Zaburi127

Ni indirimbo yo mw’iduga. Ni iya Salomo.

1Iyo Uhoraho atari we yubaka inzu,abubatsi baba baruhira ubusa.Iyo Uhoraho atari we arinze igisagara,abararirizi babera maso ubusa.2Muvyukira kare ubusamukaryama mutevye,mucumukura ngo muronke ivyokurya;kuko abo ikunda ibibahera mw’itiro.
3Abana ni umugabane uva k’Uhoraho,uruvyaro ni impera atanga.4Nk’uko imyampi imera mu kuboko kw’umuhizini ko n’abana bo mu buto bamera.5Hahiriwe umuntuyujuje umutana wiwe imyampi nk’iyo.Ntibazomaramaranibahangana n’abababuranya mu bucamanza.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e