Rusi3

Rusi na Bowazi ku mbuga yo kugosorerako

1Umusi umwe Nawomi, inabukwe wa Rusi, aramubwira ati: “Mukobwa wanje, ntegerezwa kukuronderera urugo, ahantu uzoshobora kuronka ibigutunga.2Bowazi, shebuja wa barya bakobwa mwakorana, ni umucunguzi wacu. Muri iri joro ahava aja kugosoza sayiri ku mbuga yo kugosorerako.3Niwiyuhagire maze wisige, uheze wambare agahuzu keza kurusha izindi. Maze umanuke ku mbuga, ariko ntamenye ko ari ho uri kugeza ahejeje kurya no kunywa.4Niyaryama, urabe neza ahantu aryamye. Hanyuma uce ugenda umupfukure ibirenge vyiwe uce uryama. Azoheza akubwire ico ukwiye gukora.”
5Rusi arishura ati: “Ndakora ivyo umbwiye vyose.”6Nuko aramanuka aja ku mbuga yo kugosorerako akora ivyo inabukwe yamubwiye gukora vyose.
7Maze Bowazi ahejeje kurya no kunywa ahaze, aca aja kuryama i ruhande y’ikigunguzi c’imikama ya sayiri. Rusi aramwegera mu gacerere, apfukura ibirenge vyiwe araryama.8Ijoro rigeze hagati, sinzi icakomye uwo mugabo, arihindukiza maze asanga hari umugore aryamye ku birenge vyiwe.
9Arabaza ati: “Uri nde?”
Aravuga ati: “Ndi umuguranokazi wawe Rusi. Numpfuke igice co hepfo c’impuzu yawe, kuko uri umucunguzi w’umuryango wanje.”
10Arishura ati: “Uhoraho aguhezagire, mukobwa wanje. Ugize neza gusumba n’ubwa mbere: ntiwakurikiye abagabo bakiri bato, baba abatunze canke abakenye.11None rero, mukobwa wanje, ntutinye. Nzokora ivyo wasavye vyose. Abagabo bagenzanje bo mu gisagara bose barazi ko uri umugore w’imico myiza.12Naho vy’ukuri ndi umucunguzi, hari umucunguzi andusha kuba uwa hafi.13Guma ngaha iri joro, maze mu gitondo niyashima kugucungura, bizoba ari vyiza; azogucungura. Ariko niyo atabishima, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho jewe nzobikora. Ryama ngaha gushika mu gitondo.”
14Nuko aca aryama hafi y’ibirenge vyiwe gushika mu gitondo ca kare hatarabona neza, ata muntu yoshobora kumenya uwundi; maze Bowazi aramubwira ati: “Ntihaze hagire uwumenya ko hari umugore yaje ku mbuga yo kugosorerako.”
15Arongera aramubwira ati: “Tega uwo mwitero wambaye uwugumye.” Rusi abigira nk’uko amubwiye, maze asukamwo ingero zitandatu za sayiri aramukorera. Aca asubira mu gisagara.
16Rusi ashitse aho inabukwe ari, Nawomi aramubaza ati: “Vyagenze gute, ga mukobwa wanje?”
Nuko Rusi amudondera ivyo Bowazi yamukoreye vyose
17kandi arongerako ati: “Yampaye izi ngero zitandatu za sayiri, arambwira ati: ‘Ntuje kwa nyokobukwe iminwe misa.’ ”
18Maze Nawomi aravuga ati: “Rindira, mukobwa wanje, gushika aho umenyera iyo biherera. Kuko uwo mugabo ataza kuruhuka adatunganije iki kibazo uwu musi.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e