Zaburi77

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Yahawe kandi Yedutuni. Ni iya Asafu. Ni Zaburi.

1Natakambiye Uhoraho;nambaje Imana ngo inyumve.2Aho nari mu mubabaro, narondeye Imana;mw’ijoro ntarika ibiganza ubudahumeka,umushaha wanje wanka guhozwa.
3Narakwibutse, Mana, maze ndaboroga;nariyumviriye, maze umushaha wanje uradendebukirwa.4Wabujije amaso guhunyiza;kuba mu magorwa vyambujije kuvuga.5Niyumviriye ku misi ya kera,imyaka ya kera cane;6nibutse indirimbo zanje mw’ijoro.Umutima wanje urarimbura n’impwemu yanje ikibaza iti:
7“Mbega Imana izoheba umuntu ibihe vyose?Mbega ntizosubira kwerekana imbabazi ziwe?8Mbega urukundo rwayo rudashira rwaragiye akagirire?Amasezerano yiyo mbega ntakiriho?9Mbega Imana yaribagiye kugira imbabazi?Mbega uburake bwayo bwasubiriye imbabazi zayo?”
10Maze ndibwira nti: “Iki ni co kimbabaza:ni nk’aho Iyisumbavyose itakigororaukuboko kwayo kw’i buryo.”11Ariko ngaca nibuka ibikorwa vy’Uhoraho;egome cane, ndibuka ibitangaza vyawe vya kera.12Nzokwiyumvira ku bikorwa vyawenzirikane ivy’inkomezi wakoze.
13Inzira zawe, Mana zirera.Ni iyihe mana imeze nk’Imana yacu?14Uri Imana ikora ibitangaza;werekana ubushobozi bwawe mu mahanga.15Wacunguje ubwoko bwawe ukuboko kw’inkomezi,ari bo bene Yakobo na Yosefu.
16Amazi yarakubonye, ewe Mana,amazi yarakubonye ahinda agashitsi;mbere n’ibenga ry’ikiyaga rirajugumira.17Ibicu vyarekuye imvura,amajuru yasiranamwo imituragaro,imyampi yawe iraririra hirya no hino.18Umuturagaro wawe wumvikaniye mu gashururu,umuravyo wawe umurika mw’isi,isi iranyiganyiga ihinda agashitsi.19Inzira yawe yaca mu kiyaga,waciye mu mipfunda y’amazi,naho amakanda yawe atabonetse.
20Warongoye abantu bawe nk’umukukuubarongoje ukuboko kwa Mose na Aroni.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e