Zaburi129
Ni indirimbo yo mw’iduga.
1“Barangwanije cane kuva nkiri muto.”Abisirayeli nibavuge batyo:2“Barangwanije cane kuva mu buto bwanje,ariko ntibanesheje.3Abarimyi barimye ku mugongo wanjebahaciye imirongo miremire.4Ariko Uhoraho aragororotse;yacagaguye imigozi y’abanyakibi.”5Icompa abanka Siyoni bosebagasubira inyuma bamaramaye.6Icompa bakamera nk’ivyatsi vyameze ku nzu,vyuma bitarakura;7umwimbuzi ntashobora kuvyuzuza ibiganza vyiwe,canke uwegeranya ngo aronke ivyo guteruza amaboko;8Icompa ababarengana ntibababwire bati:“Umugisha w’Uhoraho ubane na we;tubahezagiye mw’izina ry’Uhoraho.”Biblica, Inc.