Filipi3
Kristo ni we twirata
1Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibindambira gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.2Mwirinde za mbwa, mwirinde za nkozi z’ibibi, bamwe bikebagura bakababwira ko mutegerezwa gukebwa kugira ngo mukizwe.3Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’uwu mubiri, ni twebwe twakebwe ugukebwa kw’ukuri.4Ariko, jewe noronka ivyo nishimira bivuye mu nkomezi zanje, kurusha uwari we wese. Mu vy’ukuri nimba hariho abandi bafise ibituma bishimira ibivuye mu nkomezi zabo, jewe ndabarusha.5Nakebwe ku musi ugira umunani, ndi Umwisirayeli ku bw’amaraso, ngakomoka mu muryango wa Benyamini, ndi Umuheburayo w’ukuri; ku vyerekeye ivyagezwe, ndi Umufarisayo;6ku vyerekeye ishaka, nahama ishengero, kandi ku vyerekeye ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, nta mugayo wambonekako.7Ariko ivyo n’aho nahora nibaza ko bifise agaciro, ubu ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi, kubera ivyo Kristo yakoze.8Ikirengeye ivyo vyose, n’uko ubu ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera namenye ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,9kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa no kwubahiriza ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Kuko inzira y’Imana mu kuduhindura abagororotsi imbere yayo ica ku kwizera.10Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,11kugira ngo nanje nzobe mw’izuka ry’abapfuye.12Singomba kuvuga ko ivyo maze kubishikira, canke ko maze gutunganywa rwose. Ariko, ndabandanya kugira ngo nshikire ukwo gutunganywa kwatumye Kristo Yesu amfata.13Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere.14Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.Gufatira akarorero kuri Pawulo
15Abakuze mu kwizera twese twiyumvire dutyo. Nihagira ico tutumva co kimwe, Imana izokibatahuza.16Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.17Bene Data, mumfatireko akarorero, kandi mwigire kuri abo bose bakurikiza akarorero kacu.18Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo.19Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.20Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo.21Azofata uwu mubiri wacu w’intege nke kandi upfa, akawuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.Biblica, Inc.