Zakariya13

Ukwozwa ivyaha

1“Kuri uwo musi iriba rizotoborerwa abo mu nzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu, kugira ngo ruboze icaha n’ubuhumane.
2Kuri uwo musi, nzozimanganya abasenga ibigirwamana mu gihugu, ku buryo n’amazina yavyo atazosubira kwibukwa,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. “Nzokuraho ba kamenyi n’impwemu ihumanya mu gihugu.3Kandi nihagira n’umuntu n’umwe yongera kuvugishwa, se na nyina bamwivyariye, bazomubwira bati: ‘Ntugenda udapfuye, kuko wavuze ibinyoma mw’izina ry’Uhoraho.’ Maze abavyeyi biwe bwite ni bo bazomusogota.
4Kuri uwo musi umuntu wese avugishwa azogira isoni zo kuvuga ko yeretswe. Kandi ntibazosubira kwambara impuzu zibaranga nk’abavugishwa kugira ngo babeshe abantu.5Umwe wese azovuga ati: ‘Sindi umuvugishwa. Ndi umurimyi; mbeshejweho n’ukurima isi kuva mu buto bwanje.’6Nihagira uwubabaza ati: ‘Ivyo bikomere ku mubiri wawe vyavuye kuki?’ bazomwishura bati: ‘Ni ivyo nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje.’

Umwungere akubiswe, intama zirasanzara

7Vyuka, yewe wa nkota, ukubite umwungere wanje,ukubite urya muntu ari hafi yanje,”ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.“Kubita umwungere,intama zisanzare,nanje nzohindukiriza ukuboko kwanje kugwanya imyagazi.8Mu gihugu cose, ni ko Uhoraho avuze,babiri kuri batatu bazokwicwa;umwe muri batatu ni we azosigara.9Abo bazoba basigaye, ni bo nzocisha mu muriro;nzobamara inkamba nk’ifezandabagerageze nk’inzahabu.Bazokwambaza izina ryanjenanje nzobishura;nzovuga nti: ‘Ni abantu banje,’na bo bazovuga bati: ‘Uhoraho ni we Mana yacu.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e