Ezira10
Abantu batura icaha cabo
1Ezira agisenga yatura, arira yubamye imbere y’Ingoro y’Imana, abantu benshi b’Abisirayeli, abagabo, abagore n’abana, bakoranira aho ari. Na bo nyene bararira cane.2Nuko Shekaniya mwene Yehiyeli, umwe wo mu bakomoka kuri Elamu, abwira Ezira ati: “Ntitwabaye abizigirwa imbere y’Imana yacu mu kurongora abagore b’abanyamahangakazi dukuye mu mahanga adukikije. Ariko naho bimeze uko, haracariho ivyizigiro ku Bisirayeli.3Ubu rero, nimuze dusezeranire imbere y’Imana yacu, twemere kwirukana abo bagore bose n’abana babo, nk’uko wewe nyakwubahwa ubiduhanura n’abandi bose bahindira agashitsi imbere y’amabwirizwa y’Uhoraho Imana yacu. Kandi tubikore twisunze ivyagezwe.4Haguruka; iki kibazo kiri mu maboko yawe. Natwe turagushigikiye, komera kandi ubikore.”5Nuko Ezira aca ava hasi arahiza abakuru mu baherezi n’Abalewi n’Abisirayeli bose ngo bakore ivyo vyavuzwe. Bose bararahira.6Maze Ezira aca ava imbere y’Ingoro y’Imana aja mu cumba ca Yehohanani mwene Eliyashibu. Ari ngaho, ntiyariye ikintu na kimwe kandi ntiyanyoye n’amazi, kuko yabandanije agandaye kubera ubuhemu abavuye mu kinyago bagize.7Nuko babimenyesha mu Buyuda hose n’i Yerusalemu ngo abagarutse bavuye mu kinyago bakoranire hamwe i Yerusalemu.8Umuntu wese atashoboye kuboneka mu misi itatu yaca anyagwa itongo ryiwe, nk’uko vyari vyashinzwe n’abatware hamwe n’abakuru b’imiryango, kandi na we nyene ubwiwe agaca akurwa mw’ikoraniro ry’abagarutse bavuye mu kinyago.9Mu misi itatu, abagabo bose b’i Buyuda n’i Bubenyamini bari bakoraniye i Yerusalemu, maze ku musi wa mirongo ibiri w’ukwezi kw’icenda, abantu bose bari bicaye mu kibuga c’Ingoro y’Imana, batetemera kubera iyo ngorane hamwe rero n’imvura nyinshi.10Nuko Ezira umuherezi arahaguruka arababwira ati: “Ntimwabaye abizigirwa; mwarongoye abagore b’abanyamahangakazi, mwongereza ku bibi Abisirayeli bari barakoze.11None rero nimwaturire Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza icaha canyu, kandi mukore ivyo agomba. Mwitandukanye n’abanyamahanga mubana n’abagore mwazanye b’abanyamahangakazi.”12Ikoraniro ryose ririshura n’ijwi rirenga riti: “Uvuze ukuri! Turakora nk’uko uvuze.13Ariko hano hari abantu benshi kandi ni mu gihe c’imvura; kubera ivyo ntidushobora guhagarara hanze. Ikigeretse kuri ivyo, ibi ntibishobora gutunganywa ku musi umwe canke ibiri, kuko twakoze icaha gikomeye mu gukora ivyo.14Abatware bacu nibabikore mu gishingo c’ikoraniro ryose. Maze umuntu wese wo mu bisagara vyacu yarongoye umunyamahangakazi mu gihe kinaka cemejwe, azoze azananye n’abakuru n’abacamanza bo mu gisagara kimwe cose, kugira ngo uburake bw’inkazi bw’Imana yacu bwatewe n’iyi ngorane bushobore kutuvako.”15Yonatani mwene Asaheli na Yahizeya mwene Tikuva ni bo bonyene bagwanije iyo ngingo, bashigikiwe na Meshulamu na Shabetayi Umulewi.16Nuko abatahutse bavuye mu kinyago bakora nk’uko bagiriwe inama. Ezira umuherezi atoranya abagabo bari abakuru b’imiryango, umw’umwe mu muce w’umuryango, kandi abagabo bose babavuga mu mazina. Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’icumi baricara ngo bige ivyo bintu,17kandi kugeza ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere baraheza kwihweza ivyerekeye abagabo bose bari barongoye abagore b’abanyamahangakazi.Abatsinzwe n’icaha co kurongora abanyamahangakazi
18Mu bakomotse ku baherezi, aba bakurikira ni bo bari bararongoye abanyamahangakazi: Mu bakomoka kuri Yesuwa mwene Yozadaki, n’abavukanyi biwe ni Mayaseya, Eliyezeri, Yaribu na Gedaliya.19(Bose basezerana mu ndahiro kwirukana abagore babo, no gutanga impfizi y’intama ivuye mu mukuku ngo ibe ikimazi co kwisaba ku bw’icaha cabo.)20Mu bakomoka kuri Imeri ni Hanani na Zebadiya.21Mu bakomoka kuri Harimu ni Mayaseya, Eliya, Shemaya, Yehiyeli na Uziya.22Mu bakomoka kuri Pashuri ni Eliyowenayi, Mayaseya, Ishimayeli, Netaneli, Yozabadi na Elasa.23Mu Balewi ni Yozabadi, Shimeyi, Kelaya ari we Kelita, Petahiya, Yuda na Eliyezeri.24Mu baririmvyi ni Eliyashibu. Mu barinzi b’irembo ni Shalumu, Telemu na Uri.25Mu bakomotse ku bandi Bisirayeli: Mu bakomoka kuri Paroshi ni Ramiya, Iziya, Malikiya, Miyamini, Eliyazeri, Malikiya na Benaya.26Mu bakomoka kuri Elamu ni Mataniya, Zakariya, Yehiyeli, Abudi, Yeremoti na Eliya.27Mu bakomoka kuri Zatu ni Eliyowenayi, Eliyashibu, Mataniya, Yeremoti, Zabadi na Aziza.28Mu bakomoka kuri Bebayi ni Yehohanani, Hananiya, Zabayi na Atilayi.29Mu bakomoka kuri Bani ni Meshulamu, Maluki, Adaya, Yashubi, Sheyali na Yeremoti.30Mu bakomoka kuri Pahati-Mowabu ni Adina, Kelali, Benaya, Mayaseya, Mataniya, Bezaleli, Binuwi na Manase.31Mu bakomoka kuri Harimu ni Eliyezeri, Ishiya, Malikiya, Shemaya, Shimeyoni,32Benyamini, Maluki na Shemariya.33Mu bakomoka kuri Hashumi ni Matenayi, Matata, Zabadi, Elifeleti, Yeremayi, Manase na Shimeyi.34Mu bakomoka kuri Bani ni Mayadayi, Amuramu, Uweli,35Benaya, Bedeya, Keluhi,36Vaniya, Meremoti, Eliyashibu,37Mataniya, Matenayi na Yayasu.38Mu bakomoka kuri Binuwi ni Shimeyi,39Shelemiya, Natani, Adaya,40Makinadebayi, Shashayi, Sharayi,41Azareli, Shelemiya, Shemariya,42Shalumu, Amariya na Yosefu.43Mu bakomoka kuri Nebo ni Yeyiyeli, Matitiya, Zabadi, Zebina, Yadayi, Yoweli na Benaya.44Abo bagabo bose bari bararongoye abanyamahangakazi kandi bamwe muri bo bari bafitaniye abana n’abo bagore.Biblica, Inc.