1 Korinto5

Ubusambanyi bwari mw’ishengero

1Narumvise ko hari ingeso y’ubusambanyi hagati muri mwebwe, ubusambanyi butaba no mu bantu batizera Imana: numvise ko hari umugabo yarongoye umugore wa se.2Kandi ikibabaje, aho gutuntuzwa n’ivyo, maze umuntu yabikoze mukamutaramura muri mwebwe, mubandanya mwishira hejuru.3N’aho ntari kumwe namwe mu buryo bw’umubiri, ndi kumwe namwe mu buryo bw’impwemu. Uwo muntu yakoze ivyo naramaze kumucira urubanza nk’aho noba ndi kumwe namwe.4Nuko rero nimwakorana mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, nanje nkabana namwe mu buryo bw’impwemu, ubushobozi bw’Umwami wacu buzoba buri hagati muri twebwe,5maze uwo muntu muze mumuhe Satani kugira ngo akamere k’icaha kiwe karanduke, ariko impwemu yiwe izorokoke ku musi w’Umwami Imana.
6Ntivyari bikwiye ko mwishira hejuru. Mbega ntimuzi ko icaha kimeze nk’umwambiro mukeya bashira mu gikandu maze kigatutumba cose?7Nimukure rero muri mwebwe umwambiro wa kera, kugira ngo mube igikandu kitagira umwambiro. Mu vy’ukuri ni co muri, kuko Kristo, umwagazi w’intama wa Pasika, yatanzwe nk’ikimazi ku bwacu.8Ni co gituma dukwiye guhimbaza uwo musi mukuru tudakoresheje imikate irimwo umwambiro wa kera, ari wo mwambiro w’ubugunge n’ubukozi bw’ikibi, ariko dukoresheje imikate itarimwo umwambiro, ari vyo kutagira uburyarya no kuba abanyakuri.
9Igihe nabandikira ubwa mbere nari nababujije kwifatanya n’abantu b’ingeso z’ubusambanyi.10Simvuga abantu bo mu b’iyi si bagendera mu ngeso z’ubusambanyi, canke ingunge, canke abasuma, canke abasenga ibigirwamana, kuko vyosaba ko muva muri iyi si kugira mushobore kwirinda abantu nk’abo.11Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya.
12Si igikorwa canje gucira urubanza abatari mw’ishengero, ariko ni igikorwa canyu gucira urubanza ababandanya bakora ivyaha bari mw’ishengero.13Imana ni yo izocira urubanza abatizera, ariko nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Nimwirukane inkozi y’ikibi iri hagati muri mwebwe.” 

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e