Zaburi125
Ni indirimbo yo mw’iduga.
1Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni,udashobora kunyiganyizwa, ariko uhora ushikamye ibihe vyose.2Nk’uko imisozi ikikije Yerusalemu,ni ko Uhoraho akikije abantu biweuhereye ubu ukageza ibihe bidashira.3Icumu ry’ubugabe ry’umunyakibi ntirizokwama rishinzemu gihugu cahawe abagororotsi,kuko abagororotsi bohavabakoresha amaboko yabo ibibi.4Uhoraho, girira neza abeza,abatunganye mu mutima.5Ariko abahindukira bakaja mu nzira zigoramyeUhoraho azobirukanana n’inkozi z’ikibi.Amahoro abe kuri Isirayeli.Biblica, Inc.