Yuda1
1Jewe Yuda, umukozi wa Yesu Kristo n’umuvukanyi wa Yakobo,
Ndabandikiye mwebwe abahamagawe, mukundwa n’Imana Data kandi muzigamwe na Yesu Kristo:2Imbabazi, amahoro n’urukundo bibe muri mwebwe bigwiriye.
Ndabandikiye mwebwe abahamagawe, mukundwa n’Imana Data kandi muzigamwe na Yesu Kristo:2Imbabazi, amahoro n’urukundo bibe muri mwebwe bigwiriye.
Urubanza rw’abigisha b’ibinyoma
3Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.4Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.5Naho mwari musanzwe mubizi vyose, ndashaka kubibutsa ko Umwami Imana yatabaye ubwoko bw’Abisirayeli akabukura mu gihugu ca Egiputa, ariko hanyuma yahoneje abatizeye bo muri bo.6Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.7Kandi mwibuke Sodomu na Gomora n’ibisagara vyari bihakikije. Abantu baho bihaye gukora ivyaha vy’ubuhumbu n’ivy’ubusambanyi vy’ubwoko bwose. Ni co catumye Imana ibatangako akarorero mu kubahanisha umuriro, igabisha abantu ko hari igihano c’umuriro udashira.8Uko ni ko n’abo bantu bagendera mu ndoto zabo, bonona imibiri yabo, bagasuzugura ububasha bw’Imana bagatuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru.9Ariko na Mikayeli, Umumarayika mukuru, aho yariko araharira na Satani bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumutuka, ariko yavuze ati: “Uhoraho aguhane!”10Ariko abo bantu bo batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko bitazi ubwenge kandi ivyo bibaza ngo barazi ni vyo bibahonya.11Abo bazobona ibara! Bajanye inzira ya Kayini, bakurikira amaronko maze bagwa mu mutego Balamu yaguyemwo; bazohona kuko bagararije nka Kora.12Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.13Ibikorwa biteye isoni vyabo vyiyerekana nk’ifuro rikwiragizwa n’imipfunda yo mu kiyaga. Bameze n’inyenyeri ziyerera, zabikiwe gutererwa mu cobo c’umwijima w’umuzitanya w’ibihe bidashira.14Enoki, uwo mu runganwe rugira indwi inyuma ya Adamu, yavugishijwe kuri abo bantu ati: “Raba Uhoraho azananye n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abamarayika bera,15aje gucira imanza abantu bose, no kwemeza abanyavyaha bose ibikorwa vyo kutubaha Imana bakoze, n’ibitutsi vyose abatubaha Imana bayitutse.”16Abo bantu ni abanyamwikomo bama bidodombera abandi; bakurikira ivyipfuzo vyabo bibi; barishira hejuru kandi bakoresha amajambo meza babesha abandi mu kurondera inyungu.Imburi n’impanuro
17Ariko mweho bakundwa, mwibuke ivyo intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo zari zaravuze imbere y’igihe.18Bababwiye bati: “Mu bihe vy’iherezo hazobaho abacokoranyi bakurikira ivyipfuzo vyabo vyo kutubaha Imana.”19Abantu nk’abo ni bo babacamwo ibice, bakurikira ivyipfuzo vyabo vy’ab’isi gusa, ntibagira Mpwemu.20Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane kandi musengere muri Mpwemu Yera.21Mwizigamire mu rukundo rw’Imana mu kurindira ko Umwami wacu Yesu Kristo, mu mbabazi ziwe, abaha ubugingo budashira.22Mugirire impuhwe abakekeranya.23Mukize abandi mubakure mu muriro w’urubanza. Mwerekane imbabazi ku bandi ariko zivanze no gutinya. Yamara mwirinde no gukora ku mpuzu zandujwe n’imibiri yabo yandujwe n’ivyipfuzo vyabo bibi.Gushima Imana
24Imana irashoboye kubazigama ngo ntimugwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.25Ni yo Mana yonyene n’Umukiza wacu. Icubahiro, ubukuru, inkomezi n’ububasha bibe ivyayo, biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu, uhereye kera hose, ubu no gushitsa ibihe bidashira! Amen.Biblica, Inc.