Zakariya10

Uhoraho azokwitaho i Buyuda

1Nimusabe Uhoraho imvura mu gihe c’impeshi;Uhoraho ni we aganza ibicu n’imituragaro.Atanga imvura y’umuvuvu ku bantu bose,akameza ibiterwa bitotahaye mu mirima y’umuntu wese.2Ibigirwamana bivuga ibinyoma,abahamagara imizimu berekwa ibinyoma.Barotora inzozi z’ibinyoma,bakaremesha abantu mu vy’ubusabusa.Ni co gituma abantu basanzara hirya no hino nk’intamazihahazwa kubera kubura umwungere.
3“Uburake bwanje buri ku bungere,kandi nzohana abo batware;kuko Uhoraho Mushoboravyose azokwitwararikaumukuku wiwe, ari bo bantu b’i Buyuda,abahindure nk’ifarasi y’ubwibone mu ntambara.4Muri Yuda hazovamwo ibuye rigumya imfuruka,muri we hazovamwo urumambo rugumya ihema,muri we hazovamwo umuheto w’intambara,muri we hazovamwo abatware bose.5Bose hamwe bazoba nk’abahizi mu ntambarabasiribangira umwansi wabo mu vyondo vyo mu mabarabara.Bazogwana kuko Uhoraho ari kumwe na bo,kandi bazotuma abansi babo bagwanira ku mafarasi bamaramara.
6Nzoha inkomezi Yudakandi nzotabara imiryango ya Yosefu.Nzobagarukanakuko ndabagirira impuhwe.Nzomera nk’ahontigeze ndabaheba,kuko ndi Uhoraho Imana yabokandi nzobishura amasengesho yabo.7Abefurayimu bazoba nk’abahizi,kandi imitima yabo izonezerwa nk’ababorewe umuvinyu.Abana babo bazobibona bahimbarwe;imitima yabo izonezererwa Uhoraho.8Nzobahamagarandabegeranye.Vy’ukuri nzobacungura;bazoba benshi bagwire nka kera.9Naho nabasanzarije mu mahanga menshi,bazonyibuka bari mu bihugu vya kure.Kandi bo n’abana babo bazobaho,kandi bazogaruka.10Nzobagarukana ndabakure muri Egiputandabegeranye ndabakuye muri Ashuri.Nzobazana i Gileyadi n’i Libani,kandi ntibazoronka aho bakwirwa.11Bazoca mu kiyaga c’amarushwa;nzotururuza imipfunda yo mu kiyagan’i bwina h’uruzi Nili hazokwuma.Ubwibone bwa Ashuri buzotururuzwan’icumu ry’ubugabe rya Egiputa rizokurwaho.12Nzobaha inkomezi zivuye k’Uhorahokandi mw’izina ryiwe bazobaho mu mutekano,”ni ko Uhoraho avuze.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e