2 Ngoma17

Yehoshafati umwami w’i Buyuda

1Yehoshafati umuhungu wiwe aca aba umwami amusubirira ku ntebe, maze akomeza Ubuyuda kugira ngo bashobore guhangana na Isirayeli.2Ashira ingabo mu bisagara bizitijwe inzitiro, ashiraho n’ibirindiro bikomeye mu Buyuda hose no mu bisagara vy’Abefurayimu, ivyo se Asa yari yarigaruriye.
3Uhoraho yari kumwe na Yehoshafati kuko mu myaka yiwe ya mbere yagendeye mu nzira sekuruza Dawidi yari yaragendeyemwo. Ntiyasiguje za Bayali,4ahubwo yarondeye Uhoraho Imana ya se, agendera mu vyo yihanikirije, ntiyakora nk’ivyo Abisirayeli bakora.5Uhoraho aha ubwami bwiwe gukomera; kandi Abayuda bose bazanira ingabire Yehoshafati, gushika aho yabaye umutunzi, agira n’icubahiro.6Umutima wiwe warondera inzira z’Uhoraho; kandi akuraho ibibanza vyo gusengeramwo vyo mu mataba y’imisozi n’inkingi za Ashera mu Buyuda.
7Mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atuma abakuru bo mu bamukorera ari bo Beni-Hayili, Obadiya, Zakariya, Netaneli na Mikaya, ngo bigishe mu bisagara vy’i Buyuda.8Abarungikana n’Abalewi bamwe nka Shemaya, Netaniya, Zebadiya, Asaheli, Shemiramoti, Yehonatani, Adoniya, Tobiya na Tobi-Adoniya, n’abaherezi ari bo Elishama na Yehoramu.9Bigisha mu Buyuda hose, bitwaje Igitabu c’Ivyagezwe vy’Uhoraho; bazunguruka hose mu bisagara vy’i Buyuda bigisha abantu.
10Ubwoba buvuye k’Uhoraho bufata abami bose b’ibihugu bikikije Ubuyuda, ntibigera bubahuka gutera Yehoshafati.11Abafilisitiya bamwe bazanira Yehoshafati amashikanwa yo kumwisaba hamwe n’ifeza, n’Abarabu bamuzanira imikuku: impfizi z’intama ibihumbi indwi n’amajana indwi n’impene ibihumbi indwi n’amajana indwi.
12Yehoshafati arushaho kuba uwukomeye; yubaka iminara n’ibisagara vy’ububiko mu Buyuda.13Yari afise ibintu vyinshi yabitse mu bisagara binini vy’i Buyuda, ashira i Yerusalemu ingabo zimenyereye ivyo kugwana.14Uku ni ko bari barinjiye mu ngabo bakurikije uko imiryango yabo yari iri:
Mu Bayuda, hari abakuru batwara ingabo igihumbi: Adina umukuru w’ingabo, yari kumwe n’ingabo ibihumbi amajana atatu;
15uwakurikira, ni Yehohanani umukuru w’ingabo, yari kumwe n’ingabo ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani;16hagakurikira Amaziya mwene Zikuri, yitangiye igikorwa c’Uhoraho, yari kumwe n’ingabo ibihumbi amajana abiri.17Mu Babenyamini: Eliyada, umusoda w’umuhizi, yari kumwe n’abagabo bitwaje imiheto n’inkinzo ibihumbi amajana abiri;18hagakurikira Yehozabadi, yari kumwe n’ingabo zambaye ibigwanisho vy’intambara ibihumbi ijana na mirongo umunani.
19Abo ni bo bari ingabo zakorera umwami, uretse abo yari yararungitse muri vya bisagara bizitijwe inzitiro vyari mu gihugu cose c’i Buyuda.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e