.’3Kandi uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Iki gisagara nta kabuza kigiye gutangwa mu maboko y’ingabo z’umwami w’i Babiloni, na we azogifata.’ ”4Maze abatware baca babwira umwami bati: “Uwu mugabo akwiye kwicwa. Ariko araca intege ingabo zisigaye mu gisagara, hamwe n’abantu, kubera ibintu ariko arababwira. Uyu mugabo ntariko ararondera ineza y’aba bantu atari ukubamara.”5Umwami Zedekiya abishura ati: “Ari mu maboko yanyu, umwami nta co yokora kinyuranye n’ico mugomba.”6Nuko bafata Yeremiya bamushira mu kinogo ca Malikiya umuhungu w’umwami, cari mu rugo rw’abarinzi. Bamanura Yeremiya n’ibiziriko muri ico kinogo; nta mazi yarimwo, atari ivyondo gusa, maze Yeremiya anyikira muri ivyo vyondo.7Ariko Ebedi-Meleki, Umunyakushi, umutware yakora ku kirimba i bwami, yumva ko bataye Yeremiya muri ico kinogo. Umwami acicaye mw’Irembo rya Benyamini,8Ebedi-Meleki asohoka ava mu kirimba aramubwira ati:9“Nyakwubahwa mwami wanje, aba bantu bakoze nabi ku vyo bakoreye Yeremiya uwuvugishwa n’Imana. Bamutereye mu kinogo c’amazi, aho azokwicwa n’inzara gushika apfuye mu gihe ata vyokurya bizoba bikiri mu gisagara.”10Nuko umwami ategeka Ebedi-Meleki Umunyakushi ati: “Fata abantu mirongo itatu ubakuye ngaha mujane mukure Yeremiya uwuvugishwa muri kirya kinogo atarapfa.”11Nuko Ebedi-Meleki afata abantu bajana na we baja mu cumba cari musi y’ububiko ku kirimba. Akurayo ibihuzu vy’imishire abimanuza imigozi aho Yeremiya yari muri ca kinogo.12Ebedi-Meleki Umunyakushi abwira Yeremiya ati: “Shira ibi bihuzu vy’imishire mu kwaha kwawe ubipfundikeko ibi biziriko.” Yeremiya agira atyo,13maze baca bakwega vya biziriko bamukura muri ca kinogo. Nuko Yeremiya aguma mu rugo rw’abarinzi.Zedekiya yongera kubaza Yeremiya
14Nuko umwami Zedekiya atumako uwavugishwa Yeremiya bamumuzanira ku muryango ugira gatatu w’Ingoro y’Uhoraho. Umwami abwira Yeremiya ati: “Ngomba nkubaze ikintu, kandi ntugire ico umpisha.”15Yeremiya abwira Zedekiya ati: “Ninakwishura, ntuca unyica? Kandi naho noguha impanuro, ntiwonyumvira.”16Ariko umwami Zedekiya arahira Yeremiya mu mpisho ati: “Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima, ari we yaduhaye guhumeka, sinzokwica canke ngo ndagutange ku bagomba kukwica.”17Nuko Yeremiya abwira Zedekiya ati: “Uku ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Niwishikana ku bakuru b’ingabo z’umwami w’i Babiloni, ubuzima bwawe buzorokoka kandi iki gisagara ntikizotongozwa umuriro; wewe n’umuryango wawe muzobaho.18Ariko nutishikana ku bakuru b’ingabo z’umwami w’i Babiloni, iki gisagara kizotangwa mu maboko y’Abanyababiloni kandi bazogitongoza umuriro; kandi nawe ubwawe ntuzocika ariko uzogwa mu maboko yabo.’ ”19Umwami Zedekiya abwira Yeremiya ati: “Ndatinya Abayuda bamaze kwishikana ku Banyababiloni, kuko abo Banyababiloni bohava bandekurira mu maboko yabo na bo bakangirira nabi.”20Yeremiya amwishura ati: “Ntibazogutanga. Niwumvire Uhoraho ku vyo ndakubwiye, ni ho ivyawe bizogenda neza, ugakiza ubuzima bwawe.21Ariko niwanka kwishikana, ibi ni vyo Uhoraho yampishuriye:22Abagore bose basigaye mu kirimba c’umwami w’i Buyuda bazosohorwa bahabwe abatware b’umwami w’i Babiloni. Maze abo bagore bazokubwira bati:‘Baraguhenze kandi barakunesheje,abari abagenzi bawe bizigiwe.Ibirenge vyawe biranyitse mu vyondo;abagenzi bawe bose bagutaye.’23Abagore bawe bose n’abana bawe bazosohorwa bahabwe Abanyababiloni. Nawe ubwawe ntuzokira amaboko yabo ariko uzofatwa n’umwami w’i Babiloni; kandi iki gisagara kizotongorwa n’umuriro.”24Nuko Zedekiya abwira Yeremiya ati: “Ntubwire umuntu n’umwe ivyo tuvuganye, kuko ubikoze wopfa.25Abatware nibumva ko navuganye nawe, maze bakaza kukubaza bati: ‘Tubwire ivyo wabwiye umwami n’ivyo umwami yakubwiye; kandi ntuduhishe canke na ho tukwice,’26uze ubabwire uti: ‘Nariko ndinginga umwami ngo ntansubize mu nzu kwa Yonatani gupfirayo.’ ”27Abaganwa bose baca baja kuraba Yeremiya baramubazagiza, na we ababwira ivyo umwami yari yamutegetse vyose kuvuga. Nuko ntibasubira kugira ico bamubaza, kuko ata n’umwe yari yumvise ivyo bavuganye n’umwami.28Maze Yeremiya aguma mu rugo rw’abarinzi gushika ku musi Yerusalemu hafatiweko.Uku ni ko i Yerusalemu hafashwe:
Biblica, Inc.