Guharura36
Umugabane w’abakobwa ba Zelofehadi
1Abakuru b’umuryango wa Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, bari abo mu ruvyaro rwa Yosefu, baza kuvugana na Mose n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli.2Baravuga bati: “Nyakwubahwa, igihe Uhoraho yakubwira, ko uzogaburira Abisirayeli igihugu ukoresheje ubupfindo, yavuze ko uzoha umugabane w’umuvukanyi wacu Zelofehadi abakobwa biwe.3Hamwe borongorwa n’abo mu yindi miryango y’Abisirayeli; umugabane wabo woca uja mu muryango bagiyemwo, ukava ku mugabane w’umuryango wacu. Aho rero igice c’umugabane wari uwacu woba ugiye ahandi.4Umwaka wa Yubile y’Abisirayeli ushitse, umugabane wabo uzoca wegukira wa muryango barongowemwo, maze ukurwe ku mugabane wa ba sogokuru.”5Nuko Mose atanga iri tegeko ku Bisirayeli abibwiwe n’Uhoraho ati: “Ivyo ab’umuryango wa Yosefu bariko baravuga ni vyo.6Ibi ni vyo Uhoraho ategetse abakobwa ba Zelofehadi: bashobora kurongorwa n’uwo bipfuza, ariko aze abe ari uwo mu muryango wa ba sekuru.7Ntihaze hagire umugabane w’umuryango uzoja mu wundi muryango, kuko Umwisirayeli wese azogumya umugabane yahawe mu muryango wiwe.8Umukobwa wese azoragwa itongo mu muryango wose w’Abisirayeli, azotegerezwa kurongorwa mu muryango wa ba sekuru, kugira ngo Umwisirayeli wese aze agumane umugabane wa ba sekuru biwe.9Ntihaze hagire umugabane uva mu muryango ngo uje mu wundi, nuko rero umuryango wose w’Abisirayeli uze ugumye itongo warazwe.”10Nuko abakobwa ba Zelofehadi bakora nk’uko Uhoraho yategetse Mose.11Abakobwa ba Zelofehadi: Mahala, Tiriza, Hogula, Milika na Noha, barongorwa na bavyara babo bo mu muryango wa se.12Barongowe mu muryango wa Manase mwene Yosefu, maze umugabane wabo uca uguma mu muryango wa sewabo.13Ayo ni yo mategeko n’amabwirizwa Uhoraho yahaye Abisirayeli abicishije kuri Mose bari mu biyaya vy’i Mowabu ku nkombe ya Yorodani hakurya ya Yeriko.Biblica, Inc.