Zefaniya3
Ubugarariji bwa Yerusalemu no gucungurwa kwaho
1Uzobona ibara wa gisagara c’abacinyiza,bagarariza kandi banduye!2Nta n’umwe cumvira,kandi nticemera guhanwa.Nticizera Imana,kandi ntikinemera kumwegera.3Abaganwa bari imbere muri cobameze nk’intambwe ziroha;abatware baho na bo ni nk’amabingira y’umugoroba,ata kintu na kimwe asigariza ejo.4Abavugishwa baco nta co bubaha;ni abanyabinyoma.Abaherezi baco bahumanya ahera h’urusengerobakarenga ivyagezwe vy’Uhoraho ibigirankana.5Uhoraho aba muri co ni umugororotsi,nta kibi kiri muri we.Uko bukeye aca imanza zibereye,kandi uko uwundi musi uje ntarambirwa,ariko ababi ntibaterwa n’isoni.Yerusalemu yanka kwihana
6“Nahoneje amahanga menshi,nsenyagura ibihome biyakingira n’iminara yabo.Amabarabara yabo nsiga ari nk’ubugaragwa,ata muntu n’umwe akiyacamwo.Ibisagara vyabo vyarasenyutse,ni nk’ubugaragwa nta muntu aharangwa.7Yewe Yerusalemu, nariyumviriye nti:‘Mu vy’ukuri uzonyubaha,wemere gutozwa indero!’Maze ikibanza c’ubuhungiro bwabo kibone ingene kizigamwa,kandi n’ibihano vyanje vyose ntibibashikeko.Ariko na ho nyene bagumanye ishaka ryinshiryo kwama bakora ibibi.8None rero nimurindire gatoya,” ni ko Uhoraho avuze,“mu gihe gito nzohaguruka ndabagirize.Namaze gufata ingingo yo kwegeranya amahanga,kwegeranya ubwami bwose,ngo ndabimarireko ishavu,ndabasukeko uburake bwanje bwose.Isi yose izotongorwa,irigitwe n’umuriro w’ishari ryanje.Inagurwa ry’amasigarira ya Isirayeli
9Maze nzokweza iminwa y’ubwoko bwose,kugira ngo bose bashobore kwambaza izina ry’Uhoraho,bamukorere bafatanye mu nda.10Abashwiragiriye hakurya y’inzuzi zo muri Etiyopiya,abanyambaza, abasabagiye banje,bazonzanira amashikanwa.11Kuri uwo musi, wewe Yerusalemu, ntuzokwongera kumaramazwan’ibibi mwankoreye,kuko nzokura muri weweab’amanyama bishira hejuru,kandi ntimuzosubira kwishira hejuruku musozi wanje wera.12Ariko nzosigaza muri mwebweabitonda n’abaciye bugufi.Amasigarira ya Isirayeliazokwizigira izina ry’Uhoraho.13Nta kibi bazokora;nta binyoma bazovuga;ururimi rubesha,ntiruzoba mu kanwa kabo.Bazorya baryame,kandi nta n’umwe azobatera ubwoba.”14Ririmba, mukobwa w’i Siyoni we;shira ijwi hejuru, Isirayeli we!Nezerwa, uhimbarwe n’umutima wawe wose,mukobwa Yerusalemu!15Kuko Uhoraho yagukuyeko igihano,yasubije inyuma abansi bawe.Uhoraho, Imana ya Isirayeli, ari kumwe nawe;nta kibi uzosubira gutinya.16Kuri uwo musibazobwira Yerusalemubati: “Ntugire ubwoba, Siyoni;ntureke amaboko yawe ngo adendebukirwe.17Uhoraho Imana yawe ari kumwe nawe,ni umuhizi mu ntambara, ashoboye gukiza.Azogira umunezero mwinshi ku bwawe,mu rukundo rwiwe, ntazokwongera kugukankamira,ariko, azokunezererwa akoresheje indirimbo.18Nzokwegeraniriza muri weweabo bose bagandariye kubura ya misi mikuru yari yarashinzwe,ntuzongera guteterwa.19Ico gihe nzohanaabo bose babacinyiza,kandi nzokiza abacumbagira;nzokoraniriza hamwe abajanywe mu kinyago.Nzobahesha ishimwe n’icubahiromu mahanga yose aho babaye bababazwa n’ibiteterwe.20Ico gihe ni ho nzobegeraniriza hamwe;kandi ico gihe ni ho nzobatahana i muhira.Nzobahesha icubahiro n’ishimwemu mahanga yose yo kw’isi,igihe nzobasubiza ubutunzi bwanyumukavyibonera n’amaso yanyu,”ni ko Uhoraho avuze.Biblica, Inc.