Ivyahishuwe15
Abamarayika indwi n’ivyago indwi
1Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana.2Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana,3baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iy’Umwagazi w’intama, bavuga bati:“Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje,Mwami, Imana Mushoboravyose.Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri,Mwami w’amahanga.4Ni nde atazogutinya ga Mwami,ngo aheshe icubahiro izina ryawe?Ni wewe wenyene wera.Amahanga yose azoza,apfukame imbere yawe agusenge,kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye.”5Hanyuma y’ivyo nca mbona mw’ijuru urusengero rurimwo ihema ry’isezerano rwuguruye.6Ba bamarayika indwi bafise ivyago indwi baca barasohoka bava mu rusengero. Bari bambaye impuzu zera derere zitanduye, bakenyeje imikanda y’inzahabu.7Kimwe mu binyabugingo gica giha ba bamarayika indwi inzavya indwi zuzuyemwo uburake bw’Imana ihoraho.8Ubwo nyene urusengero ruca rwuzura umwotsi uvuye mu cubahiro c’Imana n’ububasha bwayo, ntihaba hakigira uwushobora kwinjira muri urwo rusengero gushika ba bamarayika indwi bashikije vya vyago indwi.Biblica, Inc.