Zaburi101

Ni iya Dawidi. Ni Zaburi.

1Nzoririmba ivy’urukundo rwawe n’uguca imanza zibereye;Uhoraho, nzokuririmbira ishimwe.2Nzokwitondera kugenda ntunganye;mbega uzoza iwanje ryari?Nzotunganya ivyo mu rugo rwanjemfise umutima utunganye.3Sinzokwigera nshimaikintu na kimwe kibi.Nanka ivyo abatizera bakora;sinzokwigera nifatanya na vyo.4Abanduye mu mitima bazoba kure yanje;sinzokwifatanya n’ikintu na kimwe kibi.
5Uwuvuga nabi mugenziwe wese mu mpisho,nzomuzibiza;uwufise amaso y’ubwibone n’umutima wishira hejuru,sinzomwihanganira.
6Amaso yanje azoba ku bizigirwa bo mu gihugu,kugira ngo babane nanje;uwugenda atunganyeni we azonkorera.
7Nta n’umwe mu bakora ivy’ubugungeazoba mu nzu yanje;nta n’umwe avuga ibinyomaazohagarara imbere yanje.
8Uko bukeye nzokwama nziba akanwak’abanyakibi bose bo mu gihugu;nzoherengeteza abakora ibibi bosebave mu gisagara c’Uhoraho.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e