Zaburi5
Yahawe umukuru w’abacuraranzi bakoresha imyironge. Ni Zaburi ya Dawidi.
1Niwumvirize amajambo yanje, ewe Uhoraho,witeho ugucura intimba kwanje.2Wumve ugutaka kwanje untabare,Mwami wanje kandi Mana yanje,kuko ari wewe nsenga.3Mu gitondo wumve ijwi ryanje;mu gitondo nzana imbere yawe ivyo ngusabankarindira niteze inyishu yawe.4Nturi Imana ihimbarwa n’ikibi;kandi abanyakibi nta kibanza bafise imbere yawe.5Abibone ntibazohagararaimbere y’inyonga zawe.Wanka abakora ibibi bose;6uherengeteza abavuga ibinyoma bose.Abasesa amaraso n’ingungeWewe, Uhoraho, ubanka urunuka.7Ariko jewe, ku bw’urukundo rwawe rwinshi,ndashobora kuza mu Ngoro yawe;nkunama nubashe,ntumbereye urusengero rwawe rwera.8Ndongorera mu kugororoka kwawe, ewe Uhoraho,kuko mfise abansi.Utumbereze inzira yawe imbere yanje.9Nta kuri kuva mu kanwa kabo;umutima wabo wuzuyemwo ubugunge,umuhogo wabo ni nk’imva irangaye;indimi zabo bazivugisha ibinyoma.10Bamenyeshe ko batsinzwe, ewe Mana!Ubugunge bwabo nibubabere umutego.Ubirukane kubera ivyaha vyabo vyinshi,kuko bakugararije.11Ariko abaguhungiyeko bose banezerwe;baririmbishwe n’umunezero ibihe bidashira.Bapfuke ubakingire,kugira ngo abakunda izina ryawe bakunezerererwe.12Ni ukuri, ewe Uhoraho, ni wewe uhezagira abagororotsi;ubakikiza ukugira neza kwawe nk’inkinzo.Biblica, Inc.