2 Ngoma6
1Maze Salomo avuga ati: “Ewe Uhoraho, wavuze ko uba mu gicu c’umwijima w’umuzitanya.2Ariko jewe nakwubakiye Ingoro y’igitangaza, ikibanza uzokwiberamwo ibihe vyose.”3Ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rigihagaze ngaho, umwami arahindukira arabahezagira.4Maze avuga ati:
“Uhoraho, Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, we ashikije n’amaboko yiwe ivyo yari yarasezeraniye data Dawidi n’akanwa kiwe, aho yavuga ati:5‘Uhereye umusi nakuriye ubwoko bwanje mu gihugu ca Egiputa, sinigeze ntoranya igisagara na kimwe co mu miryango ya Isirayeli ngo cubakwemwo Ingoro yitirirwa izina ryanje, canke ngo ntoranye umuntu n’umwe ngo abe uwo kurongora ubwoko bwanje bw’Abisirayeli.6Ariko ubu ntoranije Yerusalemu ngo izina ryanje rihabe, kandi ntoranije Dawidi kugira ngo abe ari we aganza abantu banje b’Abisirayeli.’7Data Dawidi yari afise umugambi mu mutima wo kwubakira Ingoro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli;8ariko Uhoraho amubwira ati: ‘Wagize neza kwiyumvira kwubakira Ingoro izina ryanje,9ariko si wewe uzoyubaka. Umuhungu wawe, uwo wivyariye, ni we azokwubakira Ingoro izina ryanje.’10Uhoraho yazigamye isezerano ryiwe. Yansubije mu gishingo ca data Dawidi; none ubu nicaye ku ntebe y’ubwami bwa Isirayeli, nk’uko Uhoraho yabisezeranye, kandi nanje nubatse Ingoro yo guhesha icubahiro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli.11Aho ni ho nashize ya sandugu irimwo rya sezerano Uhoraho yagiranye n’ubwoko bw’Abisirayeli.”
“Ewe Uhoraho Mana ya Isirayeli, nta yindi Mana ihwanye nawe mw’ijuru no mw’isi, wewe uzigama isezerano wagiriye abasavyi bawe, bagukurikira n’imitima yabo yose.15Wazigamye isezerano wagiriye data Dawidi umusavyi wawe, urisezeranishije akanwa kawe, none uwu musi urishikishije amaboko yawe.16None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, zigamira umusavyi wawe Dawidi ari we data, isezerano wamugiriye, aho wavuga uti: ‘Mu ruvyaro rwawe, ntihazokwigera habura uwuba ku ngoma ya Isirayeli, nirwagendera mu Vyagezwe vyanje nk’uko wabigendeyemwo.’17None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, shitsa isezerano wasezeraniye data Dawidi umusavyi wawe.18Ariko none vy’ukuri Imana izoba hano kw’isi ibane n’abantu? Ko amajuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, udashobora kuyakwirwamwo, mbe ndareka iyi Ngoro nubatse!19Ariko wumvirize ugusenga n’ukwinginga kwanje, Uhoraho Mana yanje. Wumve ugutakamba n’ugusenga kw’umusavyi wawe ari imbere yawe.20Inyonga zawe zize zame ziri kuri iyi Ngoro ku murango no mw’ijoro, aha hantu wavuze ko uzoshira izina ryawe. Uzokwame wumva amasengesho umusavyi wawe azosengera hano hantu.21Uze wumvirize ukwinginga kw’umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli nibasenga batumbereye iyi ngoro. Uze ubumvirize uri mw’ijuru, aho uba; kandi niwabumva, ubaharire.22Umuntu niyagirira nabi mugenziwe maze bigasabwa ko bamurahiza ko atabikoze, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe kiri muri iyi Ngoro,23uze uvyumve uri mw’ijuru ucire urubanza abantu bawe. Uwakoze ikibi atsindwe, ivyo yakoze bimusubire ku mutwe kandi hatsinde uwutacumuye, umwerekane kandi bimenyekane ko ata kimwagira.24Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kuko bagucumuyeko maze bagahindukira bagahimbaza izina ryawe, bagasenga binginga imbere yawe bari muri iyi Ngoro,25uzobumve uri mw’ijuru uharire icaha c’abantu bawe b’Abisirayeli ubagarukane mu gihugu wabahaye bo na ba sekuruza.26Ijuru niryugarwa imvura ntigwe kuko abantu bawe bagucumuyeko, maze bagasenga batumbereye aha hantu bagahimbaza izina ryawe, bagahindukira bakava mu caha cabo, umaze kubateza ivyago,27uze ubumve uri mw’ijuru, uharire icaha c’abasavyi bawe, ari bo bwoko bwawe bw’Abisirayeli. Uze ubigishe inzira zawe, maze urekurire imvura mu gihugu wahaye abantu bawe kw’umugabane.28Ikigoyi canke ikiza nivyatera mu gihugu, canke akaranda canke ururyi, inzige canke ibihori, canke abansi babo bakabugariza mu gisagara kimwe mu vyo babamwo, ikiza ico ari co cose canke ingwara iyo ari yo yose nivyabashikako,29maze hakagira na bamwe bo mu Bisirayeli basenga ku bw’imibabaro yo mu mitima yabo, bakarabisha ibiganza vyabo kuri iyi Ngoro,30nawe uze wumve uri mw’ijuru, aho wibera. Uze ubaharire, kandi ugirire umuntu wese ibihwanye n’ivyo yakoze, kuko uzi imitima yabo: ni wewe wenyene uzi imitima y’abana b’abantu.31Ni ho bazogutinya bakagendera mu nzira zawe ibihe vyose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza.32Mbere n’aho yoba umunyamahanga atari uwo mu bwoko bwawe bw’Abisirayeli, ariko akaza avuye mu gihugu ca kure ku bw’izina ryawe rihambaye n’ukuboko kwawe kw’inkomezi kandi kuramvuye; niyaza akagusenga atumbereye iyi Ngoro,33uze umwumve uri mw’ijuru, aho uba, ukorere uwo munyamahanga ico azoba agusavye cose, kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye izina ryawe akwubahe, nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bakora, kandi bamenye ko iyi Ngoro nubatse yitirirwa izina ryawe.34Abantu bawe nibaja mu ntambara kugwanya abansi babo, aho uzobarungika hose, maze bakagusenga batumbereye iki gisagara watoranije n’iyi Ngoro nubakiye izina ryawe,35nuko uze wumve ugusenga kwabo no kwinginga kwabo uri mw’ijuru, ubatabare.36Nibaramuka bagucumuyeko, kuko ata muntu adacumura, hanyuma uburake bwawe bukabaziriringira, maze ukabarekurira mu maboko y’abansi babo bakabatwara nk’inyagano mu bihugu vyabo, vyaba ivya hafi canke ivya kure;37maze nibahindukira mu mitima yabo bari mu gihugu bajanywemwo nk’inyagano, bakihana bakagusaba imbabazi bari muri ico gihugu c’ababanyaze bakavuga bati: ‘twaracumuye, twakoze nabi, twakoze ivyo kwankwa urunuka’;38maze bakagaruka kuri wewe n’imitima yabo yose n’imishaha yabo yose, bari mu gihugu c’abansi babo babagize inyagano, hanyuma bagasenga baraba mu gihugu wahaye ba sekuruza babo, no ku gisagara watoranije hamwe no kuri iyi Ngoro nubakiye izina ryawe;39nuko uri mw’ijuru, aho uba, uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo, uheze ubagwanirire. Uheze uharire abantu bawe, bagucumuyeko.40None rero, Mana yanje, inyonga zawe zame kuri aha hantu kandi amatwi yawe uyashire ku gusenga kwose kuzobera aha hantu.41Nuko rero haguruka, ewe Uhoraho Mana, uze mu buruhukiro bwawe, wewe n’Isandugu, ari co kimenyetso c’inkomezi zawe. Abaherezi bawe, yewe Uhoraho Mana, nibambare agakiza kawe, abizigirwa bawe banezererwe ukugira neza kwawe.42Yewe Uhoraho Mana, ntushiburire kure uwo warobanuje amavuta. Wibuke urukundo ruhambaye wasezeraniye Dawidi umusavyi wawe.”
“Uhoraho, Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, we ashikije n’amaboko yiwe ivyo yari yarasezeraniye data Dawidi n’akanwa kiwe, aho yavuga ati:5‘Uhereye umusi nakuriye ubwoko bwanje mu gihugu ca Egiputa, sinigeze ntoranya igisagara na kimwe co mu miryango ya Isirayeli ngo cubakwemwo Ingoro yitirirwa izina ryanje, canke ngo ntoranye umuntu n’umwe ngo abe uwo kurongora ubwoko bwanje bw’Abisirayeli.6Ariko ubu ntoranije Yerusalemu ngo izina ryanje rihabe, kandi ntoranije Dawidi kugira ngo abe ari we aganza abantu banje b’Abisirayeli.’7Data Dawidi yari afise umugambi mu mutima wo kwubakira Ingoro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli;8ariko Uhoraho amubwira ati: ‘Wagize neza kwiyumvira kwubakira Ingoro izina ryanje,9ariko si wewe uzoyubaka. Umuhungu wawe, uwo wivyariye, ni we azokwubakira Ingoro izina ryanje.’10Uhoraho yazigamye isezerano ryiwe. Yansubije mu gishingo ca data Dawidi; none ubu nicaye ku ntebe y’ubwami bwa Isirayeli, nk’uko Uhoraho yabisezeranye, kandi nanje nubatse Ingoro yo guhesha icubahiro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli.11Aho ni ho nashize ya sandugu irimwo rya sezerano Uhoraho yagiranye n’ubwoko bw’Abisirayeli.”
Salomo asenga isengesho ryo gushikiriza iyo Ngoro
12Maze Salomo ahagarara imbere y’igicaniro c’Uhoraho n’imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli agorora amaboko yiwe.13Salomo yari yarubatse hagati na hagati muri rwa rugo, ahantu hataramutse ho guhagarara mu butare bw’umwakaka, hangana n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’uburebure n’ubwaguke, hakagira n’ingero z’igice c’ukuboko zitatu z’igihagararo . Ahagararaho, araheza apfukama imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli agorora amaboko ayerekeje mw’ijuru.14Nuko aravuga ati:“Ewe Uhoraho Mana ya Isirayeli, nta yindi Mana ihwanye nawe mw’ijuru no mw’isi, wewe uzigama isezerano wagiriye abasavyi bawe, bagukurikira n’imitima yabo yose.15Wazigamye isezerano wagiriye data Dawidi umusavyi wawe, urisezeranishije akanwa kawe, none uwu musi urishikishije amaboko yawe.16None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, zigamira umusavyi wawe Dawidi ari we data, isezerano wamugiriye, aho wavuga uti: ‘Mu ruvyaro rwawe, ntihazokwigera habura uwuba ku ngoma ya Isirayeli, nirwagendera mu Vyagezwe vyanje nk’uko wabigendeyemwo.’17None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, shitsa isezerano wasezeraniye data Dawidi umusavyi wawe.18Ariko none vy’ukuri Imana izoba hano kw’isi ibane n’abantu? Ko amajuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, udashobora kuyakwirwamwo, mbe ndareka iyi Ngoro nubatse!19Ariko wumvirize ugusenga n’ukwinginga kwanje, Uhoraho Mana yanje. Wumve ugutakamba n’ugusenga kw’umusavyi wawe ari imbere yawe.20Inyonga zawe zize zame ziri kuri iyi Ngoro ku murango no mw’ijoro, aha hantu wavuze ko uzoshira izina ryawe. Uzokwame wumva amasengesho umusavyi wawe azosengera hano hantu.21Uze wumvirize ukwinginga kw’umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli nibasenga batumbereye iyi ngoro. Uze ubumvirize uri mw’ijuru, aho uba; kandi niwabumva, ubaharire.22Umuntu niyagirira nabi mugenziwe maze bigasabwa ko bamurahiza ko atabikoze, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe kiri muri iyi Ngoro,23uze uvyumve uri mw’ijuru ucire urubanza abantu bawe. Uwakoze ikibi atsindwe, ivyo yakoze bimusubire ku mutwe kandi hatsinde uwutacumuye, umwerekane kandi bimenyekane ko ata kimwagira.24Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kuko bagucumuyeko maze bagahindukira bagahimbaza izina ryawe, bagasenga binginga imbere yawe bari muri iyi Ngoro,25uzobumve uri mw’ijuru uharire icaha c’abantu bawe b’Abisirayeli ubagarukane mu gihugu wabahaye bo na ba sekuruza.26Ijuru niryugarwa imvura ntigwe kuko abantu bawe bagucumuyeko, maze bagasenga batumbereye aha hantu bagahimbaza izina ryawe, bagahindukira bakava mu caha cabo, umaze kubateza ivyago,27uze ubumve uri mw’ijuru, uharire icaha c’abasavyi bawe, ari bo bwoko bwawe bw’Abisirayeli. Uze ubigishe inzira zawe, maze urekurire imvura mu gihugu wahaye abantu bawe kw’umugabane.28Ikigoyi canke ikiza nivyatera mu gihugu, canke akaranda canke ururyi, inzige canke ibihori, canke abansi babo bakabugariza mu gisagara kimwe mu vyo babamwo, ikiza ico ari co cose canke ingwara iyo ari yo yose nivyabashikako,29maze hakagira na bamwe bo mu Bisirayeli basenga ku bw’imibabaro yo mu mitima yabo, bakarabisha ibiganza vyabo kuri iyi Ngoro,30nawe uze wumve uri mw’ijuru, aho wibera. Uze ubaharire, kandi ugirire umuntu wese ibihwanye n’ivyo yakoze, kuko uzi imitima yabo: ni wewe wenyene uzi imitima y’abana b’abantu.31Ni ho bazogutinya bakagendera mu nzira zawe ibihe vyose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza.32Mbere n’aho yoba umunyamahanga atari uwo mu bwoko bwawe bw’Abisirayeli, ariko akaza avuye mu gihugu ca kure ku bw’izina ryawe rihambaye n’ukuboko kwawe kw’inkomezi kandi kuramvuye; niyaza akagusenga atumbereye iyi Ngoro,33uze umwumve uri mw’ijuru, aho uba, ukorere uwo munyamahanga ico azoba agusavye cose, kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye izina ryawe akwubahe, nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bakora, kandi bamenye ko iyi Ngoro nubatse yitirirwa izina ryawe.34Abantu bawe nibaja mu ntambara kugwanya abansi babo, aho uzobarungika hose, maze bakagusenga batumbereye iki gisagara watoranije n’iyi Ngoro nubakiye izina ryawe,35nuko uze wumve ugusenga kwabo no kwinginga kwabo uri mw’ijuru, ubatabare.36Nibaramuka bagucumuyeko, kuko ata muntu adacumura, hanyuma uburake bwawe bukabaziriringira, maze ukabarekurira mu maboko y’abansi babo bakabatwara nk’inyagano mu bihugu vyabo, vyaba ivya hafi canke ivya kure;37maze nibahindukira mu mitima yabo bari mu gihugu bajanywemwo nk’inyagano, bakihana bakagusaba imbabazi bari muri ico gihugu c’ababanyaze bakavuga bati: ‘twaracumuye, twakoze nabi, twakoze ivyo kwankwa urunuka’;38maze bakagaruka kuri wewe n’imitima yabo yose n’imishaha yabo yose, bari mu gihugu c’abansi babo babagize inyagano, hanyuma bagasenga baraba mu gihugu wahaye ba sekuruza babo, no ku gisagara watoranije hamwe no kuri iyi Ngoro nubakiye izina ryawe;39nuko uri mw’ijuru, aho uba, uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo, uheze ubagwanirire. Uheze uharire abantu bawe, bagucumuyeko.40None rero, Mana yanje, inyonga zawe zame kuri aha hantu kandi amatwi yawe uyashire ku gusenga kwose kuzobera aha hantu.41Nuko rero haguruka, ewe Uhoraho Mana, uze mu buruhukiro bwawe, wewe n’Isandugu, ari co kimenyetso c’inkomezi zawe. Abaherezi bawe, yewe Uhoraho Mana, nibambare agakiza kawe, abizigirwa bawe banezererwe ukugira neza kwawe.42Yewe Uhoraho Mana, ntushiburire kure uwo warobanuje amavuta. Wibuke urukundo ruhambaye wasezeraniye Dawidi umusavyi wawe.”
Biblica, Inc.